Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 25

Ni umugambi uwuhe Imana idufitiye?

Ni umugambi uwuhe Imana idufitiye?

Bibiliya ivuga yuko umuntu “abaho igihe gitoyi kandi yuzuye umudugararo.” (Yobu 14:1) None ivyo vyoba ari vyo Imana itwipfuriza? Nimba atari ukwo, itwipfuriza iki? Yoba izokwigera ibishitsa? Raba inyishu ziremesha Bibiliya itanga.

1. Yehova atwipfuriza ubuzima bumeze gute?

Yehova yipfuza ko tugira ubuzima bwiza cane. Igihe yarema abantu ba mbere Adamu na Eva, yabashize mw’iparadizo nziza cane yitwa umurima wa Edeni. Maze “Imana irabahezagira, ibabwira iti: ‘Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.’” (Itanguriro 1:28) Yehova yashaka ko bavyara abana, bagahindura isi yose iparadizo, bakongera bakitwararika ibikoko. Imana yipfuza ko abantu babaho bafise amagara meza kandi bakabaho ibihe bidahera.

Naho ivyo bintu bitararanguka, a umugambi w’Imana ntiwahindutse. (Yesaya 46:10, 11) N’ubu iracipfuza ko abantu bagamburuka babaho ibihe bidahera kandi batunganye.—Soma Ivyahishuwe 21:3, 4.

2. Dushobora gute kugira ubuzima buhimbaye ubu?

Yehova yaturemye turi abantu “bakeneye ivy’impwemu,” aho hakaba harimwo icipfuzo co kumumenya no kumusenga. (Soma Matayo 5:3-6.) Yipfuza ko tugiranira na we ubugenzi somambike, ‘tukagendera mu nzira ziwe zose, tukamukunda’ tukongera tukamukorera n’“umutima [wacu] wose.” (Gusubira mu vyagezwe 10:12; Zaburi 25:14) Ivyo tubigize, birashobora gutuma duhimbarwa vy’ukuri naho twoba dufise ingorane. Gusenga Yehova biratuma ubuzima bwacu bugira intumbero, kubera tuba tubayeho nk’uko ashaka.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ukuntu Yehova yatugaragarije urukundo rudasanzwe mu kuntu yateguye iyi si, duce turaba n’ivyo Ijambo ryiwe rivuga ku bijanye n’intumbero y’ubuzima.

3. Yehova yipfuza ko abantu bagira ubuzima bwiza

Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki Imana yaturemeye iyi si nziza?

Nimusome Umusiguzi 3:11, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ivyo usomye bikwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

4. Umugambi Yehova adufitiye ntiwahindutse

Nimusome Zaburi 37:11, 29 na Yesaya 55:11, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibiki bitwemeza ko umugambi Yehova adufitiye utahindutse?

5. Gusenga Yehova biratuma tugira agahimbare nyakuri

Kumenya intumbero y’ubuzima biratuma tugira umunezero. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kuba Terumi yaramenye intumbero y’ubuzima vyamugiriye akamaro akahe?

Nimusome Umusiguzi 12:13, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Twokwerekana gute ko dukenguruka ibintu vyinshi Yehova yadukoreye?

HARO UWOBAZA ATI: “Ni ibiki umuntu yokora kugira aronke agahimbare?”

  • Wokwishura gute?

INCAMAKE

Yehova yipfuza ko twiberaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi kandi dutunganye. Igihe tumusenga n’umutima wacu wose, turaronka agahimbare nyakuri mbere no muri iki gihe.

Wize iki?

  • Igihe Yehova yarema Adamu na Eva yabipfuriza iki?

  • Twemezwa n’iki ko umugambi Imana yari ifitiye abantu utahindutse?

  • Woronka gute agahimbare nyakuri mu buzima?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ibimenyamenya vyemeza ko itongo rya Edeni ryabayeho.

“Rya tongo ry’i Edeni ryoba ari umugani?”(Umunara w’Inderetsi, 1 Nzero 2011)

Nurabe ivyemeza ko isi izokwamaho.

“Iyi si yoba izohonywa?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nusuzume ivyo Bibiliya ivuga ku vyotuma ubuzima bwacu bugira intumbero.

“Intumbero y’ubuzima ni iyihe?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Hari umugabo yibaza ko afise ibintu vyose. Ariko raba ukuntu yasanze hari ico yari abuze mu buzima.

Ubu ubuzima bwanje burafise intumbero (3:55)

a Mu cigwa gikurikira, uzomenya igituma ibintu vyifashe nabi muri iki gihe.