Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Isubiramwo ry’Igice ca 1

Isubiramwo ry’Igice ca 1

Nuganire ibibazo bikurikira n’uwukwigisha:

  1. Mu bintu Bibiliya isezerana ku vyerekeye kazoza, ni ibiki bigushimisha kuruta?

    (Raba Icigwa ca 2.)

  2. Ni igiki kikwemeza ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana?

    (Raba Icigwa ca 3 n’ica 5.)

  3. Kubera iki bihambaye ko dukoresha izina Yehova?

    (Raba Icigwa ca 4.)

  4. Bibiliya ivuga ko ku Mana ari ho hari “isôko ry’ubuzima.” (Zaburi 36:9) Ivyo woba uvyemera?

    (Raba Icigwa ca 6.)

  5. Soma Imigani 3:32.

    • Kubera iki Yehova ari we Mugenzi mwiza kuruta dushobora kugira?

    • Ni ibiki Yehova asaba abagenzi biwe? Woba wibaza ko ivyo abasaba bigoye cane?

      (Raba Icigwa ca 7 n’ica 8.)

  6. Soma Zaburi 62:8.

    • Ni ibintu bimwebimwe ibihe umaze gusaba Yehova? Ni ibindi bintu ibihe woshira mw’isengesho?

    • Yehova yishura gute amasengesho tumutura?

      (Raba Icigwa ca 9.)

  7. Soma Abaheburayo 10:24, 25.

    • Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova yokugirira akamaro akahe?

    • Vyoba bihambaye ko twigora tukayitaba?

      (Raba Icigwa ca 10.)

  8. Kubera iki ari vyiza gusoma Bibiliya buri musi? Urutonde rwawe rwo gusoma Bibiliya buri musi rwifashe gute?

    (Raba Icigwa ca 11.)

  9. Mu bintu umaze kwiga, ni ibiki vyakuryoheye kuruta?

  10. Kuva utanguye kwiga Bibiliya, hoba hari ingorane umaze kugira? Nimba zihari, ni izihe? Ni ibiki vyogufasha kwumirako?

    (Raba Icigwa ca 12.)