URURIRIMBO RWA 120
Twigane ubwitonzi bwa Kristu
-
1. Naho Yezu yaj’avuye mw’ijuru
Ntiyahahamiye kuba mukuru.
No mu bikomeye Se yamujeje
Mu mutima yamye yiyoroheje.
-
2. Abaruhijwe Yez’abahanura
Ko bokwemer’akabaremurura.
Bokwumva baruhutse barondeye
Bwa Bwami bw’Imana turorereye.
-
3. Yez’ati: ‘Twese tur’abavukana.’
Ni we mukuru, twe ntidusumbana.
Abitonda ni bo Yehov’ashaka
Bazotoran’isi nziza, yakaka.
(Raba kandi Imig. 3:34; Mat. 5:5; 23:8; Rom. 12:16.)