Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 48

Nuhitemwo neza abagenzi

Nuhitemwo neza abagenzi

Abagenzi beza baratuma umunezero wacu wongerekana kandi bakaduserukako turi mu ngorane. Ariko Bibiliya iratugabisha yuko abantu bose atari abagenzi beza. None wohitamwo gute abagenzi beza? Rimbura ibibazo bikurikira.

1. Ni gute abagenzi uhitamwo bagira ico bakoze kuri wewe?

Igihe tumarana umwanya munini n’abantu, biroroha ko tumera nka bo. Bashobora kuduhindura tukamera neza canke nabi, kandi ukwo ni kwo biri twaba twifatanya amaso mu yandi canke ku buhinga bwa none. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju [ni ukuvuga abadakunda Yehova] azokwibonerako.” (Imigani 13:20) Abagenzi bakunda Yehova kandi bakamusenga barashobora kugufasha kumwiyegereza no gufata ingingo nziza. Ariko igihe abagenzi somambike bacu badakunda Yehova barashobora gutuma tutamwiyegereza. Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza guhitamwo neza abagenzi. Igihe abagenzi bacu bakunda Yehova twese turahungukira. Gutyo, birashoboka ko ‘tuguma duhozanya kandi tukubaka bagenzi bacu.’—1 Abatesalonika 5:11.

2. Abagenzi uhitamwo bazotuma Yehova yiyumva gute?

Yehova arahitamwo abagenzi biwe yitonze. “Kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.” (Imigani 3:32) Yehova yokwiyumva gute duhisemwo abagenzi batamukunda? Emwe vyomubabaza cane. (Soma Yakobo 4:4.) Ku rundi ruhande, nitwamirira kure abagenzi babi, tukifatanya n’abamukunda kandi tukamwiyegereza, azohimbarwa yongere atugire abagenzi biwe.—Zaburi 15:1-4.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe igituma bihambaye ko duhitamwo abagenzi beza hamwe n’ukuntu twokomeza ubucuti dufitaniye na bo.

3. Nube maso ku bo mwifatanya

Abantu badakunda Yehova hamwe n’amategeko yiwe si abagenzi beza. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Dushobora gute kwifatanya n’abagenzi babi tutabiciye n’ikanda?

Nimusome 1 Abakorinto 15:33, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Abantu ubona ko bokubera abagenzi babi bameze gute? Kubera iki?

Nimusome Zaburi 119:63, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Umugenzi mwiza akwiye kuba ameze gute?

Icamwa kimwe kiboze kirashobora kwonona ibindi. Umugenzi mubi ashobora gutuma nawe umera gute?

4. Abantu dufise ivyo dutandukaniyeko barashobora kutubera abagenzi

Bibiliya iratwiganira inkuru ya Dawidi na Yonatani, bakaba bari abo muri Isirayeli ya kera. Yonatani yarasumvya imyaka myinshi Dawidi, akaba yari n’umwana w’umwami. Naho vyari ukwo, bari abagenzi somambike. Nimusome 1 Samweli 18:1, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki abagenzi bacu badakwiye kuba gusa abo tunganya imyaka canke abo dufise ikibanza kimwe mu kibano?

Nimusome Abaroma 1:11, 12, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Abagenzi bakunda Yehova bashobora gute kuremeshanya?

Muri iyo videwo, nurabe ukuntu uwukiri muto umwe aronkera abagenzi aho atari yiteze. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, kubera iki abavyeyi ba Akil bari barajwe ishinga n’abo bifatanya kw’ishure?

  • Mu ntango, ni ibiki vyatuma abakunda?

  • Ni igiki camufashije gutsinda irungu?

5. Ingene twokomeza ubucuti dufitaniye n’abagenzi beza

Reka turabe ingene tworonka abagenzi beza n’ingene twobera abandi abagenzi beza. Nimurabe iyo VIDEWO.

Nimusome Imigani 18:24 na 27:17, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Abagenzi nyakuri bafashanya gute?

  • Woba ufise umugenzi nk’uwo? Nimba utamufise, womurondera gute?

Nimusome Abafilipi 2:4, muce muganira kuri iki kibazo

  • Kugira uronke abagenzi beza, urakeneye kubera abandi umugenzi mwiza. Ivyo wobigira gute?

Kugira uronke abagenzi beza, urakeneye kubera abandi umugenzi mwiza

HARI ABAVUGA BATI: “Umuntu uwo ari we wese arashobora kukubera umugenzi.”

  • Wewe ubivugako iki?

INCAMAKE

Igihe duhisemwo neza abagenzi, birahimbara Yehova kandi bikatugirira akamaro.

Wize iki?

  • Kubera iki Yehova yitwararika ukuntu duhitamwo abagenzi?

  • Dukwiye kwirinda abagenzi bameze gute?

  • Wokomeza gute ubucuti ufitaniye n’abagenzi beza?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Ni igiki ukwiye kumenya ku bucuti bwo kuri internet?

Nukoreshe neza ubuhinga bwa none (4:12)

Mu nkuru ivuga ngo “Nari nshashaye kuronka uwombera dawe,” nurabe icatumye umugabo umwe asubira gusuzuma abagenzi yari afise.

“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ndamukiza 2012)