Ku wa gatanu
“Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane”—YOSUWA 1:7
MU GITONDO
-
2:20 Ividewo y’umuziki
-
2:30 Ururirimbo No. 110 n’isengesho
-
2:40 IJAMBO RY’UMUHAGARIKIZI: Yehova ni we Sôko ry’umutima rugabo (Zaburi 28:7; 31:24; 112:7, 8; 2 Timoteyo 1:7)
-
3:10 INSIGURO Y’IBICE BITATU: Abakirisu b’ukuri barakeneye umutima rugabo
-
Kugira bamamaze (Ivyahishuwe 14:6)
-
Kugira bagume ari beranda (1 Abakorinto 16:13, 14)
-
Kugira bagume ata ho bahengamiye muri ino si (Ivyahishuwe 13:16, 17)
-
-
4:05 Ururirimbo No. 126 n’amatangazo
-
4:15 IGIKINO CO KWUMVIRIZA: “Gira umutima rugabo kandi ukomere, ukore” (1 Ngoma 28:1-20; 1 Samweli 16:1-23; 17:1-51)
-
4:45 “Ikirwanisho ico ari co cose kizocurirwa kukurwanya ntikizororanirwa” (Yesaya 54:17; Zaburi 118:5-7)
-
5:15 Ururirimbo No. 61 n’akaruhuko
KU MUHINGAMO
-
6:25 Ividewo y’umuziki
-
6:35 Ururirimbo No. 69
-
6:40 INSIGURO Y’IBICE BITANDATU: Nukore ivyotuma utsimbataza umutima rugabo
-
Aho kwihebura, nugire icizigiro (Zaburi 27:13, 14)
-
Aho kwidodomba, nutsimbataze agatima ko gukenguruka (Zaburi 27:1-3)
-
Aho kwiruhura mu buryo butabereye, niwamamaze (Zaburi 27:4)
-
Aho kwifatanya n’abagenzi babi, niwifatanye n’abagenzi beza (Zaburi 27:5; Imigani 13:20)
-
Aho kwisunga ubukerebutsi bw’isi, niwiyigishe Bibiliya (Zaburi 27:11)
-
Aho gukekeranya, nugire ukwizera (Zaburi 27:7-10)
-
-
8:10 Ururirimbo No. 55 n’amatangazo
-
8:20 INSIGURO Y’IBICE BITATU: Ivyo bahevye n’impera baronse
-
Hananiya, Mishaheli, na Azariya (Daniyeli 1:11-13; 3:27-29)
-
Akwila na Pirisila (Abaroma 16:3, 4)
-
Sitefano (Ivyakozwe 6:11, 12)
-
-
8:55 “Nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi” (Yohani 16:33; 1 Petero 2:21, 22)
-
9:15 Abasoda ba Kristu bafise umutima rugabo (2 Abakorinto 10:4, 5; Abanyefeso 6:12-18; 2 Timoteyo 2:3, 4)
-
9:50 Ururirimbo No. 22 n’isengesho ryo gusozera