Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 18

Ingene womenya abakirisu b’ukuri

Ingene womenya abakirisu b’ukuri

Abantu benshi bavuga ko ari abakirisu. Ariko usanga ivyo bemera atari bimwe kandi batisunga ingingo ngenderwako zimwe. None twomenya gute abakirisu b’ukuri?

1. Umukirisu w’ukuri ni iki?

Abakirisu ni abigishwa ba Yezu Kristu, ni ukuvuga abayoboke biwe. (Soma Ivyakozwe 11:26.) None berekana gute ko ari abigishwa ba Yezu? Yezu yavuze ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri.” (Yohani 8:31) Ivyo bisigura ko abakirisu b’ukuri bategerezwa kugamburuka ivyo Yezu yigishije. Ivyo Yezu yigisha vyose yabishingira ku Vyanditswe. Abakirisu b’ukuri na bo nyene bashingira ivyo bemera kuri Bibiliya.—Soma Luka 24:27.

2. Abakirisu b’ukuri bagaragaza gute urukundo?

Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Mukunda[ne] nk’uko nabakunze.” (Yohani 15:12) Yezu yerekanye gute ko akunda abigishwa biwe? Yaramarana umwanya na bo, akabaremesha akongera akabafasha. Yaremeye no guheba ubuzima bwiwe ku bwabo. (1 Yohani 3:16) N’abakirisu b’ukuri ntibakundana ku karimi gusa. Baragaragaza urukundo bafitaniye mu vyo bavuga no mu vyo bakora.

3. Ni igikorwa ikihe abakirisu b’ukuri bakora?

Yezu yarashinze igikorwa abigishwa biwe. “[Yabatumye] kwamamaza ubwami bw’Imana.” (Luka 9:2) Uretse ko abakirisu bo mu ntango bavuga ubutumwa bari mu bibanza vyo gusengeramwo, barabuvuga kandi bari mu bibanza vyahuriramwo abantu benshi no mu mihana y’abantu. (Soma Ivyakozwe 5:42; 17:17.) No muri iki gihe, abakirisu b’ukuri baramamaza ahantu hose basanga abantu. Kubera ko bakunda abantu, barakoresha umwanya wabo n’inguvu zabo mu kubabwira ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro kandi buhumuriza.—Mariko 12:31.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe itandukaniro riri hagati y’abakirisu b’ukuri be n’abandi batisunga ivyo Yezu yigishije n’akarorero yadusigiye.

4. Bararondera ukuri kwo muri Bibiliya

Abakirisu bo mu ntango baraha agaciro Ijambo ry’Imana

Abantu benshi ntibaha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya naho bavuga ko ari abakirisu. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Amadini amwamwe y’abiyita abakirisu yakoze iki kugira atume abantu batamenya ivyo Yezu yigishije?

Yezu yigisha ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Nimusome Yohani 18:37, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Nk’uko Yezu yabivuze, twomenya gute abakirisu bari “ku ruhande rw’ukuri”?

5. Baramamaza ukuri kwo muri Bibiliya

Abakirisu bo mu ntango baramamaza inkuru nziza

Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yarashinze igikorwa abayoboke biwe kandi kiracabandanya no muri iki gihe. Nimusome Matayo 28:19, 20 n’Ivyakozwe 1:8, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Igikorwa co kwamamaza gitegerezwa gukorwa gushika hehe kandi gushika ryari?

6. Barashira mu ngiro ivyo bigisha

Ni igiki catumye umugabo yitwa Tom ajijuka ko yamenye abakirisu b’ukuri? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, ni igiki catumye Tom aheba kwizigira amadini?

  • Ni igiki camujijuye ko yubuye ukuri?

Barayamaze ngo ‘Imvugo irutwa n’ingiro.’ Nimusome Matayo 7:21, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Igihambaye kuri Yezu ni igiki? Vyoba ari ivyo tuvuga ko twemera canke ni ivyo dukora?

7. Barakundana

Abakirisu bo mu ntango barakundana

Vyoba bimaze gushika abakirisu bakemera kwigura abakirisu bagenzi babo? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, ni igiki catumye Lloyd yemera kwigura umuvukanyi Johansson?

  • None ivyo si vyo abakirisu b’ukuri basabwa?

Nimusome Yohani 13:34, 35, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Abigishwa ba Yezu, ari bo bakirisu b’ukuri, bakwiye gufata gute abo badasangiye ubwoko canke ubwenegihugu?

  • Ivyo bovyerekana gute mu gihe c’intambara?

HARI ABAVUGA BATI: “Imana yemera amadini yose.”

  • Ni icanditswe ikihe wotanga cerekana ingene twomenya idini ry’ukuri?

INCAMAKE

Abakirisu b’ukuri barakurikiza ivyo Bibiliya yigisha, bakerekana urukundo rutuma bitangira abandi kandi bakamamaza ukuri kwo muri Bibiliya.

Wize iki?

  • Ibintu abakirisu b’ukuri bizera bishingiye ku ki?

  • Ni ibiki biranga abakirisu b’ukuri?

  • Ni igikorwa ikihe abakirisu b’ukuri bakora?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ibijanye n’umugwi w’abantu bihatira gukurikiza akarorero ka Yezu Kristu n’inyigisho ziwe.

Ivyabona vya Yehova ni bande? (1:13)

Raba icafashije uwahoze ari umubikira kumenya “umuryango w’abavukanyi w’ukuri.”

“Bakoresheje Bibiliya mu kwishura ibibazo vyose!” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ndamukiza 2014)

Nurabe ingene abakirisu b’ukuri bagaragariza urukundo abakirisu bagenzi babo bashikiwe n’ivyago.

Gufasha abavukanyi bashikiwe n’ivyago—Agace (3:57)

Niwirabire ingene ivyo abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe bakora bihuye neza n’ivyo abakirisu b’ukuri bo mu ntango bakora, bikaba ari na vyo Yezu yari yaravuze ko vyoranze abayoboke biwe.

“Ni ibiki biranga abakirisu b’ukuri?” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ntwarante 2012)