Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

‘Mubwirizwa kuba abigisha.’ (Heb. 5:12) Ibaze nawe! Yehova, we Mwigisha mwiza kuruta abandi bose kw’isi no mw’ijuru, aradusaba ngo twigishe abandi ibimwerekeye. Igihe cose turonse akaryo ko kwigisha ukuri kwerekeye Yehova, haba mu muryango, mw’ishengero canke mu ndimiro, riba ari iteka rikomeye n’ibanga riremereye. Ni igiki none codufasha kuroranirwa?

Inyishu tuyisanga mu majambo intumwa Paulo yandikiye Timoteyo. Yamubwiye ati: “Ubandanye kwijukira ugusomera imbere y’abantu, uguhimiriza, ukwigisha.” Yongeyeko ati: “Niwakora ivyo uzokwikiza [ukize] n’abakwumviriza.” (1 Tim. 4:13, 16) Ubutumwa wamamaza burashobora kurokora abantu. Birahambaye rero ko uryohora ubuhanga bwawe bwo gusoma no kwigisha. Aka gatabu kagenewe kugufasha muri ivyo. Raba bimwebimwe mu bikagize:

Icigwa cose gitangurwa n’icanditswe. Ico canditswe kiba ari ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya ifitaniye isano n’ico cigwa canke akarorero k’ingene twogishira mu ngiro

Yehova ni we ‘Mwigisha Ahambaye.’ (Yes. 30:20) Naho aka gatabu kagenewe kugufasha kuryohora ubuhanga bwawe bwo gusoma no kwigisha, ntukigere wibagira ko Yehova ari we Soko ry’ubutumwa ushikiriza be n’uko ari we akwegera abantu. (Yoh. 6:44) Niwame rero usenga usaba impwemu nyeranda. Nukoreshe cane Ijambo ry’Imana. Nturondere kwininahaza, ahubwo nuninahaze Yehova. Niwihatire gutuma abakwumviriza barushiriza kumukunda.

Waratewe agateka ko kwigisha ubutumwa buhambaye kuruta ubundi bwose. Turizigiye ko uzororanirwa niwiheka ku “nkomezi Imana itanga.”​—1 Pet. 4:11.

Abigisha bagenzawe,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova