Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 58

Nugume uri intahemuka kuri Yehova

Nugume uri intahemuka kuri Yehova

Abakirisu b’ukuri bariyemeje kutareka ngo hagire ikintu na kimwe canke umuntu n’umwe ababuza gukorera Yehova. Nta gukeka ko nawe ari ko wiyumva. Yehova araha agaciro ukudahemuka kwawe. (Soma 1 Ngoma 28:9.) Ni ibiki vyoshobora gutuma uhemukira Yehova kandi ni ibiki vyogufasha kubitsinda?

1. Ni gute abandi boshobora gutuma duhemukira Yehova?

Abantu bamwebamwe barashobora kugerageza kutubuza gukorera Yehova. Uti nka bande? Bamwe mu bahevye ukuri baravuga ibinyoma ku vyerekeye ishirahamwe ry’Imana kugira batume duheba ukwizera kwacu. Abo bantu bitwa abahuni. Vyongeye, abakuru b’amadini bamwebamwe barakwiragiza ibinyoma ku bitwerekeye kugira batume abantu batiyubara baheba gukorera Yehova. Birateye akaga kuyaga n’abo bantu baturwanya, gusoma ibitabu vyabo canke ivyo bandika kuri internet canke kuraba amavidewo yabo. Ku vyerekeye abantu bose bagerageza guca intege abariko barakorera Yehova badahemuka, Yezu yavuze ati: “Bareke. Ni indongozi zihumye. Iyo rero impumyi irongoye iyindi mpumyi, zompi zigwa mu cobo.”Matayo 15:14.

Bite ho umugenzi wacu afashe ingingo y’uko atagishaka kuba Icabona ca Yehova? Biravuna umutima igihe ari incuti ya hafi ifashe iyo ngingo. Uwo muntu arashobora kuguhata ngo uhitemwo hagati yiwe na Yehova. Dutegerezwa kwiyemeza kuguma turi intahemuka kuri Yehova kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. (Matayo 10:37) Rero turagamburuka amategeko ya Yehova mu kwirinda kwifatanya n’umuntu nk’uwo.—Soma 1 Abakorinto 5:11.

2. Ni gute ingingo dufata zerekana nimba turi intahemuka kuri Yehova?

Urukundo dukunda Yehova ruratuma twirinda kwifatanya mu buryo na bumwe n’idini ry’ikinyoma. Rero turakwiye kwirinda ikintu ico ari co cose gifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma, kaba akazi, ishirahamwe canke ikindi kintu twohitamwo gukora. Yehova atugabisha ati: “Nimuve [muri Babiloni], bantu banje.”Ivyahishuwe 18:2, 4.

TWINJIRE MU MIZI

Nurabe ukuntu wokwirinda umuntu uwo ari we wese yotuma uhemukira Yehova. Nurabe kandi ukuntu wokwerekana ko uri intahemuka mu kuva muri Babiloni akomeye.

3. Nube maso ku bigisha b’ikinyoma

Twovyifatamwo gute twumvise ibinyoma vyerekeye ishirahamwe rya Yehova? Nimusome Imigani 14:15, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki dukwiye kwirinda kwizera ibintu vyose twumvise?

Nimusome 2 Yohani 10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Dukwiye gufata gute abahuni?

  • Naho tutoyaga n’abahuni amaso mu yandi, ni gute twosanga turiko twumviriza inyigisho zabo?

  • Wibaza ko Yehova yokwumva amerewe gute hamwe twokwumviriza ibinyoma bivugwa ku bimwerekeye canke ku vyerekeye ishirahamwe ryiwe?

4. Nugume uri intahemuka ku Mana igihe hari uwo dusangiye ukwemera akoze igicumuro

Igihe tumenye ko hari umwe mu bagize ishengero yakoze igicumuro gikomeye, ni igiki tubwirizwa gukora? Raba ingingo ngenderwako dukura mw’Itegeko Imana yahaye Abisirayeli. Nimusome Abalewi 5:1.

Nk’uko uwo murongo ubivuze, igihe tumenye yuko hari umuntu mw’ishengero yakoze igicumuro gikomeye, turakwiye kubibwira abakurambere. Ariko imbere y’uko tubibabwira, vyoba biranga ubuntu turemesheje uwo muntu kurondera abakurambere maze akababwira igicumuro yakoze. Kubera ko twipfuza kuguma turi intahemuka kuri Yehova, dukwiye kubwira abakurambere ivyo tuzi aramutse atabibabwiye. Igihe tubigize gutyo, ni gute tuba tugaragarije urukundo rudahemuka . . .

  • Yehova Imana?

  • uwo mucumuzi?

  • abandi bo mw’ishengero?

Nimba hari ikitagenda neza ku wo musangiye ukwemera, numufashe

5. Nugume wirinze Babiloni akomeye

Nimusome Luka 4:8 n’Ivyahishuwe 18:4, 5, uce wishura ibi bibazo:

  • Izina ryanje ryoba rikiri mu rutonde rw’abari mw’idini ry’ikinyoma?

  • Hoba hari ishirahamwe ndimwo rifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma?

  • Akazi nkora koba gashigikira mu buryo na bumwe idini ry’ikinyoma?

  • Hoba hari ikintu na kimwe noryohora mu buzima kugira nitandukanye n’idini ry’ikinyoma?

  • Nimba hari ikibazo muri ivyo nishuye ego, ni igiki nkwiye guhindura?

Muri ivyo bintu vyose, nufate ingingo izotuma ugira ijwi ryo mu mutima ryiza kandi izotuma uguma uri intahemuka kuri Yehova.

Wokora iki hagize uwugusaba ngo uterere mu bikorwa vy’idini?

HARI ABAVUGA BATI: “Ndakeneye kumenya ivyo abahuni bavuga ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova kugira ngo mburanire ukuri.”

  • Ivyo vyoba biranga ubukerebutsi? Kubera iki wishuye gutyo?

INCAMAKE

Kugira tugume turi intahemuka kuri Yehova, turakeneye kwirinda kwifatanya n’abo bose bamuhemukira. Vyongeye, turakeneye kwitandukanya burundu n’idini ry’ikinyoma.

Wize iki?

  • Kubera iki tudakwiye kuraba, gusoma canke kwumviriza ivyiyumviro vy’abahuni?

  • Dukwiye gufata gute abo bose batagishaka kuba Ivyabona vya Yehova?

  • Twogamburuka gute ingabisho yo kuva mw’idini ry’ikinyoma?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ivyo wokora igihe wumvise abariko barakwiragiza ibinyoma ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova.

“Woba ufise amakuru yose?” (Umunara w’Inderetsi, Myandagaro 2018)

Ni ibintu ibihe abaturwanya bakora kugira bagerageze guhungabanya ukwizera kwacu?

Nube maso kugira ntuhendwe (9:32)

Mu nkuru ivuga ngo “Nari nararondeye Imana kuva nkiri umwana,” nurabe ivyerekeye umuherezi w’umushinto yavavanuye n’idini ry’ikinyoma.

“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Mukakaro 2011)