Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 54

“Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ni nde kandi akora iki?

“Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ni nde kandi akora iki?

Yezu ni we mutwe w’ishengero rya gikirisu. (Abanyefeso 5:23) Muri iki gihe, Yezu arayobora ari mw’ijuru abigishwa biwe bari kw’isi abicishije ku “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Soma Matayo 24:45.) Kubera ko Yezu Kristu ari we agena uwo “mushumba,” uwo “mushumba” yogize uburenganzira bwo gufata ingingo zimwezimwe ariko akaguma ayobokera Yezu Kristu akongera akaronsa abarobanuwe ivyo bakeneye. None uwo mushumba ni nde? Kandi adufasha gute?

1. “Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ni nde?

Kuva muri kahise, Yehova yamye akoresha umuntu canke umugwi w’abantu kugira ayobore abasavyi biwe. (Malaki 2:7; Abaheburayo 1:1) Inyuma y’urupfu rwa Yezu, intumwa n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu ni bo baja imbere abandi. (Ivyakozwe 15:2) Muri ubwo buryo nyene, no muri iki gihe umugwi mutoyi w’abakurambere witwa Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, uraturonsa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ukongera ugahagarikira igikorwa co kwamamaza. Uwo mugwi ni wo witwa kandi “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” Yezu akaba ari we yawushinze. (Matayo 24:45a) Abagize Inama Nyobozi bose ni abakirisu barobanuwe. Ivyo bisobanura ko bafise icizigiro co kuja mw’ijuru bagafadikanya na Yezu kuganza barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi.

2. Ibifungurwa vy’impwemu umushumba w’umwizigirwa aturonsa ni ibihe?

Yezu yavuze yuko uwo mushumba w’umwizigirwa ‘yohaye [abakirisu bagenziwe] ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye.’ (Matayo 24:45b) Nk’uko ibifungurwa bituma tugira inguvu n’amagara meza, ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga inyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana, biraturonsa inguvu dukeneye kugira tugume turi intahemuka kuri Yehova twongere dushitse igikorwa Yezu yadushinze. (1 Timoteyo 4:6) Ivyo bifungurwa turabironka biciye ku makoraniro, amateraniro, amahwaniro hamwe no ku bitabu be n’amavidewo bishingiye kuri Bibiliya. Ivyo vyose biradufasha kumenya ivyo Imana igomba no gukomeza ubucuti dufitaniye na yo.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe igituma dukeneye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ni ukuvuga Inama Nyobozi.

Inama Nyobozi iraronsa Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu, ubuyobozi be n’ibindi bintu ngirakamaro

3. Abasavyi ba Yehova bategerezwa kuba batunganijwe neza

Inama Nyobozi iyobowe na Yezu, iratunganya igikorwa c’Ivyabona vya Yehova. Ivyo ni ko vyari no ku bakirisu bo mu ntango. Nimurabe iyo VIDEWO.

Nimusome 1 Abakorinto 14:33, 40, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Iyo mirongo yerekana gute yuko Yehova yipfuza ko Ivyabona vyiwe baba batunganijwe neza?

4. Umushumba w’umwizigirwa aratunganya igikorwa co kwamamaza

Kwamamaza ni igikorwa gihambaye abakirisu bo mu ntango bakora. Nimusome Ivyakozwe 8:14, 25, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Mu kinjana ca mbere, ni bande bari bahagarikiye igikorwa co kwamamaza?

  • Petero na Yohani bakiriye gute ivyo izindi ntumwa zabasavye gukora?

Kwamamaza ni co gikorwa gihambaye Inama Nyobozi itunganya muri iki gihe. Nimurabe iyo VIDEWO.

Yezu yarerekanye ukuntu igikorwa co kwamamaza gihambaye. Nimusome Mariko 13:10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki Inama Nyobozi ibona ko igikorwa co kwamamaza gihambaye?

  • Kubera iki bikenewe yuko “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” atunganya ico gikorwa kibera kw’isi yose?

5. Umushumba w’umwizigirwa aratanga ubuyobozi

Inama Nyobozi iraronsa abakirisu bo hirya no hino kw’isi ubuyobozi bujanye n’ukuntu ibintu bimwebimwe vyokorwa. None imenya gute ubuyobozi itanga? Rimbura ukuntu inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yabigenza. Nimusome Ivyakozwe 15:1, 2, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ibiki abakirisu bo mu kinjana ca mbere batahurijeko?

  • Kugira ico kibazo gitorerwe umuti, Paulo na Barunaba be n’abandi bagiye hehe?

Nimusome Ivyakozwe 15:12-18, 23-29, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Imbere y’uko inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere ifata ingingo, ni igiki bakoze kugira ngo Imana ibafashe kumenya ico bokora?—Raba umurongo wa 12, 15, n’uwa 28.

Nimusome Ivyakozwe 15:30, 31 na 16:4, 5, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Abakirisu bo mu ntango bakiriye gute ubuyobozi bahawe n’inama nyobozi?

  • Kuba baragamburutse, Yehova yabahezagiye gute?

Nimusome 2 Timoteyo 3:16 na Yakobo 1:5, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Inama Nyobozi ikura hehe ubuyobozi yisunga mu gufata ingingo muri iki gihe?

HARI ABAVUGA BATI: “Gukurikiza ivyo Inama Nyobozi ivuga ni ugukurikira abantu.”

  • Ni igiki kikujijura yuko Yezu ariko arayobora Inama Nyobozi?

INCAMAKE

Inama Nyobozi ni we “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” akaba yagenywe na Yezu. Iraronsa abakirisu bo hirya no hino kw’isi ubuyobozi n’ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bakeneye.

Wize iki?

  • Ni nde yagenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”?

  • Inama Nyobozi idufasha gute?

  • Woba wemera ko Inama Nyobozi ari we “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ingene Inama Nyobozi yitwararika ko turonka imfungurwa z’ivy’impwemu zitagira amakosa.

Turatanga amakuru y’ukuri (17:18)

Abagize Inama Nyobozi babona gute igikorwa Yezu yabashinze?

Agateka kadasanzwe (7:04)

Ni gute amakoraniro n’amahwaniro yerekana ko Yehova ariko arayobora Inama Nyobozi?

Yehova ariko arigisha abasavyi biwe (9:39)