Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 08

Urashobora kuba umugenzi wa Yehova

Urashobora kuba umugenzi wa Yehova

Yehova yipfuza ko urushiriza kumumenya. Uti kubera iki? Kubera yizigiye ko niwarushiriza kumenya uko ameze, imigambi yiwe be n’ukuntu afata abantu bizotuma wipfuza kuba umugenzi wiwe. None vyoba bishoboka ko uba umugenzi w’Imana? (Soma Zaburi 25:14.) Wokora iki kugira ube umugenzi w’Imana? Bibiliya iratanga inyishu kuri ivyo bibazo ikongera ikatubwira igituma Yehova ari we Mugenzi mwiza cane kuruta abandi bose wogira.

1. Yehova agutera akamo ngo ukore iki?

“Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Ivyo none bisobanura iki? Yehova ariko agusaba ngo ube umugenzi wiwe. Bamwebamwe bibaza ko bidashoboka ko baba abagenzi b’Imana kubera ko badashobora kuyibona. Yamara mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, Yehova aratubwira ibintu vyose dukeneye kumenya ku bimwerekeye kugira tube abagenzi biwe. Gusoma amajambo y’Imana ari muri Bibiliya biratuma ubugenzi dufitaniye na yo burushiriza gukomera naho tutigeze tuyibona.

2. Kubera iki Yehova ari we Mugenzi mwiza kuruta abandi?

Nta muntu agukunda kuruta uko Yehova agukunda. Yipfuza ko uhimbarwa be n’uko umwitura igihe cose wipfuza ko agufasha. Akubwira ngo ‘uterere amaganya yawe yose kuri we, kuko akubabara.’ (1 Petero 5:7) Yehova yama yiteguriye gushigikira abagenzi biwe, kubahumuriza no kubumviriza.—Soma Zaburi 94:18, 19.

3. Yehova asaba iki abagenzi biwe?

Yehova arakunda abantu bose, “mugabo kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.” (Imigani 3:32) Yehova yipfuza ko abagenzi biwe bagerageza gukora ivyo ashima, bakirinda gukora ivyo yanka. Hari abibaza ko badashobora gukora ibintu vyose Yehova ashima no kwirinda ibintu vyose yanka. Ariko Yehova aradutahura. Arashima umuntu wese amukunda kandi yihatira gukora ibintu ashaka.—Zaburi 147:11; Ivyakozwe 10:34, 35.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ico twokora kugira tube abagenzi ba Yehova be n’igituma ari we Mugenzi mwiza kuruta abandi bose twogira.

4. Aburahamu yari umugenzi wa Yehova

Inkuru yo muri Bibiliya ya Aburahamu (uwitwa kandi Aburamu) iradufasha gutahura ico bisobanura kuba umugenzi w’Imana. Nimusome ivyerekeye Aburahamu mw’Itanguriro 12:1-4, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Yehova yasavye Aburahamu gukora iki?

  • Yehova yamusezeraniye iki?

  • None Aburahamu yakoze iki?

5. Ico Yehova yiteze ku bagenzi biwe

Igihe umuntu ari umugenzi wacu, akenshi tuba dufise ivyo tumwitezeko.

  • Ni nk’ibiki ushima ko abagenzi bawe bagukorera?

Nimusome 1 Yohani 5:3, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Yehova yiteze ko abagenzi biwe bakora iki?

Kugira tugamburukire Yehova, dushobora kuba dukeneye guhindura ukuntu twigenza n’ukuntu tumeze. Nimusome Yesaya 48:17, 18, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni kubera iki Yehova yipfuza ko abagenzi biwe bagira ivyo bahinduye?

Umugenzi mwiza aratwibutsa gukora ibintu bidukingira kandi bidufitiye akamaro. Na Yehova ni ko abigenza ku bagenzi biwe

6. Ivyo Yehova agirira abagenzi biwe

Yehova arafasha abagenzi biwe kwihanganira ingorane. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Yehova yafashije gute uwo yerekanywe muri iyo videwo kwihanganira ivyiyumviro bica intege?

Nimusome Yesaya 41:10, 13, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Yehova asezeranira iki abagenzi biwe?

  • Ubona Yehova ari Umugenzi mwiza? Kubera iki wishuye gutyo?

Abagenzi beza baraguserukako igihe cose ubakeneye. Na Yehova azogufasha

7. Kugira ugiranire ubugenzi na Yehova bisaba ko muyaga

Ikiyago kiratuma abantu barushiriza kuba abagenzi. Nimusome Zaburi 86:6, 11, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Tuyagira gute Yehova?

  • Na we atuyagira gute?

Turayagira Yehova igihe tumusenga, na we akatuyagira igihe dusoma Bibiliya

HARI ABAVUGA BATI: “Ntibishoboka ko umuntu aba umugenzi w’Imana kubera ata wurayibona.”

  • Ni icanditswe ikihe wokoresha kugira werekane ko bishoboka ko tuba abagenzi ba Yehova?

INCAMAKE

Yehova yipfuza ko umubera umugenzi, kandi azogufasha kubishikako.

Wize iki?

  • Yehova afasha gute abagenzi biwe?

  • Kubera iki Yehova yipfuza ko abagenzi biwe bagira ivyo bahinduye?

  • Woba wibaza ko ivyo Yehova asaba abagenzi biwe gukora bigoye cane? Kubera iki wishuye gutyo?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Kugiranira ubugenzi na Yehova vyokugirira akamaro akahe?

“Yehova ni Imana abantu bakwiye kumenya” (Umunara w’Inderetsi, 15 Ruhuhuma 2003)

Nurabe ico wokora kugira ubugenzi ufitaniye n’Imana burushirize gukomera.

“Noba umugenzi w’Imana gute?” (Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2, ikigabane ca 35)

Nurabe ukuntu umukenyezi umwe yarokowe n’ubugenzi yari afitaniye na Yehova.

“Sinashaka gupfa!” (Umunara w’Inderetsi No. 1 2017)

Niwumvirize ivyo aba bakiri bato bavuga ku bijanye n’ubugenzi bafitaniye na Yehova.

Kuba umugenzi w’Imana bisobanura iki? (1:46)