Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 41

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’igitsina?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’igitsina?

Abantu benshi ntibiborohera kuvuga ibijanye n’igitsina. Mugabo, igihe Bibiliya ivuga ibijanye n’igitsina ibivuga mu buryo budomako ariko buranga icubahiro. Ivyo ivuga biratugirira akamaro. Kandi ivyo birumvikana kubera ko Bibiliya ikomoka kuri Yehova na we akaba ari Umuremyi wacu. Rero arazi icotubera ciza. Aratubwira ico twokora kugira tumuhimbare maze tukazobaho ibihe bidahera.

1. Yehova abona gute ibijanye no guhuza ibitsina?

Guhuza ibitsina ni ingabire Yehova yahaye abantu. Yipfuza ko umugabo n’umugore bubakanye babihimbarirwa. Iyo ngabire iratuma abubakanye baronka abana. Vyongeye, iratuma bagaragarizanya igishika n’urukundo bigatuma bompi bumva bahimbawe. Ni co gituma Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Nunezeranwe n’umugore wo mu buto bwawe.” (Imigani 5:18, 19) Yehova yiteze ko abakirisu badahemukira abo bubakanye. Ku bw’ivyo, baririnda kurenga ibigo.—Soma Abaheburayo 13:4.

2. Ubusambanyi ni iki?

Bibiliya itubwira ko “[ata] basambanyi . . . bazotorana ubwami bw’Imana.” (1 Abakorinto 6:9, 10) Abanditse Bibiliya mu kigiriki, bakoresheje ijambo por·neiʹa mu kudondora ubusambanyi. Iryo jambo rirashobora gusobanura (1) ubusambanyi a buba hagati y’abantu batarubakana, (2) ukuryamana kw’abasangiye igitsina, no (3) kwimara inambu y’umubiri ku bikoko. Igihe ‘twirinze ubusambanyi,’ turanezereza Yehova kandi natwe tukahungukira.—1 Abatesalonika 4:3.

TWINJIRE MU MIZI

Raba ingene ushobora kwirinda ubusambanyi be n’ingene kuguma udahumanye bizokugirira akamaro.

3. Nuhunge ubusambanyi

Umusore w’umwizigirwa yitwa Yozefu yarakoze uko ashoboye kwose kugira yirinde ubusambanyi. Nimusome Itanguriro 39:1-12, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni igiki catumye Yozefu ahunga?—Raba umurongo wa 9.

  • Ubona Yozefu yafashe ingingo nziza? Kubera iki wishuye gutyo?

Muri iki gihe, abakiri bato bokwigana gute Yozefu mu guhunga ubusambanyi? Nimurabe iyo VIDEWO.

Yehova yipfuza ko twese twirinda ubusambanyi. Nimusome 1 Abakorinto 6:18, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ibiki bishobora gutuma umuntu agwa mu busambanyi?

  • Wohunga gute ubusambanyi?

4. Urashobora gutsinda inyosha mbi

Ni ibintu ibihe bishobora gutuma bitubera urugamba kunanira ibitwosha kugwa mu busambanyi? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iyi videwo, igihe uwo muvukanyi yabona ko ivyo yiyumvira be n’ivyo yakora bishobora gutuma ahemukira umugore wiwe, yaciye akora iki?

Mbere n’abakirisu b’intahemuka birashika bakarwana urugamba kugira bagume badahumanye mu vyiyumviro. Ni igiki cogufasha kwirinda kuguma wiyumvira ivy’ubusambanyi? Nimusome Abafilipi 4:8, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ibiki dukwiye kuguma twiyumvira?

  • Ni gute gusoma Bibiliya no kuguma dufise vyinshi dukora mu gikorwa ca Yehova bidufasha gutsinda inyosha mbi?

5. Amategeko ya Yehova aratugirira akamaro

Yehova arazi icotubera ciza. Aratubwira ivyo twokora kugira tugume tudahumanye mu vyiyumviro vyacu no mu ngeso zacu hamwe n’akamaro vyotugirira. Nimusome Imigani 7:7-27 canke murabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni gute uwo musore yishize mu kaga?—Raba Imigani 7:8, 9.

  • Twisunze Imigani 7:23, 26, ubusambanyi burashobora kugira ingaruka zibabaje. Ariko none tugumye tudahumanye, ni ingorane izihe tuba twirinze?

  • Ni gute kuguma tudahumanye vyodufasha kuronka ubuzima budahera?

Abantu bamwebamwe babona ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye ibitsina bitaranga urukundo. Mugabo, Yehova ni Imana y’urukundo kandi yipfuza ko abantu bose babaho ibihe bidahera. Ariko rero, dutegerezwa kubaho twisunga amategeko yiwe. Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Wisunze uko Imana ibona ibintu, ivyipfuzo vyo kuryamana n’abasangiye igitsina vyoba ari vyo vyonyene dukwiye kwirinda?

Kugira duhimbare Imana, twese tubwirizwa kugira ivyo duhinduye. None ivyo vyoba bihambaye? Nimusome Zaburi 19:8, 11, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ivyo Yehova adusaba ubona vyumvikana? Kubera iki wishuye gutyo?

Yehova yarafashije abantu benshi kugamburuka amategeko yiwe. Na wewe arashobora kugufasha

HARI ABAVUGA BATI: “Guhuza ibitsina ntaco bitwaye, bakire gusa kuba bikundaniye.”

  • Wokwishura gute?

INCAMAKE

Guhuza ibitsina ni ingabire Yehova yahaye abubakanye kugira baryoherwe.

Wize iki?

  • Ubusambanyi ni iki?

  • Ni ibiki bizodufasha kwirinda ubusambanyi?

  • Gukurikiza amategeko ya Yehova bitugirira akamaro akahe?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe igituma Imana yipfuza ko umugabo n’umugore bashaka kubana bakwiye kuba banditswe.

“Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubana mutanditswe?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe igituma ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina bidasobanura ko dukwiye kwanka ababikora.

“Kuryamana n’uwo musangiye igitsina vyoba ari bibi?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe ukuntu amategeko y’Imana ajanye n’ubwoko bwose bw’ubusambanyi adukingira.

“Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka bwoba ari ubusambanyi koko?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Mu nkuru ivuga ngo “Baramfatanye icubahiro,” nurabe icafashije uwahoze aryamana n’abo basangiye igitsina ahindura uko yari abayeho kugira ahimbare Imana.

“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ndamukiza 2011)

a Mu busambanyi harimwo ibintu vyinshi nko guhuza ibitsina, guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka, kubicisha mu kibuno be no gukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’uwundi muntu mu ntumbero yo kubikabura.