URURIRIMBO RWA 143
Guma ku kivi, uri maso, urindiriye
-
1. Ya Man’itegek’ibihe,
Ya yindi yitwa Yehova
Igihe kigiye kuza
C’ukw’isubizw’iteka.
(ICITABIRIZO)
Guma ku kivi kand’urindira
Kuzobaho nk’ukw’Imana
Yari yarabishatse.
-
2. Igihe cashinzwe kera;
Wa Mwan’agiye kunesha
Uwo wes’atamwerekwa;
Intsinzi ntizoteba.
(ICITABIRIZO)
Guma ku kivi kand’urindira
Kuzobaho nk’ukw’Imana
Yari yarabishatse.
-
3. Nah’ibiremwa biniha,
Ntitureka kurindira
Kubera Yehov’agira
Aduhe kwidegemvya.
(ICITABIRIZO)
Guma ku kivi kand’urindira
Kuzobaho nk’ukw’Imana
Yari yarabishatse.
(Raba kandi Mat. 25:13; Luka 12:36.)