Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 34

Twokwerekana gute ko dukunda Yehova?

Twokwerekana gute ko dukunda Yehova?

Kuva utanguye kwiga Bibiliya, woba wararushirije gukunda Imana? Woba wipfuza kubandanya ukomeza ubucuti ufitaniye na yo? Nimba ari ukwo, niwibuke ko igihe Yehova abonye yuko urukundo umukunda ruriko rurongerekana, na we azorushiriza kugukunda kandi akwitwararike. None womwereka gute ko umukunda?

1. Twokwereka gute Yehova ko tumukunda?

Turereka Yehova ko tumukunda mu kumugamburukira. (Soma 1 Yohani 5:3.) Nta n’umwe ahatira kubigira. Ahubwo, araha akaryo umwe wese muri twebwe ko guhitamwo kumugamburukira canke kubireka. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova yipfuza yuko ‘tumugamburukira bivuye ku mutima.’ (Abaroma 6:17) Mu yandi majambo, yipfuza ko tumugamburukira atari kubera ari itegeko, ahubwo kubera ko tumukunda. Igice ca 3 n’ica 4 vy’iki gitabu bigenewe kugufasha kubona ingene wokwerekana ko ukunda Yehova mu gukora ibintu akunda no mu kwirinda ivyo yanka.

2. Kubera iki bishobora kutugora kwereka Yehova ko tumukunda?

“Ivyago vy’umugororotsi ni vyinshi.” (Zaburi 34:19) Twese turarwana urugamba ruva ku kuba tudatunganye. Turahangana kandi n’ibibazo vy’ubutunzi, akarenganyo n’izindi ngorane. Igihe rero duhanganye n’ingorane, birashobora kutugora gukora ivyo Yehova ashaka. Ivyo bitumwa n’uko bishobora kuba vyoroshe kugambararira Yehova. Ariko igihe ukoze ivyo Yehova akubwira vyose, uba umweretse ko umukunda kuruta umuntu canke ikintu ico ari co cose. Vyongeye uba ugaragaje ko uri intahemuka kuri we. Na we azoba intahemuka kuri wewe kandi ntazigera aguheba.—Soma Zaburi 4:3.

TWINJIRE MU MIZI

Nurabe igituma binezereza Yehova igihe umugamburukira hamwe n’icogufasha kubikora.

3. Ikibazo kikwerekeye

Bibiliya irerekana ibintu Shetani yagirije Yobu hamwe n’abantu bose bipfuza gukorera Yehova. Nimusome Yobu 1:1, 6–2:10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Shetani yavuze ko ari kubera iki Yobu yagamburukira Yehova?—Raba Yobu 1:9-11.

  • Ni ibiki Shetani yagiriza abantu bose na wewe urimwo?—Raba Yobu 2:4.

Nimusome Yobu 27:5b, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Yobu yerekanye gute ko yakunda Yehova vy’ukuri?

Yobu yarerekanye ko akunda Yehova mu kuguma ari intahemuka kuri we

Turereka Yehova ko tumukunda mu kuguma turi intahemuka kuri we

4. Nunezereze umutima wa Yehova

Nimusome Imigani 27:11, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Yehova yiyumva gute igihe ubaye inkerebutsi ukamugamburukira? Kubera iki?

5. Urashobora kuba intahemuka kuri Yehova

Urukundo dukunda Yehova rutuma twipfuza kubwira abandi ibimwerekeye. Kuba turi intahemuka kuri we na vyo, bituma tubikora n’igihe bitaba vyoroshe. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Vyoba birashika bikakugora kubwira abandi ivyerekeye Yehova?

  • Muri iyo videwo, ni igiki cafashije Grayson gutsinda ubwoba yari afise?

Birarushiriza kworoha kuba intahemuka kuri Yehova igihe dukunda ivyo akunda kandi tukanka ivyo yanka. Nimusome Zaburi 97:10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Wisunze ivyo umaze kwiga, ni ibintu bimwebimwe ibihe Yehova akunda? Ni ibiki yanka?

  • Ni igiki cogufasha gukunda iciza, ukanka ikibi?

6. Kugamburukira Yehova biratugirira akamaro

Kugamburukira Yehova vyama ari vyiza cane. Nimusome Yesaya 48:17, 18, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ubona twokwizigira ko Yehova yama azi icotubera ciza? Kubera iki wishuye gutyo?

  • Kwiga ivyerekeye Bibiliya hamwe n’Imana y’ukuri Yehova bimaze kukumarira iki?

HARI ABAVUGA BATI: “Nta kintu na kimwe twokora ngo gihimbare Imana.”

  • Ni icanditswe ikihe wokoresha mu kwerekana ko ivyo dukora bishobora gutuma Yehova anezerwa?

INCAMAKE

Turashobora kwereka Yehova ko tumukunda mu kumugamburukira no mu kuguma turi intahemuka kuri we naho vyoba bigoye.

Wize iki?

  • Wigiye iki ku karorero ka Yobu?

  • Uzokwereka gute Yehova ko umukunda?

  • Ni ibiki bizogufasha kuguma uri intahemuka kuri Yehova?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ukuntu ushobora kuguma uri intahemuka kuri Yehova no ku bagize ishengero.

“Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka” (16:49)

Nurabe vyinshi ku vyerekeye ivyo Shetani yagirije abantu.

“Yobu agumana ugutungana kwiwe” (Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe? igihimba ca 6)

Nurabe ukuntu abakiri bato bashobora kwereka Yehova ko bamukunda.

Nunezereze Yehova (8:16)

Ni gute uwukiri muto yoshobora kuguma ari intahemuka kuri Yehova igihe abo mu runganwe rwiwe bariko bamuhatira gukora ikintu kibi?

Nunanire akosho k’urunganwe! (3:59)