Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 26

Kubera iki hariho ibibi n’imibabaro?

Kubera iki hariho ibibi n’imibabaro?

Igihe dushikiwe n’ingorane, ni ibisanzwe ko twibaza duti: “Kubera iki vyashitse?” Biraduhimbara kuba Bibiliya itanga inyishu y’ico kibazo.

1. Shetani yatanguje gute ingorane mw’isi?

Shetani wa Mubesheranyi yaragararije Imana. Shetani yaripfuje kuganza, bica bituma yosha Adamu na Eva ngo bamushigikire muri ubwo bugarariji. Yabigize mu kubesha Eva. (Itanguriro 3:1-5) Yatumye Eva yiyumvira yuko hari ibintu vyiza Yehova atabahaye. Yashaka kuvuga ko abantu borushiriza guhimbarwa baramutse bagambarariye Imana. Shetani yaravuze ikinyoma ca mbere mu kubwira Eva ko atopfuye. Ku bw’ivyo, Bibiliya ivuga ko Shetani ari “umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma.”Yohani 8:44.

2. Ni igiki Adamu na Eva bahisemwo gukora?

Yehova yari yarahaye Adamu na Eva ibintu vyinshi. Yababwiye ko bashobora kurya ivyamwa vyo ku biti vyose vyo mw’itongo rya Edeni, kiretse igiti kimwe. (Itanguriro 2:15-17) Ariko bahisemwo kurya ivyamwa vyo kuri ico giti yari yababujije. Eva yaciye “yakira ku vyamwa vyaco ararya,” mu nyuma na ho ahako Adamu na we “ararya.” (Itanguriro 3:6) Bompi baragambarariye Imana. Kubera ko Adamu na Eva bari batunganye, vyari vyitezwe ko bakora ikibereye. Rero igihe bagambararira Imana babikoze n’ibigirankana. Ivyo vyatumye bacumura, gutyo baratera akagere uburenganzira Imana ifise bwo kubategeka. Ico kintu bakoze cakweze ingorane nyinshi.—Itanguriro 3:16-19.

3. Ivyo Adamu na Eva bakoze vyatugizeko ingaruka izihe?

Igihe Adamu na Eva bacumura, baciye baba abantu badatunganye maze bituma ababakomokako bose baba abadatunganye. Ku vyerekeye Adamu, Bibiliya ivuga iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose.”Abaroma 5:12.

None ni kubera iki dushikirwa n’ingorane? Hariho imvo nyinshi zituma dushikirwa n’ingorane. Rimwe na rimwe turashikirwa n’ingorane kubera twafashe ingingo mbi. Hari n’igihe dushikirwa n’ingorane kubera ingingo mbi abandi bafashe. Ibindi bihe na ho turashikirwa n’ivyago kubera vyahuriranye n’uko turi ahantu vyabereye.—Umusiguzi 9:11.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe impamvu Imana atari yo ituma dushikirwa n’ingorane, hamwe n’ingene yiyumva igihe zidushikiye.

4. Uwuduteza ingorane

Abantu benshi bemera ko Imana ari yo iganza iyi si. Ariko yoba ari yo iyiganza koko? Nimurabe iyo VIDEWO.

Nimusome Yakobo 1:13 na 1 Yohani 5:19, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Imana yoba ari yo iduteza ingorane?

5. Ibintu vyashitse kuva Shetani atanguye kuganza

Nimusome Itanguriro 3:1-6, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ikinyoma ikihe Shetani yavuze?—Raba umurongo wa 4 n’uwa 5.

  • Shetani yerekanye gute ko hari ibintu vyiza Yehova yimye abantu?

  • Twisunze ivyo Shetani yavuze, abantu boba bakeneye ko Yehova abaganza kugira bahimbarwe?

Nimusome Umusiguzi 8:9, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iki kiringo cose Yehova atariko araganza, kw’isi vyifashe gute?

  1. Adamu na Eva bari batunganye kandi baba mw’iparadizo. Ariko barumvirije Shetani maze baragarariza Yehova

  2. Inyuma y’ubwo bugarariji, abantu baciye batangura gucumura, bagashikirwa n’imibabaro mu nyuma naho bagapfa

  3. Yehova azokuraho igicumuro, imibabaro n’urupfu. Abantu bazosubira kuba mw’iparadizo batunganye

6. Yehova aritaho ingorane zidushikira

Imana yoba yitaho ingorane zidushikira? Raba ivyo umwami Dawidi n’intumwa Petero banditse. Nimusome Zaburi 31:7 na 1 Petero 5:7, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kumenya ko Yehova abona ingorane zigushikira kandi zikamuraza ishinga, bituma wiyumva gute?

7. Imana izokuraho ingorane zose zishikira abantu

Nimusome Yesaya 65:17 n’Ivyahishuwe 21:3, 4, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki bihumuriza kumenya ko Yehova azokuraho ingorane zose zishikira abantu?

Wari ubizi?

Igihe Shetani yavuga ikinyoma ca mbere yarasize iceyi Yehova. Ivyo bisobanura ko yatumye abantu babona Yehova uko atari, gutyo bakibaza ko ari umutware arenganya kandi adakundana. Igihe Yehova azoba yadukuyeko ingorane, azotuma izina ryiwe rikurwako iceyi. Mu yandi majambo, azokwerekana ko ubutegetsi bwiwe ari bwo bwiza kuruta ubundi bwose. Ukwezwa kw’izina rya Yehova ni ikintu gihambaye cane.—Matayo 6:9, 10.

HARI ABAVUGA BATI: “Ingorane zidushikira ni igomba ry’Imana.”

  • Wokwishura gute?

INCAMAKE

Shetani wa Mubesheranyi be na Adamu na Eva ni bo ahanini bakweze ingorane zidushikira. Yehova ararazwa ishinga cane n’ingorane zidushikira, kandi vuba agiye kuzikuraho.

Wize iki?

  • Ni ikinyoma ikihe Shetani wa Mubesheranyi yabwiye Eva?

  • Kuba Adamu na Eva baragararije vyatugizeko ingaruka izihe?

  • Twemezwa n’iki ko Yehova yitaho ingorane zidushikira?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ingene Bibiliya isigura igicumuro.

“Igicumuro ni iki?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nusome ayandi makuru ajanye n’ikibazo Shetani wa Mubesheranyi yavyuye mw’itongo rya Edeni.

“Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro?” (Umunara w’Inderetsi, 1 Nzero 2014)

Raba ingene umugabo umwe yakuye icigwa ku ngorane zamushikiye.

Sinkiri jenyene namba (5:09)