Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 21

Inkuru nziza iriko yamamazwa gute?

Inkuru nziza iriko yamamazwa gute?

Yehova agiye gukoresha Ubwami bwiwe kugira akureho ingorane zose dufise. Iyo ni inkuru nziza cane abantu bose bakeneye kumenya. Yezu yashaka ko abigishwa biwe babwira abantu bose iyo nkuru nziza. (Matayo 28:19, 20) None ni gute Ivyabona vya Yehova bariko barakora ivyo Yezu yabategetse?

1. Ibivugwa muri Matayo 24:14 biriko biranguka gute muri iki gihe?

Yezu yari yaravuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.” (Matayo 24:14) Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no gukora ico gikorwa gihambaye. Turiko turamamaza iyo nkuru nziza kw’isi yose mu ndimi zirenga 1.000. Kugira ico gikorwa amahero kirangurwe, bisaba utwigoro tudasanzwe no kuba gitunganijwe neza. Ntitwogishoboye tudafashijwe na Yehova.

2. Kugira twamamaze, ni utwigoro utuhe tugira?

Turamamaza ahantu hose dushobora gusanga abantu. Cokimwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, turamamaza “inzu ku nzu.” (Ivyakozwe 5:42) Ubwo buryo bwo kwamamaza buratuma dushikira abantu amamiliyoni buri mwaka. Kubera ko abantu batama bari muhira, turamamaza no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. Tuguma turondera uturyo two kubwira abandi ivyerekeye Yehova n’imigambi yiwe.

3. Ni nde afise ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza?

Abakirisu b’ukuri bose barafise ibanga ryo kubwira abandi inkuru nziza. Iryo banga turariha agaciro. Kubera ko dutahura yuko ubuzima bw’abantu buri mu kaga, turamamaza uko dushoboye kwose bivanye n’uko ivyacu vyifashe. (Soma 1 Timoteyo 4:16.) Ico gikorwa dukora ntitugihemberwa kubera ko Bibiliya ivuga iti: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Matayo 10:7, 8) Mbere n’igihe abantu batakiriye neza ubutumwa tubabwiye, tuguma twamamaza kubera ko kubigenza gutyo vyerekana ko tugamburukira Yehova. Vyongeye, biratuma ahimbarwa.

TWINJIRE MU MIZI

Nurabe utwigoro Ivyabona vya Yehova bagira kugira bamamaze kw’isi yose hamwe n’ingene Yehova adushigikira.

4. Turihata kugira dushikire abantu bose

Ivyabona vya Yehova baragira utwigoro tudasanzwe kugira bamamaze inkuru nziza ahantu hose. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni igiki kigutangaza ku bijanye n’utwigoro Ivyabona vya Yehova bagira mu kwamamaza?

Nimusome Matayo 22:39 n’Abaroma 10:13-15, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni gute igikorwa co kwamamaza cerekana ko dukunda abandi?

  • Yehova abona gute abamamaza inkuru nziza?—Raba umurongo wa 15.

5. Turi abakozi bakorana n’Imana

Hari ibintu vyinshi vyerekana ko Yehova ariko arayobora igikorwa cacu. Nk’akarorero, muri Nouvelle-Zélande hari umuvukanyi yitwa Paul yariko aramamaza inzu ku nzu ku muhingamo, maze ahura n’umukenyezi umwe. Kuri uwo musi nyene mu gitondo, uwo mukenyezi yari yasenze Imana akoresheje izina ryayo Yehova, ayisaba ko hogira umuntu amugendera. Paul avuga ati: “Haciye amasaha atatu, nari nshitse i muhira iwe.”

Nimusome 1 Abakorinto 3:9, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ico kintu cabaye muri Nouvelle-Zélande cerekana gute ko Yehova ariko arayobora igikorwa co kwamamaza?

Nimusome Ivyakozwe 1:8, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki dukeneye ko Yehova adufasha kugira twamamaze?

Wari ubizi?

Ikoraniro tugira hagati mu ndwi riratumenyereza kwamamaza. Nimba umaze kuryitaba, wabonye gute ukumenyerezwa tuharonkera?

6. Turagamburuka itegeko Imana yaduhaye ryo kwamamaza

Mu kinjana ca mbere, abarwanya abigishwa ba Yezu baragerageje kubabuza kwamamaza. Abo bakirisu bo mu ntango, baraburaniye uburenganzira bafise bwo kwamamaza inkuru nziza mu “gutuma yemerwa n’amategeko.” (Abafilipi 1:7) No muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova ni ko babigenza. a

Nimusome Ivyakozwe 5:27-42, muce muganira kuri iki kibazo:

HARI UWOBAZA ATI: “Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bamamaza inzu ku nzu?”

  • Wokwishura gute?

INCAMAKE

Yezu yategetse abigishwa biwe kwamamaza inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose. Yehova ariko arafasha abasavyi biwe gukora ico gikorwa.

Wize iki?

  • Inkuru nziza iriko yamamazwa gute kw’isi yose?

  • Igikorwa co kwamamaza cerekana gute ko dukunda abandi?

  • Woba wibaza ko igikorwa co kwamamaza gishobora gutuma duhimbarwa? Kubera iki wishuye gutyo?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ingene Ivyabona vya Yehova bamamaza mu bisagara bininibinini.

Intunganyo idasanzwe yo kwamamaza ku mugaragaro mu gisagara ca Paris (5:11)

Ni ibiki Ivyabona vya Yehova bakoze kugira bashobore kubwira inkuru nziza impunzi?

Impunzi ziriko zirahera inyota y’ivy’impwemu (5:59)

Niwumvirize ivyo umukenyezi umwe avuga ku bijanye n’ukuntu kumara umwanya munini yamamaza vyatumye ahimbarwa.

Ndahimbawe no kuba narahisemwo iki gikorwa (6:29)

Nurabe ibijanye n’intsinzi zidasanzwe twatahukanye mu masentare zatumye bitworohera kwamamaza.

“Abamamaji b’Ubwami bitura amasentare” (Ubwami bw’Imana buraganza!, ikigabane ca 13)

a Imana ni yo yadutegetse kwamamaza. Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova ntibakeneye gusaba uruhusha abategetsi kugira ngo bamamaze inkuru nziza.