Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 136

Yehova aguhe impembo ikwiye

Yehova aguhe impembo ikwiye

(Rusi 2:12)

  1. 1. Yehova wa mwizigirwa arazi

    Abantu bamukorera.

    Arazi yuko har’ivyo baheba

    Kubera bamwihebera.

    Nimba warasiz’inzu n’umuryango,

    Ni Yehov’azogufasha.

    Azokuronsa rer’abavukanyi

    N’ubuzima mw’isi nshasha.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova naguh’impembo yawe.

    Erega n’Iman’ikenguruka.

    Hungira mu mababa yiwe.

    Yehova ntabesha; ni ’ntahemuka.

  2. 2. Har’igihe twumva turemerewe

    N’ubuzima twahisemwo.

    Mber’ukamengo ntako tubigenza

    Kugira ng’umus’uvemwo.

    Ivy’ukener’Iman’irabibona;

    N’Imana yumv’isengesho.

    Rya Jambo, ya mpwemu, be n’abagenzi

    Bizokurons’indemesho.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova naguh’impembo yawe.

    Erega n’Iman’ikenguruka.

    Hungira mu mababa yiwe.

    Yehova ntabesha; ni ’ntahemuka.