Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 27

Urupfu rwa Yezu rudukiza gute?

Urupfu rwa Yezu rudukiza gute?

Kubera ko abantu ba mbere Adamu na Eva bagambarariye Imana, bituma ducumura, tugashikirwa n’imibabaro kandi tugapfa. a Ariko si ko bizokwama. Yehova yaratumye bishoboka ko dukurwako umuvumo w’igicumuro n’urupfu biciye ku Mwana wiwe Yezu Kristu. Bibiliya yigisha yuko Yezu yapfuye kugira adutangire incungu. Incungu ni ikiguzi gitangwa kugira umuntu arekurwe. Ikiguzi Yezu yatanze bwari ubuzima bwiwe butunganye. (Soma Matayo 20:28.) Yezu ntiyokwigeze apfa. Ariko yaremeye kudupfira kugira turonke ibintu vyose Adamu na Eva batakaje. Vyongeye, Yezu yarerekanye ukuntu we na Yehova badukunda. Iki cigwa kizotuma urushiriza gukenguruka kuba Yezu yaradupfiriye.

1. Urupfu rwa Yezu rudufasha gute muri iki gihe?

Kubera ko turi abacumuzi, turakora ibintu vyinshi bidahimbara Yehova. Ariko igihe twicujije ku bicumuro twakoze, tugasaba Yehova ikigongwe biciye kuri Yezu Kristu, kandi tukihatira kudasubira kubikora, turashobora kugiranira ubugenzi somambike n’Imana. (1 Yohani 2:1) Bibiliya ivuga iti: “Kristu yapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro, umuntu w’umugororotsi apfira abatari abagororotsi kugira ngo abajane ku Mana.”1 Petero 3:18.

2. Urupfu rwa Yezu ruzotumarira iki muri kazoza?

Yehova yarungitse Yezu ngo atange ubuzima bwiwe butunganye “kugira ngo umuntu wese [yizera Yezu] ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Biciye ku vyo Yezu yakoze, Yehova agiye gukuraho ibintu vyose bibi vyatejwe n’ukugambarara kwa Adamu. Ivyo bisobanura ko nitwizera incungu ya Yezu, tuzoronka ubuzima budahera mw’iparadizo ng’aha kw’isi.—Yesaya 65:21-23.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ayandi makuru yerekeye igituma Yezu yatanze ubuzima bwiwe, turabe n’ico vyotumarira.

3. Urupfu rwa Yezu ruradukurako igicumuro n’urupfu

Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Igihe Adamu yagambararira Imana, ni igiki yatakaje?

Nimusome Abaroma 5:12, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Icaha ca Adamu cakugizeko ingaruka izihe?

Nimusome Yohani 3:16, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki Yehova yarungitse Umwana wiwe kw’isi?

  1. Adamu yari umuntu atunganye. Ariko kubera ko yacumuye, abantu baracumura kandi bagapfa

  2. Yezu yari umuntu atunganye. Kuba yaragamburukiye Imana vyatumye abantu baronka icizigiro co gukurwako igicumuro no kubaho ibihe bidahera

4. Urupfu rwa Yezu rurashobora kugirira akamaro abantu bose

Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Urupfu rw’umuntu umwe rwoshoboye gute kugirira akamaro abantu bose?

Nimusome 1 Timoteyo 2:5, 6, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Adamu yari umuntu atunganye. Ariko kubera ko yacumuye bituma abantu bose bacumura kandi bagapfa. Yezu na we nyene yari umuntu atunganye. None ni mu buryo ubuhe yabaye “incungu y’indinganire”?

5. Incungu ni ingabire Yehova yaguhaye

Abagenzi ba Yehova babona ko incungu ari ingabire yabahaye, umwe wese ku giti ciwe. Nk’akarorero, nimusome Abagalatiya 2:20, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Intumwa Paulo yerekanye gute ko incungu ari ingabire yahawe ku giti ciwe?

Igihe Adamu yacumura, we n’abomukomotseko bose bari baciriwe urwo gupfa. Ariko Yehova yararungitse Umwana wiwe ngo apfe kugira ngo ushobore kuronka ubuzima budahera.

Uko usoma ico canditswe gikurikira, niwihe ishusho ukuntu Yehova ategerezwa kuba yumvise amerewe igihe Umwana wiwe yariko arababazwa. Nimusome Yohani 19:1-7, 16-18, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Wiyumva gute uzirikanye ivyo Yehova na Yezu bagukoreye?

HARI UWOBAZA ATI: “Umuntu umwe yoshobora gute gupfira abantu bose?”

  • Wokwishura gute?

INCAMAKE

Kubera ko Yezu yadupfiriye, Yehova arashobora kutubabarira ibicumuro, kandi tukazobaho ibihe bidahera.

Wize iki?

  • Kubera iki Yezu yapfuye?

  • Ni gute ubuzima bwa Yezu butunganye bwabaye incungu y’indinganire?

  • Urupfu rwa Yezu rushobora kukumarira iki?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe igituma ubuzima bwa Yezu butunganye bwitwa incungu.

“Ni gute inkuka ya Yezu ari ‘incungu ya benshi’?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe ico twokora kugira dukizwe.

“Yezu adukiza gute?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Yehova yoba ashobora kubabarira mbere n’ibicumuro bikomeye?

“Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya” (Umunara w’Inderetsi, 1 Rusama 2013)

Nurabe ukuntu kumenya ibijanye n’incungu ya Kristu vyafashije umugabo umwe guhinduka.

“Sinkiri inkozi y’ikibi” (Ikiganiro co kuri jw.org)

a Igicumuro si ugukora ikintu kibi gusa. Kirerekeza kandi ku mpengamiro dufise yo gukora ibibi kubera ko dukomoka kuri Adamu na Eva.