ICIGWA CA 17
Imvugo itahurika
UKO WOBIGIRA:
-
Nutegure neza ikiganiro cawe. Nutegure neza ivyiyumviro uzoshikiriza ku buryo ushobora kubisigura mu buryo bworoshe kandi mu majambo yawe bwite.
-
Nukoreshe amungane magufimagufi. Naho atari bibi gukoresha amungane maremare, nushikirize ivyiyumviro nyamukuru ukoresheje amungane magufimagufi, adomako.
-
Nusigure amajambo atamenyerewe. Nimba bishoboka, niwirinde gukoresha amajambo abakwumviriza batamenyereye. Bibaye ngombwa ko ukoresha ijambo batamenyereye, umuntu avugwa muri Bibiliya batamenyereye, ingero za kera canke imico ya kera, nuce ubisigura.