Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 11

Gushwashwanuka

Gushwashwanuka

Abaroma 12:11

INCAMAKE: Nuvugane igishika kugira utume abakwumviriza bacangamuka no kugira ubavyurire umutima wo kugira ico bakoze.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuvuge ibivuye ku mutima. Igihe utegura ikiganiro cawe, nuzirikane cane ukuntu gihambaye. Nutegure neza ivyo uzoshikiriza gushika bikunyuze, ku buryo uzobivuga bivuye ku mutima.

  • Nuzirikane abakwumviriza. Niwiyumvire ukuntu ivyo uzosoma canke ivyo uzokwigisha bizobagirira akamaro. Nurabe ukuntu wobishikiriza ku buryo barushiriza kubiha agaciro.

  • Nuvuge ucangamutse. Nuvugane igishika. Nureke mu maso hawe n’ibimenyetso vy’umubiri ugira biserure ukuntu wiyumva.