Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 33

Ivyo Ubwami bw’Imana buzokora

Ivyo Ubwami bw’Imana buzokora

Ubwami bw’Imana bwaratanguye kuganza. Vuba bugiye guhindura ibintu vyinshi kw’isi. Reka turabe ibintu vyiza bimwebimwe wokwitega ku ntwaro y’ubwo Bwami.

1. Ubwami bw’Imana buzogarukana gute amahoro n’ubutungane kw’isi?

Yezu we Mwami w’Ubwami bw’Imana azokuraho inkozi z’ikibi n’intwaro z’abantu ku ntambara ya Harumagedoni. (Ivyahishuwe 16:14, 16) Ico gihe, ubu buhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ngo: “Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho,” buzoba bwarangutse mu buryo bwuzuye. (Zaburi 37:10) Biciye kuri ubwo Bwami, Yezu azotuma kw’isi yose harangwa amahoro n’ubutungane.—Soma Yesaya 11:4.

2. Ubuzima buzoba bumeze gute igihe ivyo Imana igomba bizoba bikorwa kw’isi?

Ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana, “abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zaburi 37:29) Nuse n’uwubona mu bwenge wibera mw’isi irimwo abantu b’abagororotsi gusa, kandi bakunda Yehova bakongera bagakundana! Nta n’umwe azoba akirwara kandi abantu bose bazobaho ibihe bidahera.

3. Ni ibiki Ubwami bw’Imana buzokora bumaze gukuraho inkozi z’ikibi?

Inkozi z’ikibi zimaze gukurwaho, Yezu azoganza imyaka 1.000 ari Umwami. Ico gihe, Yezu hamwe n’abazofadikanya na we kuganza 144.000 bazotuma abantu baba kw’isi baba abatunganye. Ku mpera y’iyo myaka igihumbi, isi izoba yahindutse iparadizo irimwo abantu bahimbawe kubera ko bagamburuka amategeko ya Yehova. Mu nyuma, Yezu azoshikiriza Ubwami Se wiwe Yehova. Ico gihe, izina rya Yehova rizokwezwa kuruta ikindi gihe cose. (Matayo 6:9, 10) Bizoba vyagaragaye ko Yehova ari Umutware mwiza yitwararika abo atwara. Yehova azoca arandura Shetani n’amadayimoni yiwe. Vyongeye, azokuraho abantu bose bahisemwo kugarariza intwaro yiwe. (Ivyahishuwe 20:7-10) Ubwami bw’Imana buzotuma ibintu bimera neza gushika ibihe bidahera.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe igituma twokwizigira ko Imana izokoresha Ubwami bwayo kugira ishitse ibintu vyose Bibiliya isezerana ko bizoba muri kazoza.

4. Ubwami bw’Imana buzokuraho intwaro z’abantu

“Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Yehova azokoresha Ubwami bwiwe mu gukuraho akarenganyo.

Nimusome Daniyeli 2:44 na 2 Abatesalonika 1:6-8, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Yehova n’Umwana wiwe Yezu bazokorera iki intwaro z’abantu hamwe n’abazishigikiye?

  • Ibintu wize ku vyerekeye Yehova na Yezu bigukura amazinda gute ko ivyo bazokora bizoba bigororotse kandi biranga ubutungane?

5. Yezu ni Umwami mwiza cane

Kubera ko Yezu ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, azofasha abantu bazoba bari kw’isi mu buryo butandukanye. Nimurabe iyo VIDEWO kugira mubone ukuntu Yezu amaze kwerekana ko yipfuza gufasha abantu be n’uko Imana yamuhaye ububasha bwo kubikora.

Ibintu Yezu yakoze igihe yari kw’isi, yari imponjo y’ivyo Ubwami bw’Imana buzokora. Muri iyo mihango ikurikira, ni iyihe ushashaye kwibonera? Nimusome ivyanditswe vyatanzwe kugira mumenye vyinshi ku bijanye n’iyo mihango.

IGIHE YEZU YARI KW’ISI . . .

IGIHE AZOBA ARI MW’IJURU . . .

6. Ubwami bw’Imana budusezeranira kazoza keza

Ubwami bw’Imana buzoshitsa umugambi Yehova yari afitiye abantu kuva mu ntango. Bazobaho ibihe bidahera mw’iparadizo ng’aha kw’isi. Nimurabe iyo VIDEWO kugira mubone ukuntu Yehova ariko arakoresha Umwana wiwe Yezu kugira ashitse umugambi wiwe.

Nimusome Zaburi 145:16, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kumenya ko Yehova “[azohaza] icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose,” bituma wiyumva gute?

HARI ABAVUGA BATI: “Tugize urunani, turashobora gutorera umuti ingorane zihanze isi.”

  • Ni ingorane izihe zananiye intwaro z’abantu Ubwami bw’Imana buzotorera umuti?

INCAMAKE

Ubwami bw’Imana buzoshitsa ivyo Imana yasezeranye. Buzohindura isi ibe iparadizo ibako abantu beza. Ico gihe bazosenga Yehova ibihe bidahera.

Wize iki?

  • Ubwami bw’Imana buzokweza gute izina rya Yehova?

  • Ni kubera iki twokwemera ko Ubwami bw’Imana buzoshitsa imihango ivugwa muri Bibiliya?

  • Mu bintu vyose Ubwami bw’Imana bugiye gukora, ni igiki wipfuza cane kubona?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nusome ibizoshika mu myaka 1.000 Yezu azomara aganza n’inyuma yayo.

“Ni ibiki bizoba ku Musi w’Urubanza?” (Umunara w’Inderetsi, 1 Nyakanga 2012)

Nurabe ukuntu abagize umuryango bozirikana bari kumwe imihango izozanwa n’Ubwami.

Niwibone uri mw’Iparadizo (1:50)

Mu kiganiro kivuga ngo “Hari ibibazo vyinshi vyamvuruga umutwe,” nurabe ukuntu uwahoze ari umugumutsi mu vya politike yaronse inyishu z’ibibazo yari amaze igihe yibaza.

“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Nzero 2012)