Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 47

Woba witeguriye kubatizwa?

Woba witeguriye kubatizwa?

Kuva aho utanguriye kwiga Bibiliya, uramaze kumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova. Ushobora kuba waragize ivyo uhinduye kugira ushire mu ngiro ivyo wiga. Naho biri ukwo, hashobora kuba hari impamvu ituma ubona ko hataragera ko wiyegurira Yehova maze ubatizwe. Iki cigwa kiraza kukwereka ibintu bishobora gutuma wibaza yuko hataragera ko ubatizwa n’ingene wobitsinda.

1. Ukwiye kuba uzi ibintu bingana gute imbere y’uko ubatizwa?

Imbere y’uko ubatizwa, ukwiye kuba ufise “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Timoteyo 2:4) Ivyo ntibisigura ko utegerezwa kuba uzi inyishu z’ibibazo vyose bishingiye kuri Bibiliya imbere y’uko ubatizwa. Mbere n’abakirisu bamaze igihe kirekire babatijwe barabandanya kwiga. (Abakolosayi 1:9, 10) Ariko rero urakeneye kuba uzi inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Abakurambere bo mw’ishengero bazogufasha kumenya nimba ufise ubumenyi buhagije.

2. Ni intambwe izihe ukwiye gutera imbere y’uko ubatizwa?

Imbere y’uko ubatizwa, utegerezwa ‘kwigaya maze ugahindukira.’ (Soma Ivyakozwe 3:19.) Ivyo bisobanura ko wumva wicujije ku bicumuro wakoze muri kahise, hanyuma ugasaba Yehova imbabazi. Vyongeye, urakenera kwamirira kure inyifato itabereye kandi ukiyemeza kubaho mu buryo buhimbara Imana. Urakenera kandi gutangura kwitaba amakoraniro no kwamamaza wifatanije n’ishengero.

3. Kubera iki udakwiye kureka ngo ubwoba bukubuze kubatizwa?

Bamwebamwe baratinya ko batazoshobora gushitsa ivyo basezeraniye Yehova. Mu vy’ukuri, bizoshika ukore amakosa nk’uko vyashikiye abagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya. Mugabo, Yehova ntiyiteze ko abasavyi biwe baba abatunganye. (Soma Zaburi 103:13, 14.) Aranezerwa igihe ukoze uko ushoboye kwose kugira ngo umuhimbare, kandi azogufasha kubigira. Yehova aradukura amazinda ko ata kintu na kimwe “kizoshobora kudutandukanya n’urukundo [rwiwe].”—Soma Abaroma 8:38, 39.

TWINJIRE MU MIZI

Nurabe ingene kurushiriza kumenya Yehova no kwemera imfashanyo aguha bishobora kugufasha gutsinda ivyokubuza kubatizwa.

4. Nurushirize kumenya Yehova

Ukwiye kumenya Yehova ku rugero rungana iki imbere y’uko ubatizwa? Urakeneye kumumenya neza ku buryo umukunda kandi ukagira icipfuzo co kumuhimbara. Nimurabe iyo VIDEWO kugira ubone icafashije abatohoji ba Bibiliya bo hirya no hino kw’isi kubigira. Nimuce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iyo videwo, ni igiki cafashije abantu bamwebamwe kwitegurira ibatisimu?

Nimusome Abaroma 12:2, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Woba ufise amakenga ku bijanye n’ivyo Bibiliya yigisha canke nimba Ivyabona vya Yehova bigisha ukuri?

  • Nimba ari ukwo biri, ubona ukwiye gukora iki?

5. Nutsinde ivyoshobora kukubuza kubatizwa

Igihe dufashe ingingo yo kwiyegurira Yehova no kubatizwa, twese turahura n’ibigeragezo. Kugira ubone akarorero, nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, ni intambamyi izihe Narangerel yabwirijwe gutsinda kugira akorere Yehova?

  • Urukundo akunda Yehova rwamufashije gute gutsinda izo ntambamyi?

Nimusome Imigani 29:25 na 2 Timoteyo 1:7, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Twokura hehe umutima rugabo kugira dutsinde intambamyi?

6. Niwizigire ko Yehova azogufasha

Yehova azogufasha kugira umuhimbare. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, ni igiki catuma uwo mutohoji wa Bibiliya atabatizwa?

  • Ni ibiki yize vyamufashije kurushiriza kwizigira Yehova?

Nimusome Yesaya 41:10, 13, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki wohera amazinda ko ushobora gushitsa ivyo wosezerana uramutse wiyeguriye Yehova?

7. Nurushirize gukenguruka urukundo Yehova agukunda

Uko urushiriza kuzirikana urukundo Yehova agukunda ni ko uzorushiriza kumukengurukira maze wumve wipfuje kumukorera ibihe vyose. Nimusome Zaburi 40:5, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibintu vyiza ibihe Yehova yagukoreye ukenguruka cane?

Umuhanuzi Yeremiya yarakunda Yehova n’Ijambo ryiwe kandi yarakenguruka agateka yari afise ko kwitirirwa izina ry’Imana. Yavuze ati: “Ijambo ryawe rimbereye umwigino n’umunezero w’umutima wanje; kuko nitiriwe izina ryawe, ewe Yehova Mana.” (Yeremiya 15:16) Niwishure ibi bibazo:

  • Kubera iki ari agateka kuba Icabona ca Yehova?

  • Woba wipfuza kubatizwa ngo ube Icabona ca Yehova?

  • Hoba hari ikiriko kirakubuza kubatizwa?

  • Wibaza ko ukwiye gukora iki kugira ngo ubatizwe?

HARI ABAVUGA BATI: “Nibaza ko ninabatizwa ntazoshobora gushitsa ivyo niyemeje.”

  • Woba nawe ari ukwo wiyumva?

INCAMAKE

Ubifashijwemwo na Yehova, urashobora gutsinda intambamyi iyo ari yo yose yokubuza kubatizwa.

Wize iki?

  • Imbere y’uko ubatizwa, ukwiye kuba ufise ubumenyi bwo muri Bibiliya bungana iki?

  • Ni ibiki ukeneye guhindura imbere y’uko ubatizwa?

  • Kubera iki udakwiye kureka ngo ubwoba bukubuze kubatizwa?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe impamvu ikwiye gutuma ufata ingingo yo kubatizwa.

“Hoba hageze ko ubatizwa?” (Umunara w’Inderetsi, Ntwarante 2020)

Nurabe ukuntu wotsinda ibintu bimwebimwe bishobora kukubuza kubatizwa.

“Ni igiki kimbuza kubatizwa?” (Umunara w’Inderetsi, Ntwarante 2019)

Nurabe ukuntu umugabo umwe yatsinze ibintu bimwebimwe vyamubuza kubatizwa.

‘Ni igiki kigutevya kubatizwa?’ (1:10)

Mu ntango, umugabo yitwa Ataa yaratinya kubatizwa. Nurabe icamufashije gutera iyo ntambwe ihambaye.

Numva ntabibereye (7:21)