Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 38

Nukenguruke ingabire y’ubuzima

Nukenguruke ingabire y’ubuzima

Mu buzima hari ibintu vyinshi bituryohera. Mbere n’igihe turiko turashikirwa n’ingorane ntihabura ibituryohera mu buzima. Twokwerekana gute ko dukenguruka ingabire y’ubuzima? Kandi ni imvo nyamukuru iyihe yotuma tubigira?

1. Kubera iki dukwiye gukenguruka ubuzima?

Turakwiye gukenguruka ubuzima kubera ari ingabire twahawe n’Umuvyeyi wacu adukunda Yehova. Ni we “sôko ry’ubuzima” bikaba bisobanura ko ari we yaremye vyose. (Zaburi 36:9) ‘Ni we ubwiwe aha abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose.’ (Ivyakozwe 17:25, 28) Yehova araturonsa ivyo dukeneye kugira tugume turi bazima. N’ikiruta ivyo, aratuma ubuzima burushiriza kuturyohera.—Soma Ivyakozwe 14:17.

2. Twokwereka gute Yehova ko dukenguruka ingabire y’ubuzima?

Kuva ukiri inda y’agasamo, Yehova yamye akwitwararika. Muri Bibiliya, umusavyi w’Imana yitwa Dawidi yanditse ati: “Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo.” (Zaburi 139:16) Yehova araha agaciro cane ubuzima. (Soma Matayo 10:29-31.) Vyomubabaza cane hamwe hogira uwica uwundi n’ibigirankana canke akagerageza kwiyahura. a (Kuvayo 20:13) Vyongeye vyobabaza cane Yehova igihe dushize ubuzima mu kaga bidakenewe canke hamwe tutokwiyubara tugasanga dushize ubuzima bw’abandi mu kaga. Igihe twitwararitse ubuzima tukongera tugaha agaciro ubuzima bw’abandi, tuba twerekanye yuko dukenguruka ingabire idasanzwe y’ubuzima.

TWINJIRE MU MIZI

Nurabe ibintu bimwebimwe wokora kugira werekane ko ukenguruka ingabire y’ubuzima.

3. Niwiteho amagara yawe

Kubera ko twasezeraniye Yehova kwama dukora ivyo agomba, turamukorera n’ubuzima bwacu bwose. Ni nk’aho tuba dushikirije imibiri yacu nk’ikimazi ku Mana. Nimusome Abaroma 12:1, 2, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni igiki gikwiye gutuma witaho amagara yawe?

  • Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe wobigira?

4. Niwiyubare kugira ntushire ubuzima bw’abandi mu kaga

Bibiliya iraturemesha kwirinda ibintu bituma hagira uwukomereka canke ngo ahasige ubuzima. Nimurabe iyo VIDEWO kugira mubone ibintu bimwebimwe mwokora ngo mwirinde amasanganya.

Nimusome Imigani 22:3, muce muganira ku kuntu wewe n’abandi mwokwirinda amasanganya . . .

  • muhira.

  • ku kazi.

  • igihe co kwinonora imitsi.

  • igihe uri mu modoka canke ubundi bwoko bw’ingendeshwa.

5. Nuhe agaciro ubuzima bw’umwana ataravuka

Dawidi yarasiguye ukuntu Yehova yitaho akantu kose kaba igihe umwana ariko arakurira mu nda ya nyina wiwe. Nimusome Zaburi 139:13-17, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Wisunze ukuntu Yehova abona ibintu, ubuzima bw’umuntu bwoba butangura akiri inda y’agasamo canke amaze kuvuka?

Amategeko Yehova yahaye Abisirayeli yarakingira abavyeyi n’abana bataravuka. Nimusome Kuvayo 21:22, 23, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Yehova yabona gute umuntu yishe umwana ataravuka bivuye kw’isanganya?

  • Wibaza ko Yehova yobonye gute umuntu yabikoze n’ibigirankana? b

  • Wovuga iki ku bijanye n’ukuntu Yehova abona ibintu?

Nimurabe iyo VIDEWO.

Mbere n’umugore atahura ko ubuzima ari ubw’agaciro, vyoshika akabona ko ata kindi yokora atari ugukorora inda. Nimusome Yesaya 41:10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Igihe umugore bariko bamuhatira gukorora inda, ni nde yosaba imfashanyo? Kubera iki?

HARI ABAVUGA BATI: “Umugore ni we yifatira ingingo nimba yokorora inda. Nakare ni we aba yibungenze.”

  • Ni igiki kigukura amazinda yuko Yehova aha agaciro ubuzima bw’umuvyeyi n’ubw’umwana ataravuka?

INCAMAKE

Bibiliya itwigisha gukunda, kwubaha no gukingira ingabire y’ubuzima Yehova yaduhaye. Aho harimwo ubuzima bwacu bwite be n’ubw’abandi.

Wize iki?

  • Kubera iki ubuzima bw’umuntu ari ubw’agaciro kuri Yehova?

  • Yehova yokwiyumva gute hamwe hogira uwica uwundi canke akagerageza kwiyahura?

  • Kubera iki ukenguruka ingabire y’ubuzima?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Twoshimira gute Yehova kubera ingabire y’ubuzima yaduhaye?

Ururirimbo rwa 141—Ubuzima ni igitangaro (2:41)

Nurabe inyishu y’ikibazo kivuga ngo “Imana yoba izobabarira umuntu yigeze gukorora inda?

“Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gukorora inda?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nimurabe ingene kumenya ukuntu Imana ibona ubuzima bidufasha guhitamwo uburyo bwo kwisamaza budashira ubuzima mu kaga.

“‘Inkino ziteye akaga’—Woba ukwiye kwigerezako?” (Be maso!, 8 Gitugutu 2000 mu gifaransa)

Bite ho igihe umuntu afise ivyiyumviro vyo kwiyahura? Raba ingene Bibiliya ishobora kumufasha.

“Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

a Yehova aritwararika cane abavunitse umutima. (Zaburi 34:18) Aratahura umubabaro dushobora kugira wotuma dushaka kwiyahura, kandi aripfuza kudufasha. Kugira ubone ingene ashobora kugufasha kunanira izo nyiyumvo, nusome ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?” kiri mu gice kivuga ngo “Rondera n’ibindi” co muri iki cigwa.

b Abantu bigeze gukorora inda ntibakwiye kuguma biyagiriza kubera ko Yehova ashobora kubababarira. Kugira uronke ayandi makuru, nusome ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gukorora inda?” mu gice kivuga ngo “Rondera n’ibindi” co muri iki cigwa.