Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 35

Ivyodufasha gufata ingingo nziza

Ivyodufasha gufata ingingo nziza

Twese turashikirwa n’ibintu bidusaba gufata ingingo. Nyinshi muri zo ziragira ingaruka kuri twebwe no ku bucuti dufitaniye na Yehova. Nk’akarorero, tubwirizwa guhitamwo aho tuzoba, ukuntu tuzokwibeshaho be no kuba tuzokwubaka urwacu canke tutazokwubaka. Igihe dufashe ingingo nziza turahimbarwa mu buzima kandi tukanezereza Yehova.

1. Wokoresha gute Bibiliya kugira ufate ingingo nziza?

Imbere y’uko ufata ingingo, nusabe Yehova agufashe, wongere urabe muri Bibiliya ukuntu abona ibijanye n’ico kintu. (Soma Imigani 2:3-6.) Mu bihe bimwebimwe, Yehova aratanga itegeko ridomako. Mu bihe nk’ivyo, guhitamwo kugamburuka iryo tegeko atanga, ni yo ngingo nziza kuruta izindi wofata.

Bite ho mu gihe ata tegeko ridomako Bibiliya itanga ku bijanye n’ico wokora? No muri ico gihe nyene, Yehova arakuyobora “mu nzira ukwiye kugenderamwo.” (Yesaya 48:17) Uti abigira gute? Abicisha ku ngingo ngenderwako akuronsa. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni ukuri kw’ishimikiro kuri muri Bibiliya kudufasha gutahura ukuntu Imana ibona ibintu bitandukanye hamwe n’ukuntu yiyumva ku bijanye na vyo. Akenshi igihe dusomye inkuru yo muri Bibiliya, turatahura ingene Imana ibona ikintu kanaka. Tumaze gutahura ingene Yehova abona ico kintu, turashobora guca dufata ingingo zimuhimbara.

2. Ni ibiki worimbura imbere yo gufata ingingo?

Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.” (Imigani 14:15) Ivyo bisobanura ko imbere y’uko dufata ingingo, dukwiye gufata akanya tukazirikana ku mahitamwo twogira. Uko urimbura ingingo yose wofata, niwibaze uti: ‘Ni ingingo ngenderwako iyihe yo muri Bibiliya nokwisunga? Ni ingingo iyihe nofata izotuma ngira amahoro mu mutima? Amahitamwo ngira azogira ingaruka izihe ku bandi? N’igihambaye kuruta, yoba azotuma Yehova ahimbarwa?’—Gusubira mu vyagezwe 32:29.

Yehova arafise uburenganzira bwo kutubwira ikibereye n’ikitabereye. Igihe tumenye neza amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe kandi tukiyemeza kubikurikiza, tuba turiko turamenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima. Ijwi ryo mu mutima ni ubushobozi dufise muri twebwe budufasha kumenya iciza n’ikibi. (Abaroma 2:14, 15) Ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza rizodufasha gufata ingingo nziza.

TWINJIRE MU MIZI

Reka twihweze twitonze ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya hamwe n’ijwi ryacu ryo mu mutima bidufasha kubona ingingo twofata.

3. Nureke Bibiliya ikuyobore

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gute kudufasha igihe dufata ingingo? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ingabire idasanzwe iyihe Yehova yaduhaye?

  • Kubera iki Yehova yaduhaye umwidegemvyo wo kwihitiramwo?

  • Ni ibiki Yehova yaduhaye kugira ngo dushobore gukoresha neza umwidegemvyo wacu wo kwihitiramwo?

Kugira ubone akarorero kamwe k’ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya, nimusome Abanyefeso 5:15, 16. Nimuce muganira ku kuntu ‘wokwicungurira umwanya ubereye’ kugira . . .

  • usome Bibiliya buri musi.

  • wimenyereze kuba umugabo canke umukenyezi mwiza, umuvyeyi mwiza canke umwana ameze neza.

  • witabe amakoraniro.

4. Numenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima kugira ufate ingingo nziza

Igihe hari itegeko ridomako ku ngingo dushaka gufata, vyoshobora kutworohera kubona ico twokora. Ariko, bite ho igihe ata tegeko ridomako rihari? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iyo videwo, ni intambwe izihe uwo mushiki wacu yateye kugira ashobore kumenyereza ijwi ryiwe ryo mu mutima no gufata ingingo ihimbara Yehova?

Kubera iki tudakwiye gusaba abandi ngo batubwire ingingo twofata? Nimusome Abaheburayo 5:14, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Naho vyoba bisa n’ivyoroshe kubaza abandi ingingo twofata, ni ibiki ubwacu dukwiye kumenya gutandukanya?

  • Ni igiki cogufasha kumenyereza ijwi ryawe ryo mu mutima no gufata ingingo nziza?

Nka kurya kw’ikarata, ijwi ryo mu mutima riradufasha kumenya ico twokora mu buzima

5. Niwubahirize ijwi ryo mu mutima ry’abandi

Kubera ko abantu batandukanye, bafata n’ingingo zitandukanye. Twokwerekana gute ko twubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi? Reka turimbure ibintu bibiri vyoshika:

Ikintu ca 1: Umudada akunda kwipodora yimukiye mw’ishengero aho benshi mu badada baririmwo bibatsitaza babonye umuntu yipodoye.

Nimusome Abaroma 15:1 na 1 Abakorinto 10:23, 24, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Wisunze iyo mirongo, uwo mudada yokora iki? Wokora iki hamwe woba uri kumwe n’umuntu afise ijwi ryo mu mutima rimubuza gukora ikintu, ariko wewe rikaba rikwemerera kugikora?

Ikintu ca 2: Umuvukanyi arazi ko Bibiliya itabuza kunywa inzoga, ariko ahisemwo kuziheba. Atumiwe ahantu maze abonye abandi bavukanyi bariko baranywa inzoga.

Nimusome Umusiguzi 7:16 n’Abaroma 14:1, 10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Wisunze iyo mirongo, uwo muvukanyi yokora iki? Wokora iki ubonye umuntu ariko akora ikintu ijwi ryawe ryo mu mutima ritakwemerera gukora?

 Ni intambwe izihe twotera kugira dufate ingingo nziza?

1. Nusabe Yehova agufashe guhitamwo ico wokora.—Yakobo 1:5.

2. Nugire ubushakashatsi muri Bibiliya no mu bitabu bishingiye kuri yo kugira ubone ingingo ngenderwako wokwisunga. Woshobora no kwitura abakirisu bazi utuntu n’utundi.

3. Nuzirikane ku ngaruka ingingo ufata izogira kw’ijwi ryawe ryo mu mutima n’iry’abandi.

HARI ABAVUGA BATI: “Urafise uburenganzira bwo gukora ico ushaka cose. Nakare umuntu wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.”

  • Kubera iki bihambaye ko turimbura ukuntu Imana ibona ibintu hamwe n’ukuntu abandi bantu babibona?

INCAMAKE

Turafata ingingo nziza igihe turimbuye ukuntu Yehova abona ibintu maze tukazirikana nimba ivyo duhisemwo gukora bizofasha abandi canke nimba bizotuma bababara.

Wize iki?

  • Wofata gute ingingo zihimbara Yehova?

  • Womenyereza gute ijwi ryawe ryo mu mutima?

  • Wokwerekana gute ko wubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Ni gute wofata ingingo zigufasha gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana?

“Nufate ingingo zitera iteka Imana” (Umunara w’Inderetsi, 15 Ndamukiza 2011)

Numenye vyinshi ku kuntu Yehova atuyobora.

Yehova arayobora abasavyi biwe (9:50)

Nurabe icafashije umugabo umwe gufata ingingo itoroshe.

Kwa Yehova ntawigera ataha zirayoye (5:46)

Nurabe ukuntu wohimbara Yehova n’igihe ata tegeko ridomako ryoba rihari.

“Woba wama ukenera itegeko rya Bibiliya?” (Umunara w’Inderetsi, 1 Kigarama 2003)