Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noba ngeze?

Noba ngeze?

Noba ngeze kwamamaza nifatanije n’ishengero?

Kugira ube umwamamaji atarabatizwa, ukwiye . . .

  • Kwiga Bibiliya udahorereza, gusenga no kwitaba amakoraniro.

  • Gukenguruka no kwemera ivyo uriko uriga, ukaba kandi wipfuza kubibwira abandi.

  • Gukunda Yehova no guhitamwo abagenzi beza bamukunda.

  • Kuba utakiri mw’ishirahamwe na rimwe rya politike canke mw’idini ry’ikinyoma.

  • Kuba ukurikiza amategeko ya Yehova, ukaba wipfuza kuba Icabona ca Yehova.

Nimba wumva ugeze kwamamaza wifatanije n’ishengero, uwukwigisha Bibiliya azotunganya ivy’uko ubonana n’abakurambere kugira muganire kuri ivyo bisabwa.

Noba ngeze kubatizwa?

Kugira ubatizwe, ukwiye . . .

  • Kuba uri umwamamaji atarabatizwa.

  • Kuba wamamaza n’umwete uko ushoboye kwose.

  • Kuba ushigikira kandi ukagamburuka ubuyobozi bwa wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.”​—Matayo 24:45-47.

  • Kuba wariyeguriye Yehova mw’isengesho kandi ukaba wipfuza kumukorera ibihe vyose.

Nimba wumva ugeze kubatizwa, uwukwigisha Bibiliya azotunganya ivy’uko ubonana n’abakurambere kugira muganire kuri ivyo bisabwa.