Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 30

Abawe bapfuye bazosubira kuba bazima

Abawe bapfuye bazosubira kuba bazima

Urupfu ruratera intuntu n’umubabaro. Ni yo mpamvu Bibiliya ivuga ko urupfu ari umwansi. (1 Abakorinto 15:26) Mu cigwa ca 27, warize ko Yehova azokuraho uwo mwansi. Ariko none abantu bamaze gupfa bobo bizobagendera gute? Muri iki cigwa, uzobona uwundi muhango mwiza cane Yehova asezerana. Azozura abantu amamiliyaridi basubire kuba bazima maze bibereho ibihe bidahera. Ivyo vyoba bizoba koko? Boba bazozukira kuba mw’ijuru canke kw’isi?

1. Ni igiki Yehova yipfuza gukorera abacu bapfuye?

Yehova aripfuza cane kuzura abapfuye. Umugabo umwe yari afise ukwizera yitwa Yobu yarizigira adakeka ko aramutse apfuye Imana itokwigeze imwibagira. Yabwiye Imana ati: “Uzohamagara, nanje nzokwitaba [ndi mu kuzimu].”—Soma Yobu 14:13-15.

2. Twemezwa n’iki ko abapfuye bazozuka?

Igihe Yezu yari kw’isi, Imana yaramuhaye ububasha bwo kuzura abantu. Yezu yarazuye akigeme k’imyaka 12 hamwe n’umuhungu w’umupfakazi. (Mariko 5:41, 42; Luka 7:12-15) Mu nyuma, Lazaro umugenzi wa Yezu yarapfuye. Naho Lazaro yari amaze imisi ine mu mva, Yezu yaramuzuye. Yezu amaze gusenga Imana, yaciye asemerera ari imbere y’imva ati: “Lazaro, sohoka!” Maze “nya muntu yari yapfuye arasohoka” ari muzima. (Yohani 11:43, 44) Ibaze umunezero incuti n’abagenzi ba Lazaro bagize!

3. Ni icizigiro ikihe dufise ku bacu bapfuye?

Bibiliya isezerana iti: “Hagiye kubaho izuka.” (Ivyakozwe 24:15) Abo Yezu yazuye igihe yari kw’isi ntibagiye mw’ijuru. (Yohani 3:13) Yarabazuye basubira kuba ng’aha nyene kw’isi kandi vyarabahimbaye. Muri ubwo buryo nyene, Yezu agiye kuzura abantu amamiliyaridi maze bibereho ibihe bidahera mw’iparadizo ng’aha kw’isi. Yavuze ko abantu bose Imana yibuka bazosubira kuba bazima, mbere na barya bose usanga abantu baramaze kwibagira.—Yohani 5:28, 29.

TWINJIRE MU MIZI

Nurabe muri Bibiliya ibindi bintu bitwemeza ko Yezu afise ububasha bwo kuzura abapfuye be n’uko azobikora. Uraza no kubona ukuntu izuka rishobora kuguhumuriza kandi rigatuma ugira icizigiro.

4. Yezu yarerekanye ko ashoboye kuzura abapfuye

Nurabe ayandi makuru ku bijanye n’ukuntu Yezu yazuye Lazaro. Nimusome Yohani 11:14, 38-44, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Twemezwa n’iki ko Lazaro yari yapfuye koko?—Raba umurongo wa 39.

  • Iyaba Lazaro yari yagiye mw’ijuru, wibaza ko Yezu yari kumuzura ngo agaruke kw’isi?

Nimurabe iyo VIDEWO.

5. Abantu benshi bazozuka

Nimusome Zaburi 37:29, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Abantu amamiliyaridi bazozuka, bazozukira kuba he?

Yezu azozura n’abandi benshi, uretse abasavyi ba Yehova. Nimusome Ivyakozwe 24:15, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Mu bazoba bazutse, ni bande wipfuza kubona?

Numenye iki kintu: Yezu arashobora kuzura umuntu bitagoranye nka kurya sebibondo ashobora gukangura umwana wiwe igihe yari asinziriye

6. Izuka rirashobora kuguhumuriza kandi rigatuma ugira icizigiro

Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye umukobwa wa Yayiro yarahumurije abantu babuze ababo yongera irabaremesha. Nimusome iyo nkuru y’ivyabaye koko iri muri Luka 8:40-42, 49-56.

Imbere y’uko Yezu azura umukobwa wa Yayiro, yabwiye Yayiro ati: “Ntutinye, nugire ukwizera gusa.” (Raba umurongo wa 50.) Icizigiro c’izuka cogufasha gute . . .

  • igihe wabuze uwawe?

  • igihe ubuzima bwawe buri mu kaga?

Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni gute icizigiro c’izuka cahumurije congera kirakomeza abavyeyi ba Phelicity?

HARI ABAVUGA BATI: “Biragoye kwemera ko abapfuye bazozuka.”

  • Uvyibazako iki?

  • Ni icanditswe ikihe wokoresha kugira werekane ko hagiye kubaho izuka?

INCAMAKE

Bibiliya isezerana ko abantu amamiliyaridi bapfuye bazozuka. Yehova yipfuza ko basubira kubaho kandi yarahaye Yezu ububasha bwo kubazura.

Wize iki?

  • Yehova na Yezu babona gute ibijanye no kuzura abapfuye?

  • Abantu amamiliyaridi bazozuka, boba bazoba mw’ijuru canke kw’isi? Kubera iki wishuye gutyo?

  • Ni igiki kikwemeza ko abawe bapfuye bazosubira kuba bazima?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ivyogufasha kwihanganira intuntu iterwa n’ukubura uwawe.

“Ivyofasha abatuntuye” (Be maso! No. 3 2018)

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zoba vy’ukuri zoshobora gufasha umuntu yabuze uwiwe?

Igihe uwawe apfuye (5:06)

Abana bokwihangana gute igihe babuze uwo bakunda?

Incungu (2:07)

Abantu bose boba bazozukira kuba mw’ijuru? Ni bande batazozuka?

“Izuka ni iki?” (Ikiganiro co kuri jw.org)