Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 60

Nubandanye ukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova

Nubandanye ukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova

Muri ibi vyigwa bishingiye kuri Bibiliya, warize vyinshi ku vyerekeye Yehova. Ivyo wize vyatumye urushiriza kumukunda ku buryo ushobora kuba waramwiyeguriye ukabatizwa. Nimba utarabatizwa na ho, kumbure uriko urazirikana ukuntu wobigira vuba. Ariko ntiwumve, umaze kubatizwa ntibisigura ko biba birangiye. Urashobora kubandanya wiyegereza Yehova ibihe bidahera. Uti gute?

1. Kubera iki ukwiye kubandanya ukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova?

Dutegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira tubandanye gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Uti kubera iki? “Kugira ntitwigere tugenda akayombekere.” (Abaheburayo 2:1) Ni igiki codufasha kubandanya gukorera Yehova turi abizigirwa? Turashobora kumara umwanya munini mu gikorwa co kwamamaza canke tukarondera utundi turyo twotuma turushiriza gukorera Imana. (Soma Abafilipi 3:16.) Gukorera Yehova ni ivya mbere!—Zaburi 84:10.

2. Ni ibindi bintu ibihe wobandanya ukora?

Naho urangije ibi vyigwa, hari ibindi ukwiye kubandanya ukora mu buzima bwawe. Bibiliya ivuga ko dukwiye “[kwambara] wa muntu mushasha.” (Abanyefeso 4:23, 24) Uko uzobandanya kwiga Ijambo ry’Imana no kwitaba amakoraniro, ni ko uzomenya ibintu bishasha ku vyerekeye Yehova n’ukuntu ameze. Nurondere ibintu wokora kugira urushirize kwigana Yehova mu buzima bwawe. Nubandanye kugira ivyo uryohoye kugira unezereze Yehova.

3. Ni gute Yehova azogufasha gutera imbere?

Bibiliya ivuga iti: “Imana . . . ubwayo izorangiza ukumenyerezwa kwanyu, ibashikamishe, ibakomeze.” (1 Petero 5:10) Twese turahura n’ibigeragezo. Ariko Yehova araduha ivyo dukeneye kugira dushobore guhangana na vyo. (Zaburi 139:23, 24) Adusezeranira kuduha icipfuzo co kuguma tumusukurira turi abizigirwa n’inkomezi zo kubigira.—Soma Abafilipi 2:13.

TWINJIRE MU MIZI

Nurabe ukuntu wobandanya gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova be n’ingene azoguhezagira.

4. Nubandanye kuganira n’Umugenzi wawe akurutira abandi

Gusenga no kwiga Bibiliya vyaragufashije kuba umugenzi wa Yehova. None ni gute ivyo bintu vyogufasha kurushiriza kumwiyegereza?

Nimusome Zaburi 62:8, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kugira ubandanye ukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova, woryohora gute amasengesho yawe?

Nimusome Zaburi 1:2, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kugira urushirize gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova, wokora iki uriko urasoma Bibiliya?

Wokora iki kugira urushirize kwungukira ku kwiyigisha Bibiliya? Kugira ubone ivyogufasha, nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri ivyo vyiyumviro vyatanzwe mw’ividewo, ni ibihe wipfuza gukurikiza?

  • Ni ibintu ibihe wipfuza kwiyigisha?

5. Niwishingire imigambi yo mu vy’impwemu

Kwishingira imigambi mu gikorwa ca Yehova bizogufasha kurushiriza gutera imbere. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Muri iyo videwo, kuba Cameron yari yarishingiye imigambi yo mu vy’impwemu vyamugiriye akamaro akahe?

Si abantu bose bishobokera kwimukira mu kandi karere kugira bamamaze inkuru nziza. Naho ari ukwo, turashobora kwishingira imigambi dushobora gushikako. Nimusome Imigani 21:5, muce muganira ku migambi ushobora gushikako . . .

  • mw’ishengero.

  • mu gikorwa co kwamamaza.

Ni gute iyo ngingo ngenderwako iri muri ico canditswe yogufasha gushika ku migambi yawe?

Imigambi wozirikanako

  • Kuryohora amasengesho yawe.

  • Gusoma Bibiliya yose.

  • Kumenya abantu bose bo mw’ishengero urimwo.

  • Kurondera uwo wigisha Bibiliya.

  • Gukora ubutsimvyi bwo gufasha canke ubutsimvyi busanzwe.

  • Nimba uri umuvukanyi, niwihatire gukwiza ibisabwa kugira ube umukozi w’ishengero.

6. Urashobora kwiberaho ibihe bidahera

Nimusome Zaburi 22:26, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni igiki wokora ngo ugire ubuzima bwiza ubu n’ibihe bidahera?

INCAMAKE

Nubandanye gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova kandi wishingire imigambi. Niwabigira urashobora kwiberaho ibihe bidahera.

Wize iki?

  • Kubera iki wokwizigira udakeka ko Yehova azogufasha kuguma umukorera uri intahemuka?

  • Wokomeza gute ubucuti ufitaniye na Yehova?

  • Ni gute imigambi yo mu vy’impwemu ishobora kugufasha kurushiriza kuba umugenzi wa Yehova?

Umugambi w’igihe kirekire

RONDERA N’IBINDI

Hagati yo gukora ikintu kidasanzwe rimwe gusa kugira werekane ko wiyeguriye Yehova no kumara ubuzima bwawe bwose uri intahemuka kuri we, wibaza ko ari ikihe aha agaciro kuruta?

Nugume uri intahemuka nka Aburahamu (9:20)

Mbere n’umusavyi wa Yehova w’intahemuka arashobora gutakaza umunezero. Nurabe ukuntu yowugarukana.

Kwiyigisha no kuzirikana biragarukana umunezero (5:25)

Kubera iki bihambaye yuko umukirisu aba uwuhumuye mu vy’impwemu kandi yobigira gute?

“Dutere tugana ku buhumure kuko ‘umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’” (Umunara w’Inderetsi, 15 Rusama 2009)