Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 12

Ni ibiki vyogufasha kuguma wiga Bibiliya?

Ni ibiki vyogufasha kuguma wiga Bibiliya?

Kwiga Bibiliya ni ngirakamaro, ariko ntivyama vyoroshe. Vyoshika ukibaza nimba uzoshobora kubandanya wiga Bibiliya. Ariko kubera iki bihambaye ko ugira akigoro ko kubandanya? Ni igiki cogufasha kwumirako naho ingorane zitabuze?

1. Kubera iki kwiga Bibiliya bihambaye?

“Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.” (Abaheburayo 4:12) Bibiliya iratubwira ukuntu Imana ibona ibintu be n’uko idukunda. Irashobora kugufasha kuronka ubumenyi, ubukerebutsi nyakuri n’icizigiro. N’igihambaye kuruta, Bibiliya irashobora kugufasha kuba umugenzi wa Yehova. Igihe wiga Bibiliya, bituma ikugirako ububasha, gutyo ubuzima bwawe bukarushiriza kumera neza.

2. Kubera iki guha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya bihambaye?

Ukuri kwo muri Bibiliya kumeze nk’itunga ry’agaciro. Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza ‘kugura ukuri ntitukugurishe.’ (Imigani 23:23) Igihe tugumije ku muzirikanyi agaciro k’ukuri kwo muri Bibiliya, turihatira kuguma tukwiga naho twohura n’intambamyi.—Soma Imigani 2:4, 5.

3. Yehova yogufasha gute kubandanya wiga Bibiliya?

Kubera ko Yehova ari Umuremyi ahambaye akaba n’umugenzi wawe, yipfuza kugufasha kwiga ibimwerekeye. Arashobora kuguha icipfuzo n’ububasha bwo kubikora. (Soma Abafilipi 2:13.) Ku bw’ivyo, bishitse ukumva umengo wohagarika kwiga canke ukabona umengo biragoye gushira mu ngiro ivyo wiga, numusabe agufashe. Nimba ukeneye inkomezi kugira ushobore gutsinda intambamyi canke kwihanganira uruhamo, arashobora kuzikuronsa. Niwame rero usenga Yehova umusaba agufashe kubandanya wiga Bibiliya.—1 Abatesalonika 5:17.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ingene wobandanya wiga Bibiliya naho woba ufise ibikorwa vyinshi canke hakaba hari abakurwanya. Turaza kandi kubona ingene Yehova yogufasha kwumirako.

4. Nuhe agaciro kwiga Bibiliya

Birashika tukabona umengo nta mwanya wo kwiga Bibiliya dufise. Ni igiki none codufasha? Nimusome Abafilipi 1:10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Wibaza ko bimwebimwe mu bintu “bihambaye kuruta ibindi” mu buzima ari ibiki?

  • Wokwerekana gute ko uha agaciro kwiga Bibiliya?

  1. Ushize umusenyi mu ndobo hanyuma ugashirayo amabuye, ayo mabuye ntakwirayo

  2. Ubanje gushiramwo amabuye, umusenyi nka wose uraronka aho uja. Muri ubwo buryo nyene, ushize imbere “ibihambaye kuruta ibindi” mu buzima bwawe, uzoshobora kubikora vyose, uronke n’umwanya wo gukora ibindi

Kwiga Bibiliya biratuma turonka ibintu vy’impwemu dukeneye, ivyo na vyo akaba ari kumenya Imana no kuyisenga. Nimusome Matayo 5:3, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ivyiza ibihe biva ku guha agaciro kwiga Bibiliya?

5. Ntutane n’akabando naho bokurwanya

Vyoshika hakagira abagerageza kuguca intege ngo ntubandanye wiga Bibiliya. Raba akarorero k’uwitwa Francesco. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, igihe Francesco yabwira incuti n’abagenzi ivyo ariko ariga, bavyakiriye gute?

  • Ni impera iyihe yaronse kubera yumiyeko?

Nimusome 2 Timoteyo 2:24, 25, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Incuti n’abagenzi bawe bakira gute ivyo uriko uriga?

  • Wisunze ico canditswe, wovyifatamwo gute hagize uwudahimbarwa n’uko uriko uriga Bibiliya? Kubera iki wishuye gutyo?

6. Niwiheke kuri Yehova kugira agufashe

Uko ubucuti dufitaniye na Yehova burushiriza gukomera, ni ko icipfuzo dufise co kumuhimbara kirushiriza kwongerekana. Ariko birashobora kutatworohera kugira ivyo duhinduye mu buzima kugira tubeho twisunga ingingo ngenderwako ziwe. Nimba ivyawe ari ukwo vyifashe, ntucike intege. Yehova azogufasha. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, ni amahinduka ayahe Jim yagize kugira ahimbare Yehova?

  • Muri iyo nkuru, ni ibiki vyagukoze ku mutima?

Nimusome Abaheburayo 11:6, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ibiki Yehova azokorera abamuronderana ubwira, ni ukuvuga abihata kugira bamumenye kandi bamuhimbare?

  • Wisunze ico canditswe, Yehova yoba ahimbarwa igihe abonye utwigoro ugira kugira wige Bibiliya? Kubera iki wishuye gutyo?

HARI UWOBAZA ATI: “Kubera iki uriko uriga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova?”

  • Womwishura gute?

INCAMAKE

Naho kwiga Bibiliya bitama vyoroshe, birashobora gutuma wiberaho ibihe bidahera. Niwiheke kuri Yehova, na we azoguha impera.

Wize iki?

  • Kubera iki ukuri kwo muri Bibiliya guhambaye kuri wewe?

  • Umaze kumenya neza “ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo,” ukwiye guca ukora iki?

  • Kubera iki bihambaye ko usaba Yehova ngo agufashe kubandanya wiga Bibiliya?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Raba ibintu bine vyafashije abatari bake gukoresha neza umwanya wabo.

“Ingene wokoresha neza umwanya wawe” (Be maso!, Ruhuhuma 2014)

Raba ingene Yehova yafashije umugore umwe yihata kugira ahimbare Imana, ariko umugabo wiwe akaba atamutahura.

Yehova aradufasha kwikorera imitwaro yacu (5:05)

Raba imihezagiro umugabo umwe yironkeye kubera umugore wiwe atatanye n’akabando.

Narasuzumye ngo ndabe ko kwari ukuri (6:30)

Rimwe na rimwe Ivyabona vya Yehova baragirizwa ko basambura ingo. Ariko none ukwo kwoba ari ukuri?

“Ivyabona vya Yehova boba basambura ingo canke barazikomeza?” (Ikiganiro co kuri jw.org)