Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 04

Imana y’ukuri ni nde?

Imana y’ukuri ni nde?

Kuva kera, abantu bamye basenga imana nyinshi. Yamara Bibiliya iravuga ivyerekeye Imana “ihambaye kuruta izindi mana zose.” (2 Ngoma 2:5) None iyo Mana ni nde? Kandi ni igiki gituma iba iyihambaye kuruta izindi mana zose abantu basenga? Muri iki cigwa, nurabe ivyo iyo Mana yipfuza ko umenya ku biyerekeye.

1. Izina ry’Imana ni irihe, kandi ni igiki kitwereka ko yipfuza ko turimenya?

Muri Bibiliya, Imana iratubwira izina ryayo. Ivuga iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” (Soma Yesaya 42:5, 8.) Abahinga benshi bemera ko izina “Yehova” risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.” Yehova yipfuza ko tumenya izina ryiwe. (Kuvayo 3:15) Uti tuvyemezwa n’iki? Tuvyemezwa n’uko iryo zina riboneka muri Bibiliya incuro zirenga 7.000. a “Imana y’ukuri mu majuru hejuru no kw’isi hasi” ni yo yitwa Yehova.—Gusubira mu vyagezwe 4:39.

2. Ni ibiki Bibiliya itubwira ku vyerekeye Yehova?

Hari ivyitwa imana vyinshi abantu basenga. Ariko Bibiliya ivuga ko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri. Uti kubera iki? Hariho imvo zitari nke. Yehova ni we Segaba w’ibiriho vyose. Ku bw’ivyo, ni we wenyene “Musumbavyose kw’isi yose.” (Soma Zaburi 83:18.) Ni “Mushoboravyose,” ivyo bikaba bisobanura ko afise ububasha bwo gukora ikintu cose ashaka. Ni we ‘yaremye’ ijuru n’isi n’ibiriho vyose. (Ivyahishuwe 4:8, 11) Yehova ni we wenyene yamyeho kandi azokwamaho.—Zaburi 90:2.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe itandukaniro riri hagati y’amazina y’icubahiro y’Imana be n’izina ryayo ry’uruharo, twongere turabe ukuntu yahishuye izina ryayo be n’igituma yabigize.

3. Imana ifise amazina menshi y’icubahiro, ariko ifise izina ry’uruharo rimwe gusa

Kugira ubone itandukaniro riri hagati y’izina ry’icubahiro ry’umuntu be n’izina ryiwe ry’uruharo, nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni itandukaniro irihe riri hagati y’izina ry’icubahiro, nk’“Umukama,” be n’izina ry’uruharo?

Bibiliya ivuga ko abantu basenga imana nyinshi n’abakama benshi. Nimusome Zaburi 136:1-3, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Iyo “Mana iruta izindi mana” ikaba n’“Umukama w’abakama” ni nde?

4. Yehova ashaka ko umenya izina ryiwe kandi ukarikoresha

Ni igiki cerekana ko Yehova ashaka ko umenya izina ryiwe? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Wibaza ko ari kubera iki Yehova yipfuza ko abantu bamenya izina ryiwe?

Yehova ashaka ko abantu bakoresha izina ryiwe. Nimusome Abaroma 10:13, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki bihambaye gukoresha izina ry’Imana ari ryo Yehova?

  • Wiyumva gute igihe umuntu yibutse izina ryawe kandi akariguhamagara?

  • Wibaza ko Yehova yiyumva gute igihe dukoresheje izina ryiwe?

5. Yehova ashaka ko uba umugenzi wiwe

Umukenyezi umwe wo muri Kamboje yitwa Soten yavuze ko kumenya izina ry’Imana vyatumye arushiriza kugira umunezero. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iyo videwo, kumenya izina ry’Imana vyagiriye akamaro akahe Soten?

Kugira ube umugenzi w’umuntu, ubanza kumenya izina ryiwe. Nimusome Yakobo 4:8a, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Yehova agusaba gukora iki?

  • Kumenya izina ry’Imana no kurikoresha, bigufasha gute kuba umugenzi wayo?

HARI ABAVUGA BATI: “Imana ni imwe. Rero uko uyita kwose nta co bitwaye.”

  • Ni igiki kikwemeza ko Yehova ari ryo zina ry’Imana?

  • Ni igiki cerekana ko Imana ishaka ko dukoresha izina ryayo?

INCAMAKE

Yehova ni ryo zina ry’Imana y’ukuri. Yipfuza ko tumenya izina ryiwe kandi tukarikoresha kugira tube abagenzi biwe.

Wize iki?

  • Kubera iki Yehova atandukanye n’izindi mana zose abantu basenga?

  • Kubera iki dukwiye gukoresha izina ry’Imana?

  • Ni igiki cerekana ko Yehova ashaka ko uba umugenzi wiwe?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Raba ibintu bitanu bitwemeza ko Imana ibaho.

“Imana yoba ibaho?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Raba igituma kwemera ko Imana idafise intango vyumvikana.

“Ni nde yaremye Imana?” (Umunara w’Inderetsi, 1 Myandagaro 2014)

Raba igituma dukwiye gukoresha izina ry’Imana naho tutazi ingene ryaturwa kera.

“Yehova ni nde?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Uko wita Imana kwose vyoba ata co bitwaye? Raba icemeza ko ifise izina ry’uruharo rimwe gusa.

“Imana ifise amazina angahe?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

a Ushaka ayandi makuru yerekeye insobanuro y’izina ry’Imana be n’igituma ritaboneka muri Bibiliya zimwezimwe, raba Agatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana, icigwa ca 1.