Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 32

Ubwami bw’Imana buraganza

Ubwami bw’Imana buraganza

Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mw’ijuru mu 1914. Ico gihe nyene, ni ho imisi ya nyuma y’intwaro z’abantu yatangura. None ivyo tuvyemezwa n’iki? Reka turabe ivyo ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze. Vyongeye, turaza kuraba ukuntu kuva mu 1914 ibintu vyifashe kw’isi, hamwe n’ukuntu abantu bigenza kuva ico gihe

1. Ni ibiki ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze?

Igitabu co muri Bibiliya ca Daniyeli cari caravuze ko Ubwami bw’Imana bwotanguye kuganza mu mpera y’ikiringo citwa “ibihe indwi.” (Daniyeli 4:16, 17) Haciye imyaka amajana, Yezu yaravuze ko ico kiringo nyene citwa “ibihe vyashinzwe vy’amahanga,” kandi ko kitari bwarangire. (Luka 21:24) Nk’uko tuza kubibona, vya bihe indwi vyarangiye mu 1914.

2. Kuva mu 1914, ibintu vyifashe gute kw’isi kandi abantu bigenza gute?

Abigishwa ba Yezu bamubajije bati: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Matayo 24:3) Mu kubishura, Yezu yababwiye ibintu vyobaye atanguye kuganza mw’ijuru ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Bimwe muri ivyo ni intambara, amapfa na vya nyamugigima. (Soma Matayo 24:7.) Bibiliya yari yaravuze kandi ko inyifato y’abantu bo mu “misi ya nyuma” yotumye mu buzima haba ibintu “bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1-5) Ivyo bintu vyose vyararushirije kwibonekeza kuva mu 1914.

3. Kubera iki ibintu vyarushirije kwunyuka kuva Ubwami bw’Imana butanguye kuganza?

Haciye igihe gitoyi Yezu abaye Umwami w’Ubwami bw’Imana, harabaye intambara mw’ijuru hagati yiwe hamwe na Shetani n’amadayimoni yiwe. Ariko Shetani yaratsinzwe. Bibiliya ivuga ko “[yararirijwe] kw’isi, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we.” (Ivyahishuwe 12:9, 10, 12) Shetani afise ishavu ryinshi kubera azi yuko agiye gukurwaho. Ni yo mpamvu ariko aratera ingorane n’imibabaro kw’isi yose. Ivyo biradufasha gutahura igituma ibintu vyifashe nabi kw’isi. Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho izo ngorane zose.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ibitwemeza ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914 hamwe n’ivyo twokora kugira twerekane yuko twemera ko buriko buraganza.

4. Ibihe bivugwa muri Bibiliya birerekana ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914

Imana yaratumye umwami wa Babiloni ya kera yitwa Nebukadinezari arota indoto yerekana ivyobaye muri kazoza. Ibijanye n’iyo ndoto hamwe n’ukuntu Daniyeli yayisiguye, tubisanga muri Bibiliya. Iyo ndoto yari yerekeye ubwami bwa Nebukadinezari n’Ubwami bw’Imana.—Soma Daniyeli 4:17. a

Nimusome Daniyeli 4:20-26, muce murondera inyishu z’ibibazo bikurikira mukoresheje igicapo kivuga ngo “Ingene indoto yerekeye igiti ifitaniye isano n’Ubwami bw’Imana”:

Ingene indoto yerekeye igiti ifitaniye isano n’Ubwami bw’Imana

UBUHANUZI (Daniyeli 4:20-36)

Ubwami

(A) Igiti kinini cane

Ubwami buhagarara

(B) “Nimwicire ico giti” gushika ‘ibihe indwi birangiye’

Ubwami busubiraho

(C) ‘Ubwami bwawe uzobusubizwa’

Mw’iranguka rya mbere ry’ubu buhanuzi . . .

IRANGUKA RYA MBERE

Ubwami

(D) Umwami wa Babiloni Nebukadinezari

Ubwami buhagarara

(E) Inyuma yo mu 606 M.K, Nebukadinezari yarabaye umusazi bituma amara imyaka indwi adashobora kuganza

Ubwami busubiraho

(F) Nebukadinezari yaragarukanye ubwenge aca arasubira kuganza

Mw’iranguka rya kabiri ry’ubu buhanuzi . . .

  • (G) Ico giti kigereranya bande?​—Soma 1 Ngoma 29:23.

  • (H) Ubwo bwami bwahagaritswe ryari? Twemezwa n’iki ko n’igihe Yezu yari kw’isi ubwo bwami butariko buraganza?—Soma Luka 21:24.

  • (I) Ubwo bwami bwasubijweho ryari kandi bwatanguye kuganzira hehe?

IRANGUKA RYA KABIRI

Ubwami

(G) Abami ba Isirayeli bagereranya Ubwami bw’Imana

Ubwami buhagarara

(H) Yeruzalemu yarasanganguwe, bituma abami ba Isirayeli bamara imyaka 2.520 batariko baraganza

Ubwami busubiraho

(I) Yezu atangura kuganza mw’ijuru ari Umwami w’Ubwami bw’Imana

Ibihe indwi vyamaze igihe kingana gute?

Ibice bimwebimwe vya Bibiliya biradufasha gutahura ibindi bice vyayo. Nk’akarorero, igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuwe kivuga ko ibihe bitatu n’igice bingana n’imisi 1.260. (Ivyahishuwe 12:6, 14) Ibihe indwi rero bica bingana n’iyo misi uyigwije kabiri, ni ukuvuga imisi 2.520. Hari igihe Bibiliya ivuga umusi ishaka kuvuga umwaka. (Ezekiyeli 4:6) Rero vya bihe indwi bivugwa mu gitabu ca Daniyeli bingana n’imyaka 2.520.

5. Ibintu vyo kw’isi vyarahindutse kuva mu 1914

Yezu yari yaravuze ibintu vyobaye kw’isi amaze kuba Umwami. Nimusome Luka 21:9-11, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri ivyo bintu dusomye, ni ibiki umaze kwibonera canke kwumva?

Intumwa Paulo yaravuze ukuntu abantu bobaye bameze mu kiringo ca nyuma c’intwaro z’abantu. Nimusome 2 Timoteyo 3:1-5, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Woba umaze kwibonera abantu bameze gutyo muri iki gihe?

6. Niwerekane yuko wemera ko Ubwami bw’Imana buriko buraganza

Nimusome Matayo 24:3, 14, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni igikorwa gihambaye ikihe cerekana ko Ubwami bw’Imana buriko buraganza?

  • Ni gute wogira uruhara muri ico gikorwa?

Ubu Ubwami bw’Imana buriko buraganza, kandi igihe c’uko buganza isi yose kiriko kiregereza. Nimusome Abaheburayo 10:24, 25, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni igiki umwe wese muri twebwe yokora uko ‘tubona uwo musi wegereza’?

Hamwe womenya ikintu cofasha abandi kandi cobarokora, woca ukora iki?

HARI UWOBAZA ATI: “Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bavuga ko umwaka wa 1914 uhambaye?”

  • Wokwishura gute?

INCAMAKE

Ubuhanuzi n’ibihe bivugwa muri Bibiliya hamwe n’ukuntu ibintu vyifashe kw’isi muri iki gihe birerekana ko Ubwami bw’Imana buriko buraganza. Turerekana ko ivyo tuvyemera igihe twamamaza ivyerekeye ubwo Bwami kandi tukitaba amakoraniro.

Wize iki?

  • Ni ibiki vyabaye ku mpera ya vya bihe indwi bivugwa muri Bibiliya mu gitabu ca Daniyeli?

  • Ni igiki kikwemeza ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914?

  • Wokwerekana gute yuko wemera ko Ubwami bw’Imana buriko buraganza?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ivyo abahinga mu vya kahise hamwe n’abandi bantu bavuga ku vyerekeye ivyahindutse kw’isi kuva mu 1914.

“Ni ryari ibintu vyarushirije kumera nabi?” (Be maso!, Ndamukiza 2007 mu gifaransa)

Nurabe ukuntu ubuhanuzi dusanga muri Matayo 24:14 bwahinduye ubuzima bw’umugabo umwe.

“Nta candutira urukino rwa base-ball!” (Umunara w’Inderetsi No. 3 2017)

 Twemezwa n’iki ko ubuhanuzi buri muri Daniyeli ikigabane ca 4 bufitaniye isano n’Ubwami bw’Imana?

“Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza ryari? (Igice ca 1)” (Umunara w’Inderetsi, 1 Gitugutu 2014)

a Raba  ibiganiro bibiri vya nyuma biri mu gice kivuga ngo “Rondera n’ibindi” co muri iki cigwa.