Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 57

Bigenda gute igihe ukoze igicumuro gikomeye??

Bigenda gute igihe ukoze igicumuro gikomeye??

Naho ukunda Yehova cane kandi ukaba ukora uko ushoboye kwose kugira ngo wirinde ikintu comubabaza, bizoshika ukore amakosa. Yamara usanga ibicumuro bimwebimwe bikomeye kuruta ibindi. (1 Abakorinto 6:9, 10) Igihe ukoze igicumuro gikomeye, niwibuke ko Yehova adaca ahagarika kugukunda. Yama yiteguriye kukubabarira no kugufasha.

1. Twokora iki kugira Yehova atubabarire?

Abantu bakunda Yehova barababara cane iyo babonye ko bakoze igicumuro gikomeye. Ariko bararemeshwa n’ivyo Yehova asezeranira abasavyi biwe. Avuga ati: “Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere.” (Yesaya 1:18) Nitwigaya vy’ukuri, Yehova azotubabarira aherejeko. Twerekana gute ko twigaya? Tuvyerekana mu kwicuza kubera ikibi twakoze, tukirinda gusubira kugikora maze tugasaba Yehova ikigongwe. Hanyuma turihatira guhindura ibintu vyatumye dukora ico gicumuro, nimba ari ivyiyumviro canke ingeso mbi, maze tukabaho duhuza n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse.—Soma Yesaya 55:6, 7.

2. Yehova akoresha gute abakurambere mu kudufasha igihe twacumuye?

Igihe twakoze igicumuro gikomeye, Yehova adusaba guhamagara “abagabo b’inararibonye b’ishengero.” (Soma Yakobo 5:14, 15.) Abo bagabo, ni ukuvuga abakurambere, barakunda Yehova n’abasavyi biwe. Barigishijwe ukuntu bodufasha gusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova.—Abagalatiya 6:1.

None abakurambere badufasha gute igihe twakoze igicumuro gikomeye? Abakurambere babiri canke batatu baraduhanura bakoresheje Ivyanditswe. Baraturonsa kandi impanuro ngirakamaro zidufasha kudasubira gukora ico gicumuro. Birashika bagafata ingingo y’uko duhagarika ivyo twahora dukora mw’ishengero mu kiringo kanaka gushika dusubiye kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Igihe hari uwakoze igicumuro gikomeye ariko ntiyigaye, abakurambere barafata ingingo y’uko acibwa kugira bakingire ishengero ivyorigirira nabi.

TWINJIRE MU MIZI

Nurushirize gutahura wongere ukenguruke ukuntu Yehova adufasha igihe twakoze igicumuro gikomeye.

3. Kwatura biratuma dusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova

Igicumuro ico ari co cose twokora kirababaza Yehova. Rero dutegerezwa kukimwaturira. Nimusome Zaburi 32:1-5, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki bibereye ko twaturira ibicumuro vyacu Yehova aho kugerageza kubihisha?

Tumaze kwaturira ibicumuro vyacu Yehova maze tugasaba abakurambere ngo badufashe, tuzorushiriza kwumva turuhuriwe. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iyo videwo, ni gute abakurambere bafashije Canon kugaruka kuri Yehova?

Igihe tuyaga n’abakurambere, turakwiye kuvuga ukuri kwose. Nakare bahari kugira badufashe. Nimusome Yakobo 5:16, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni gute kubwira ukuri kwose abakurambere bituma vyoroha ko badufasha?

Niwature igicumuro cawe, ubwize ukuri abakurambere maze wemere imfashanyo iranga urukundo Yehova aguha

4. Ukuntu intunganyo ijanye no gucibwa igira akamaro

Igihe umuntu akoze igicumuro gikomeye yanse gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova arakurwa mw’ishengero. Aca acibwa, kandi ntituba tucifatanya na we canke ngo tumuvugishe. Nimusome 1 Abakorinto 5:6, 11 na 2 Yohani 9-11, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Nka kurya akambiro gakeyi kambira irobe ryose, ni gute kwifatanya n’umucumuzi atigaya bigira ingaruka ku bagize ishengero?

Benshi mu bari baraciwe mw’ishengero bahavuye bagaruka. Uti kubera iki? Kubera ko naho gucibwa bibabaje, bituma umuntu abona ko ivyo yari yakoze ari bibi. (Zaburi 141:5) Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iyo videwo, ni gute gucibwa vyafashije Sonja?

Ni gute intunganyo ijanye no gucibwa . . .

  • itera iteka izina rya Yehova?

  • yerekana ko Yehova atarenganya kandi ko adukunda?

5. Igihe twigaye Yehova aratubabarira

Yezu yaratanze ikigereranyo kidufasha gutahura ukuntu Yehova yiyumva iyo umuntu yigaye. Nimusome Luka 15:1-7, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ivyo bikwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

Nimusome Ezekiyeli 33:11, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ikintu gihambaye ikihe twokora kugira twerekane ko twigaye vy’ukuri?

Nka kurya kw’umwungere, Yehova aritwararika cane intama ziwe

HARI ABAVUGA BATI: “Ndatinya kubwira abakurambere ikosa nakoze kubera nohava ncibwa.”

  • Wobwira iki umuntu yiyumva gutyo?

INCAMAKE

Nitwakora igicumuro gikomeye ariko tukigaya vy’ukuri kandi tukiyemeza kudasubira kugikora, Yehova azotubabarira.

Wize iki?

  • Kubera iki ari vyiza kwaturira Yehova ibicumuro vyacu?

  • Ni igiki dukwiye gukora kugira tubabarirwe ibicumuro vyacu?

  • Igihe dukoze igicumuro gikomeye, kubera iki bihambaye ko twitura abakurambere?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ukuntu umugabo umwe yiboneye imbabazi za Yehova zivugwa muri Yesaya 1:18.

Ntukigere ukekeranya ku mbabazi za Yehova (5:02)

Nurabe ingene wosigurira umuntu atari Icabona igituma bishika umuntu agacibwa mw’ishengero.

“Mwoba muharira ivomo abahoze mw’idini ryanyu?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Mu nkuru ivuga ngo “Nari nkeneye kugaruka kuri Yehova,” nurabe icatumye umugabo umwe yari yarahevye ukuri yibonera ko Yehova yamukwegereye kugira amugarukeko.

“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ndamukiza 2012)