Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 42

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwubaka be no kutubaka?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwubaka be no kutubaka?

Mu mico kama imwimwe, abantu babona ko umuntu adashobora guhimbarwa atubatse. Yamara si abubatse bose bahimbawe. Ariko kandi hari abatubatse bahimbawe. Ntibitangaje rero kuba Bibiliya ivuga ko kutubaka no kwubaka vyompi ari ingabire.

1. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva ku kuba umuntu atubatse?

Bibiliya ivuga iti: “Uwutanze . . . ubusugi bwiwe mu kwubaka aba agize neza, mugabo uwutabutanze mu kwubaka azoba agize neza kuruta.” (Soma 1 Abakorinto 7:32, 33, 38.) Ni mu buryo ubuhe umuntu atubatse aba “agize neza kuruta”? Kubera ko aba atubatse, ntakenera kurondera ivyo uwo bubakanye akenera. Rero tubivuze muri rusangi, abakirisu batubatse baba bafise umwidegemvyo mwinshi kuruta. Nk’akarorero, bamwe birabakundira kwongereza umwanya bamara mu gikorwa ca Yehova, nko kwimukira mu kandi karere kugira bamamaze inkuru nziza. N’ikiruta vyose, bararonka umwanya wiyongereye wo kwiyegereza Yehova.

2. Ni ivyiza ibihe biva ku kwandikisha umubano?

Cokimwe n’ukutubaka, kwubaka birafise ivyiza vyisangije. Bibiliya ivuga yuko “babiri baruta umwe.” (Umusiguzi 4:9) Ukwo ni ko biri canecane ku bakirisu bakurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu mubano wabo. Abubakanye biciye mu mategeko barasezerana yuko bazokwama bakundana, bubahana kandi baterana iteka. Ku bw’ivyo, akenshi usanga batekaniwe kuruta abapfa kubana batanditswe. Vyongeye, n’abana babo barumva batekaniwe kuruta.

3. Yehova abona gute umubano?

Igihe Yehova yatanguza umubano, yavuze ati: “Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye] n’umugore wiwe.” (Itanguriro 2:24) Yehova yipfuza ko umugabo n’umugore bakundana kandi bakaguma babana igihe cose baba bakiri bazima. Aremera ko haba ukwahukana igihe umwe mu bubakanye arenze ibigo. Mu bihe nk’ivyo, Yehova araha uburenganzira uwahemukiwe bwo guhitamwo kwahukana canke kuvyihoza. a (Matayo 19:9) Yehova ntiyemera yuko umukirisu yubakana n’umuntu arenze umwe.—1 Timoteyo 3:2.

TWINJIRE MU MIZI

Nurabe ingene ushobora guhimbarwa ukongera ukanezereza Yehova waba wubatse canke utubatse.

4. Nukoreshe neza ingabire yo kutubaka

Yezu yabona ko kutubaka ari ingabire. (Matayo 19:11, 12) Nimusome Matayo 4:23, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Yezu yakoresheje gute ingabire y’ukutubaka mu gukorera Se wiwe no mu gufasha abandi?

Abakirisu batubatse barashobora guhimbarwa mu gukoresha iyo ngabire nk’uko Yezu yabigize. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Abakirisu batarubaka izabo bokoresha neza gute ako karyo?

Wari ubizi?

Naho Bibiliya idashinga imyaka umuntu akwiye kuba afise kugira yubake, iraremesha abakiri bato kurindira gushika bamaze kurengana “ishurika ry’ubuto.” Muri ico kiringo, ivyipfuzo vyo guhuza ibitsina biba bikomeye cane ku buryo bishobora kugora uwukiri muto gufata ingingo zibereye.—1 Abakorinto 7:36.

5. Nuhitemwo witonze uwo muzokwubakana

Mu ngingo zidasanzwe umuntu afata harimwo guhitamwo uwo bazokwubakana. Nimusome Matayo 19:4-6, 9, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki umukirisu akwiye kuzirikana yitonze imbere yo guhitamwo uwo bazokwubakana?

Bibiliya irashobora kugufasha kumenya ukuntu uwo mwokwubakana abereye akwiye kuba ameze. Igihambaye kuruta ibindi vyose, ni uguhitamwo umuntu akunda Yehova. b Nimusome 1 Abakorinto 7:39 na 2 Abakorinto 6:14, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki dukwiye kwubakana gusa n’abo dusangiye ukwizera?

  • Wibaza ko Yehova yokwiyumva gute abonye duhisemwo kwubakana n’umuntu atamukunda?

Igihe ibikoko bibiri bitangana bibohewe ku ngogo imwe, vyompi birahabonera. Muri ubwo buryo nyene, umukirisu yubakanye n’umuntu badasangiye ukwemera arahura n’ingorane nyinshi

6. Nubone umubano nk’uko Yehova awubona

Muri Isirayeli ya kera, abagabo bamwebamwe barahukana n’abagore babo ku mvo zidafashe. Nimusome Malaki 2:13, 14, 16, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki Yehova yanka ukwahukana kudashingiye ku Vyanditswe?

Kurenga ibigo n’ukwahukana birababaza uwahemukiwe hamwe n’abana babo

Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Nimba wubakanye n’umuntu mudasangiye ukwizera, ni ibiki wokora kugira muroranirwe mu mubano wanyu?

7. Nukurikize amategeko ya Yehova ajanye n’umubano

Bisaba akigoro kadasanzwe kugira umuntu akurikize amategeko ya Yehova ajanye n’umubano. c Ariko Yehova arahezagira abayakurikiza. Nimurabe iyo VIDEWO.

Nimusome Abaheburayo 13:4, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Wibaza ko bishoboka yuko umuntu akurikiza amategeko ya Yehova ajanye n’umubano? Kubera iki wishuye gutyo?

Yehova yiteze ko igihe abakirisu bashaka kwubaka izabo canke igihe bashaka kwahukana babikora biciye mu mategeko. Ivyo birahambaye narirya mu bihugu vyinshi, amategeko y’aho usanga asaba abantu kubigira. Nimusome Tito 3:1, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Nimba wubatse, umubano wanyu woba uzwi imbere y’amategeko?

HARI UWOBAZA ATI: “Kubera iki tworinda kwandikisha? Ntitwopfa kwibanira?”

  • Wokwishura gute?

INCAMAKE

Kwubaka be no kutubaka vyompi ni ingabire Yehova yaduhaye. Baba abubatse canke abatubatse, bose barashobora kubaho bahimbawe kandi bakaroranirwa bakoze ivyo Yehova agomba.

Wize iki?

  • Ni gute umuntu atubatse yokoresha neza ico kiringo?

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwubakana gusa n’umuntu musangiye ukwizera?

  • Ni imvo ishingiye ku Vyanditswe iyihe yotuma umuntu yahukana?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Kwubaka mu “Mukama gusa” bisobanura iki?

“Ibibazo vy’abasomyi” (Umunara w’Inderetsi, 1 Mukakaro 2004)

Nurabe utuvidewo tubiri dushobora kugufasha gufata ingingo nziza mu bijanye no kureshanya no kwubaka.

Kwitegurira umubano (11:53)

Nurabe igituma umuvukanyi umwe abona ko Yehova yamuhaye ikintu c’agaciro kuruta ibintu vyose yahevye.

Narizigira ko azokwiga Bibiliya (1:56)

Ni ibiki umuntu yorimbura imbere y’uko afata ingingo yo kwahukana canke gutandukana?

“Niwubahe ‘ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe’” (Umunara w’Inderetsi, Kigarama 2018)

a Ku bijanye no gutandukana igihe ata warenze ibigo, raba Akajambo ko ku mpera ka 4.

b Mu mico kama imwimwe, abavyeyi barahitiramwo abana babo abo bazokwubakana. Igihe vyifashe gutyo, abavyeyi bakunda abana babo ntibabahitiramwo abo bazokwubakana bafatiye ku mahera canke ikibanza bafise mu kibano. Ahubwo bafatira ku kuba bakunda Yehova.

c Nimba ubana n’umuntu mutanditswe, ni wewe wihitiramwo kuvana na we canke kwandikisha uwo mubano wanyu.