Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 07

Yehova ameze gute?

Yehova ameze gute?

Wewe uhora wiyumvira ko Yehova ameze gute? Naho ari Imana ihambaye cane, twoba tubona ko iri kure cane ku buryo tudashobora kuba abagenzi bayo? Canke wibaza ko ari ikintu gifise ububasha ariko kitagira inyiyumvo, kitigera kiryoherwa canke ngo kibabare? None mu vy’ukuri Yehova ameze gute? Mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, Yehova aratubwira bimwebimwe mu bimuranga be n’ukuntu atwitwararika.

1. Kubera iki tudashobora kubona Imana?

“Imana ni impwemu.” (Yohani 4:24) Yehova ntafise umubiri w’inyama n’amaraso nk’uwo dufise. Afise umubiri w’impwemu. Aba mw’ijuru, tukaba tudashobora kuhabona.

2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe biranga Yehova?

Naho tudashobora kubona Yehova, igihe tumenye ukuntu ameze biratuma turushiriza kumukunda. Bibiliya ivuga iti: “Yehova akunda ubutungane kandi ntazoheba intahemuka ziwe.” (Zaburi 37:28) Vyongeye Yehova ni “umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi,” na canecane ku bantu bariko barashikirwa n’ingorane. (Yakobo 5:11) “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.” (Zaburi 34:18) Wari uzi kandi ko ivyo dukora bishobora gutuma Yehova ababara canke anezerwa? Igihe umuntu ahisemwo gukora ibintu bibi biramubabaza. (Zaburi 78:40, 41) Ariko igihe umuntu ahisemwo gukora ibintu vyiza biramunezera.—Soma Imigani 27:11.

3. Yehova yerekana gute ko adukunda?

Ikintu nyamukuru kiranga Yehova ni urukundo. Nkako “Imana [ni] urukundo.” (1 Yohani 4:8) Igihe dusomye Bibiliya, turabona ko Yehova adukunda. Ariko kandi turashobora kubona ko adukunda igihe twitegereje ivyo yaremye. (Soma Ivyakozwe 14:17.) Akarorero kamwe ni ukuntu yaturemye. Yaraduhaye ubushobozi bwo kubona amabara atandukanye, kwumva umuziki n’ukunezererwa imfungurwa. Yipfuza ko duhimbarirwa ubuzima.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ikintu Yehova akoresha mu gukora ibintu bikomeye, twongere turabe ingene ameze.

4. Impwemu nyeranda ni inguvu Imana ikoresha

Kurya nyene dukoresha amaboko mu gukora, impwemu nyeranda ni yo Yehova akoresha. Bibiliya yerekana ko impwemu nyeranda atari Imana canke umuperesona, ahubwo ko ari inguvu Imana ikoresha mu gukora ibintu. Nimusome Luka 11:13 n’Ivyakozwe 2:17, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Yehova ‘azosuka’ impwemu nyeranda yiwe ku bayimusaba. None wumva impwemu nyeranda ari umuperesona, canke ni inguvu Imana ikoresha? Kubera iki wishuye gutyo?

Yehova arakoresha impwemu yiwe nyeranda mu gukora ibintu bikomeye. Nimusome Zaburi 33:6; na 2 Petero 1:20, 21, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni mu bintu bitandukanye ibihe Yehova yakoresheje impwemu yiwe nyeranda?

5. Ukuntu Yehova ameze birahimbaye cane

Naho Musa yari asanzwe ari umusavyi w’Imana adahemuka, yaripfuza kurushiriza kumenya Umuremyi wiwe. Yabwiye Imana ati: “Ndakwinginze umenyeshe inzira zawe kugira ndakumenye.” (Kuvayo 33:13) Yehova yaciye amubwira bimwebimwe mu bimuranga. Nimusome Kuvayo 34:4-6, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ibintu bimwebimwe ibihe Yehova yabwiye Musa bimuranga?

  • Ni ibiki biguhimbara cane mu biranga Yehova?

6. Yehova aritwararika abantu

Abasavyi b’Imana b’Abayuda barabaye abashumba mu Misiri. Ingorane baciyemwo zatumye Yehova yiyumva gute? Nimukurikire muri Bibiliya ico GIKINO CO KWUMVIRIZA canke musome Kuvayo 3:1-10. Nimuce muganira kuri ibi bibazo:

  • Iyi nkuru ikwigishije iki ku kuntu Yehova abona ingorane abantu barimwo?—Raba umurongo wa 7 n’uwa 8.

  • Woba wibaza ko Yehova yipfuza gufasha abantu be n’uko ashoboye kubikora? Kubera iki wishuye gutyo?

7. Ivyaremwe biratwereka ukuntu Yehova ameze

Biciye ku vyo Yehova yaremye, aratwereka ukuntu ameze. Nimurabe iyo VIDEWO. Nimusome Abaroma 1:20, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Wihweje ivyo Yehova yaremye, uca ubona ko ameze gute?

HARI ABAVUGA BATI: “Imana ntidushobora kuyibona, rero ntidushobora kuyimenya.”

  • Wewe uvyibazako iki?

  • Kubera iki wishuye gutyo?

INCAMAKE

Yehova ni impwemu, ntidushobora kumubona. Afise ibintu vyiza vyinshi bimuranga canecane urukundo.

Wize iki?

  • Kubera iki tudashobora kubona Yehova?

  • Impwemu nyeranda ni iki?

  • Ni kamere zimwezimwe izihe ziranga Yehova?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Raba ibintu bine nyamukuru biranga Yehova kugira urushirize gutahura ibimwerekeye.

“Imana imeze gute?” (Umunara w’Inderetsi No. 1 2019)

Nurabe ikimenyamenya cerekana ko Yehova ataba ahantu hose.

“Imana yoba iba hose?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe igituma Bibiliya igereranya impwemu nyeranda y’Imana n’amaboko yayo.

“Impwemu nyeranda ni iki?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Umugabo umwe w’impumyi vyaramugora kwemera ko Imana imwitwararika. Raba icatumye ahindura ivyiyumviro.

“Ubu ndashobora gufasha abandi” (Umunara w’Inderetsi, 1 Gitugutu 2015)