Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 51

Dushobora gute kunezereza Yehova mu majambo tuvuga?

Dushobora gute kunezereza Yehova mu majambo tuvuga?

Yehova yaturemanye ingabire nziza, na yo akaba ari ubushobozi bwo kuvuga. Yoba yitwararika ukuntu tuyikoresha? Neza cane. (Soma Yakobo 1:26.) Twokoresha gute ubushobozi dufise bwo kuvuga mu buryo buhimbara Yehova?

1. Dushobora gute gukoresha neza ingabire Yehova yaduhaye yo kuvuga?

Bibiliya itubwira iti: “Mugume . . . muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu.” (1 Abatesalonika 5:11) Hoba hari umuntu uzi akeneye indemesho? Wokora iki kugira umufashe? Numukure amazinda ko ari uw’agaciro kuri wewe. Kumbure urashobora kumubwira ibintu ushima ku bimwerekeye. Hoba hari icanditswe ubona gishobora kuremesha uwo muntu? Emwe hariho ivyanditswe vyinshi wohitamwo. Niwibuke kandi ko uburyo uvuzemwo ikintu bushobora kuremesha cane abandi. Rero niwame ugerageza kuvugana ubuntu n’ikibabarwe.—Imigani 15:1.

2. Dukwiye kwirinda imvugo imeze gute?

Bibiliya ivuga iti: “Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu.” (Soma Abanyefeso 4:29.) Ivyo bisigura ko twirinda gukoresha amajambo mabi canke amajambo acumita mu ntumbero yo kubabaza abandi. Dutegerezwa kandi kwirinda urusaku hamwe n’amajambo acafuza abandi.—Soma Imigani 16:28.

3. Ni ibiki vyodufasha gukoresha imvugo iremesha?

Akenshi ivyo tuvuga biragaragaza uko twiyumva be n’ivyo twiyumvira. (Luka 6:45) Turakwiye rero kwimenyereza kwama dushira ku mutima wacu ibintu vyiza ni ukuvuga ibintu bigororotse, bitanduye, vyo gukundwa kandi bibereye gushimagizwa. (Abafilipi 4:8) Kugira dushobore kuguma twiyumvira ivyo bintu, dutegerezwa guhitamwo abagenzi beza be n’uburyo bwiza bwo kwinezereza. (Imigani 13:20) Gushira ku mutima wacu ivyo bintu vyiza bizodufasha kandi kuzirikana amajambo twovuga be n’ukuntu twoyavuga. Nuzirikane ku kuntu amajambo uvuga ashobora kugira ico akoze ku bandi. Bibiliya ivuga iti: “Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota, mugabo ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra.”Imigani 12:18.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ukuntu amajambo tuvuga yonezereza Yehova kandi akaremesha abandi.

4. Nucungere ivyo uvuga

Twese birashika tukavuga amajambo mu nyuma tukicuza. Nimusome Abagalatiya 5:22, 23, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri izo kamere, ni izihe wosenga usaba kugira zigufashe gucungera ivyo uvuga? Izo kamere zogufasha gute?

Nimusome 1 Abakorinto 15:33, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni gute abagenzi be n’uburyo bwo kwinezereza uhitamwo bishobora kugira akosho ku kuntu uvuga?

Nimusome Umusiguzi 3:1, 7, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ryari vyoba vyiza tunumye? Ni ryari vyoba vyiza turindiriye akanya keza ko kuvuga?

5. Nuvuge neza abandi

Twoshobora gute kwirinda gutuka abandi canke kubabwira amajambo ataranga urukundo? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, kubera iki uwo muvukanyi yashaka guhindura ukuntu avuga abandi?

  • Ni ibiki yakoze kugira ahindure?

Nimusome Umusiguzi 7:16, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibiki dukwiye kwibuka igihe tugira tuvuge nabi abandi?

Nimusome Umusiguzi 7:21, 22, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Iyo mirongo yogufasha gute kudatwarwa n’ishavu igihe uwundi muntu yakuvuze nabi?

6. Nuvugane ubuntu igihe uyaga n’abo mu muryango wawe

Yehova yipfuza ko tuyaga n’abo mu muryango wacu mu buryo buranga ubuntu n’urukundo. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni igiki cogufasha kuvugana umutima mwiza igihe uyagisha abo mu muryango wawe?

Nimusome Abanyefeso 4:31, 32, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni gute twoyagisha abo mu muryango wacu mu buryo buremesha?

Yehova yaragaragaje ukuntu yabona Umwana wiwe Yezu. Nimusome Matayo 17:5, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Wokwigana gute Yehova mu kuntu uyagisha abo mu muryango wawe?

Nurondere uturyo two gukeza abandi

HARI ABAVUGA BATI: “Je mvuga ibinjemwo vyose. Ibisigaye ntimumbaze.”

  • Ukwo kwoba ari kwo nawe ubibona? Kubera iki wishuye gutyo?

INCAMAKE

Amajambo tuvuga arashobora kugirira akamaro abandi canke akabababaza. Rero turakwiye kuzirikana twitonze ivyo tuvuga, igihe tubivugira hamwe n’ukuntu tubivuga.

Wize iki?

  • Ni mu buryo butandukanye ubuhe wokoresha imvugo yawe mu buryo buremesha abandi?

  • Ni imvugo imeze gute wipfuza kwirinda?

  • Ni ibiki vyodufasha kwama dukoresha imvugo iranga ubuntu kandi tukaremesha abandi?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Ni ibiki vyodufasha gukoresha imvugo iremesha abandi?

Nutsimbataze ururimi rw’abantu b’inkerebutsi (8:04)

Nurabe ivyogufasha kwirinda kuvuga amajambo mabi.

“Gukoresha ibijambo bibi hari ico bitwaye?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe ingene wokwirinda kuvuga urusaku.

Ingene nokwirinda urusaku (2:36)

Nurabe ukuntu Yehova yafashije umugabo umwe gutsinda urugamba rwo kuvuga ibijambo bibi.

“Naricaye ndiyumvira iyo ubuzima bwanje bwariko buraja” (Umunara w’Inderetsi, 1 Myandagaro 2013)