Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 50

Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2

Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2

Abana ni ingabire iva kuri Yehova. Rero yipfuza ko abavyeyi babitwararika neza. Yehova araronsa abavyeyi impanuro ngirakamaro zobafasha kubigira. Vyongeye, izo mpanuro zirafasha abana kubona ivyo bokora kugira mu rugo habe agahimbare.

1. Ni impanuro iyihe Yehova aha abavyeyi?

Yehova yipfuza ko abavyeyi bakunda abana babo kandi bakamarana na bo umwanya munini ushoboka. Vyongeye, yipfuza ko abavyeyi bakingira abana babo ivyobagirira nabi kandi bagakoresha ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu kubigisha. (Imigani 1:8) Abwira ba serugo ati: “Mubandanye [kurera abana banyu] mu . . . kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Soma Abanyefeso 6:4.) Yehova arahimbarwa igihe abavyeyi bashize mu ngiro ivyo abasaba mu kurera abana babo, aho kuzeza iryo banga uwundi muntu.

2. Ni impanuro iyihe Yehova aha abana?

Yehova abwira abana ati: “Mugamburukire abavyeyi banyu.” (Soma Abakolosayi 3:20.) Igihe abana bubaha abavyeyi kandi bakabagamburukira, biratuma Yehova ahimbarwa n’abavyeyi bakanezerwa. (Imigani 23:22-25) Igihe Yezu yari akiri muto, yaratanze akarorero keza. Naho yari atunganye, yaragamburukira abavyeyi biwe kandi akabubaha.—Luka 2:51, 52.

3. Mushobora gute kwiyegereza Imana uko mugize umuryango?

Nimba uri umuvyeyi, nta gukeka ko wipfuza yuko abana bawe bakunda Yehova nk’uko umukunda. None wobafasha gute? Ni mu gushira mu ngiro ibi bintu Bibiliya ivuga: “Uze [ushimangire amajambo ya Yehova] mu mwana wawe wongere uyage ivyayo igihe wicaye mu nzu yawe, n’igihe ugenda ku nzira.” (Gusubira mu vyagezwe 6:7) “Gushimangira” bisigura kwigisha ikintu ukaza uragisubiramwo kenshi. Nkako, usanzwe uzi yuko kugira abana bibuke ikintu, utegerezwa kuza uragisubiramwo akatari gake. Iki canditswe rero gisigura yuko ukwiye kwama urondera uturyo two kubwira abana bawe ivyerekeye Yehova. Birahambaye ko wama utegekanya umwanya buri ndwi kugira mwigire hamwe Bibiliya uko mugize umuryango. Nimba mudafise abana, naho nyene birahambaye ko mwama mufata umwanya buri ndwi kugira mwigire hamwe Ijambo ry’Imana.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ibintu ngirakamaro bishobora gutuma abagize umuryango bahimbarwa kandi bakumva batekaniwe.

4. Nimutoze indero abana banyu mubigiranye urukundo

Gutoza indero umwana ntivyoroshe. None Bibiliya yobafasha gute? Nimusome Yakobo 1:19, 20, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Abavyeyi bogaragaza gute urukundo igihe baganira n’abana babo?

  • Kubera iki umuvyeyi adakwiye gutoza indero abana biwe ashavuye? a

5. Nimukingire abana banyu

Kugira mukingire abana banyu, birahambaye cane ko mubayagira ibijanye n’igitsina. Ivyo vyoshobora kuba bitoroshe. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki abavyeyi bamwebamwe bibagora kuyagira abana babo ivyerekeye igitsina?

  • Abavyeyi bamwebamwe basigurira gute abana babo ivyerekeye igitsina?

Nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, isi ya Shetani irushiriza kwononekara. Nimusome 2 Timoteyo 3:1, 13, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Bamwebamwe muri abo babisha bavugwa ku murongo wa 13 baronona abana. Ku bw’ivyo, kubera iki bihambaye ko abavyeyi bigisha abana babo ivyerekeye igitsina be n’ukuntu bokwikingira hagize uwushaka kubonona?

Wari ubizi?

Ivyabona vya Yehova barasohora ibikoresho vyinshi bifasha abavyeyi kuyaga n’abana babo ivyerekeye igitsina no kubona ingene bobakingira uwushaka kubonona. Nk’akarorero, raba:

6. Niwubahe abavyeyi bawe

Abana barashobora kwerekana ko bubaha abavyeyi babo mu kuntu babayagisha. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki bihambaye ko umwana ayagisha abavyeyi biwe mu buryo buranga icubahiro?

  • Ni gute uwukiri muto yoyagisha abavyeyi biwe mu buryo buranga ko abubaha?

Nimusome Imigani 1:8, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Uwukiri muto akwiye kuvyifatamwo gute igihe abavyeyi bamusavye gukora ikintu kanaka?

7. Nimusenge Yehova uko mugize umuryango

Imiryango y’Ivyabona vya Yehova irategekanya akanya buri ndwi ko kwigira hamwe Bibiliya, ivyo twita kandi Ugusenga kwo mu muryango. None ivyo babigira gute? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ibiki vyofasha abagize umuryango kudasiba Ugusenga kwo mu muryango?

  • Ni ibiki umuvyeyi yokora kugira atume ugusenga kwo mu muryango kuba ngirakamaro kandi kukaryoha?—Raba ishusho itangura muri iki cigwa.

  • Ni ibiki bishobora gutuma kwigira hamwe Bibiliya uko mugize umuryango bibabera urugamba?

Muri Isirayeli ya kera, Yehova yashaka ko abagize imiryango bama baganirira hamwe Ivyanditswe. Nimusome Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Mwoshira mu ngiro gute iyo ngingo ngenderwako?

Ivyiyumviro vyofasha mu gusenga kwo mu muryango

  • Gutegura amakoraniro.

  • Gusoma no kuganira ku nkuru yo muri Bibiliya mukunda.

  • Nimba ufise abana bato, nuvome canke ucapure agakorwa k’abana kuri jw.org.

  • Nimba ufise abana b’imiyabaga, nimurabire hamwe ikiganiro cerekeye imiyabaga kuri jw.org.

  • Nimusubiremwo mu buryo bw’igikino inkuru yo muri Bibiliya muri kumwe n’abana bawe.

  • Nimurabe mwongere muganire kuri imwe mu mavidewo dusanga kuri jw.org.

HARI ABAVUGA BATI: “Bibiliya iragoye ku buryo abana batoyitahura.”

  • Wewe ubivugako iki?

INCAMAKE

Yehova yipfuza ko abavyeyi bakunda abana babo, bakabatoza indero kandi bakabakingira; abana na bo bakubaha abavyeyi kandi bakabagamburukira; imiryango na yo ikigira hamwe Bibiliya.

Wize iki?

  • Ni gute abavyeyi botoza indero abana babo kandi bakabakingira?

  • Abana bokwerekana gute ko bubaha abavyeyi babo?

  • Gutegekanya umwanya buri ndwi kugira mwigire hamwe Bibiliya uko mugize umuryango bivamwo ivyiza ibihe?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Ni ibiki abana bokwiga bizobafasha n’igihe bazoba bamaze gukura?

“Ivyigwa bitandatu abana bakwiye kwiga” (Be maso! No. 2 2019)

Ni impanuro ngirakamaro izihe Bibiliya iha abariko baritwararika abavyeyi bageze mu zabukuru?

“Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe icafashije umugabo umwe atari azi ingene yorera abana biwe kuba umuvyeyi mwiza.

Barigishijwe na Yehova kurera abana babo (5:58)

Nurabe ivyofasha ba sebibondo gukomeza ubucuti bafitaniye n’abahungu babo.

“Ivyofasha sebibondo kuguma ashikirana n’umuhungu wiwe” (Umunara w’Inderetsi, 1 Munyonyo 2011)

a Muri Bibiliya, “gutoza indero” vyerekeza ku kwigisha, kuyobora no gukosora. Nta na rimwe vyigera bisobanura gufata umuntu nabi canke bunyamaswa.—Imigani 4:1.