Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 24

Abamarayika ni bande kandi bakora iki?

Abamarayika ni bande kandi bakora iki?

Yehova ashaka ko umenya umuryango wiwe wo mw’ijuru. Uwo muryango urimwo abamarayika bakaba kandi bitwa “abana b’Imana.” (Yobu 38:7) Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye abamarayika? Ni ibiki bakorera abantu? Vyongeye, abamarayika bose boba bari mu muryango w’Imana?

1. Abamarayika ni bande?

Yehova yaremye abamarayika imbere y’uko arema isi. Cokimwe na Yehova, ntibaboneka kandi baba mw’ijuru. (Abaheburayo 1:14) Hari abamarayika amamiliyoni kandi baratandukanye. (Ivyahishuwe 5:11) ‘Barashitsa ijambo rya Yehova, bakumviriza ijwi ry’ijambo ryiwe.’ (Zaburi 103:20) Mu bihe vya kera, vyarashika Yehova akarungika abamarayika kugira bashikirize ubutumwa bwiwe bongere bafashe abasavyi biwe. Muri iki gihe, abamarayika barayobora abakirisu mu gikorwa co kwamamaza kugira baronke abantu bipfuza kumenya ivyerekeye Imana.

2. Shetani n’amadayimoni yiwe ni bande?

Abamarayika bamwebamwe barahemukiye Yehova. Umumarayika wa mbere yagararije ni uwitwa “Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose.” (Ivyahishuwe 12:9) Shetani yashaka kuganza. Ku bw’ivyo yaciye yosha Adamu na Eva ngo bagararize Imana, mu nyuma na ho yosha abandi bamarayika ngo bamushigikire muri ubwo bugarariji. Abo bamarayika bagararije bitwa amadayimoni. Yehova yarabirukanye mw’ijuru abakororera kw’isi, muri kazoza na ho akaba agiye kubarandura.—Soma Ivyahishuwe 12:9, 12.

3. Shetani n’amadayimoni yiwe bagerageza gute kutuzimiza?

Shetani n’amadayimoni yiwe barazimiza abantu benshi biciye ku bupfumu canke ku kuraguza. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe baritura abaragurira ku nyenyeri, abavuga ko bazi ibizoba canke abapfumu. Abandi na bo baragerageza kwivuza bakoresheje ibintu bifitaniye isano n’ubupfumu. Vyongeye, abantu barahendwa ngo barashobora kuyaga n’abapfuye. Ariko Yehova atugabisha ati: “Ntimuze mwiture abavugana n’ibiremwa vy’impwemu, kandi ntimuze musiguze abagize umwuga ukubura ibizoba.” (Abalewi 19:31) Aduha iyo ngabisho kubera ko ashaka kudukingira Shetani n’amadayimoni yiwe. Ni abansi b’Imana kandi bashaka kutugirira nabi.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ibintu vyiza abamarayika bakora, akaga kari mu bupfumu n’ingene dushobora kwikingira Shetani n’amadayimoni yiwe.

4. Abamarayika barafasha abantu kumenya ivyerekeye Yehova

Naho abamarayika b’Imana atari bo bamamaza, barayobora abasavyi b’Imana ku bantu bipfuza kumenya ibiyerekeye. Nimusome Ivyahishuwe 14:6, 7, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki dukeneye ko abamarayika badufasha mu gikorwa co kwamamaza?

  • Kumenya ko abamarayika bashobora kukuyobora ku bantu bipfuza kumenya ivyerekeye Bibiliya, vyoba bikuremesha? Kubera iki?

5. Niwamirire kure ubupfumu

Shetani n’amadayimoni ni abansi ba Yehova kandi ni abansi bacu. Nimusome Luka 9:38-42, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibiki amadayimoni ateza abantu?

Ntitwipfuza guha ikaze amadayimoni mu buzima bwacu. Nimusome Gusubira mu vyagezwe 18:10-12, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Amadayimoni agerageza gute kutugirako akosho no kutuvugisha? Ni imigenzo iyihe imenyerewe aho ubaye?

  • Kuba Yehova yiyamiriza ibijanye n’ubupfumu ubona vyumvikana? Kubera iki?

Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Woba wibaza ko igiheko Palesa yambitse umwana wiwe ataco cari gitwaye? Kubera iki wishuye gutyo?

  • Palesa yari akeneye gukora iki kugira yikingire amadayimoni?

Abakirisu b’ukuri bamye barwanya amadayimoni. Nimusome Ivyakozwe 19:19 na 1 Abakorinto 10:21, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni kubera iki bihambaye ko wikurako burundu ikintu ico ari co cose coba gifitaniye isano n’ubupfumu?

6. Nurwanye Shetani n’amadayimoni yiwe

Amadayimoni atwarwa na Shetani. Ariko abamarayika b’intahemuka bayoborwa n’umumarayika mukuru Mikaheli, iryo rikaba ari irindi zina rya Yezu. None Mikaheli akomeye ku rugero rungana gute? Nimusome Ivyahishuwe 12:7-9, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Hagati ya Mikaheli n’abamarayika biwe hamwe na Shetani n’amadayimoni yiwe, ni bande bakomeye kuruta abandi?

  • Woba wibaza ko abayoboke ba Yezu bakwiye gutinya Shetani n’amadayimoni yiwe?

Urashobora gutsinda Shetani n’amadayimoni yiwe. Nimusome Yakobo 4:7, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Wokwikingira gute Shetani n’amadayimoni yiwe?

HARI ABAVUGA BATI: “Gukina udukino canke kuraba amasinema avuga ivy’ubupfumu nta co bitwaye. Ni ukwiryohera gusa.”

  • Kubera iki kubona ibintu muri ubwo buryo biteye akaga?

INCAMAKE

Abamarayika b’intahemuka baradufasha. Shetani n’amadayimoni ni abansi ba Yehova. Barakoresha ubupfumu kugira bazimize abantu.

Wize iki?

  • Ni gute abamarayika b’intahemuka bariko barafasha abantu kumenya ivyerekeye Yehova?

  • Shetani n’amadayimoni yiwe ni bande?

  • Kubera iki wipfuza kwirinda ubupfumu?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ibimenyamenya vyerekana ko Yezu ari we Mikaheli, wa mumarayika mukuru.

“Wa mumarayika mukuru Mikaheli ni nde?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe ivyerekana ko Shetani atari ikibi kiri mu bantu.

“Shetani yoba abaho?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe ingene umukenyezi umwe yavavanuye n’ivy’amadayimoni.

“Yararonse intumbero y’ubuzima” (Umunara w’Inderetsi, 1 Mukakaro 1993 mu gifaransa)