Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara

Intangamarara

Igitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima kizotuma woroherwa no kuronka imirongo n’inkuru zo muri Bibiliya vyogufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane urimwo. Kizogufasha no kuronka imirongo yo muri Bibiliya wokoresha mu kuremesha abandi no mu kubafasha gufata ingingo zihimbara Yehova. Nurondere ikiganiro gihuye n’ivyo ukeneye. Ikiganiro cose kirafise ibibazo ngirakamaro, n’inkuru zo muri Bibiliya zavuzwe muri make. (Raba uruzitiro « Ukuntu wokoresha iki gitabu.») Uzonyaruka kuronka impanuro nyinshi, imfashanyo n’uruhoza biva mw’Ijambo ry’Imana, vyiza kandi vyogufasha. Uzoronka kandi ibintu vy’agaciro wobwira abandi, nk’imirongo yo muri Bibiliya yobakora ku mutima, ikabafasha mu ngorane barimwo, kandi ikabaronsa impanuro n’indemesho.

Iki gitabu nticerekana ivyanditswe vyose biba bijanye n’ikiganiro kanaka. Ariko kiraguha amakuru woherako mu kugira ubushakashatsi. (Img 2:​1-6) Kugira winjire mu mizi, nukoreshe ivyanditswe vyo mu nkingi n’amakuru adufasha kwiga yo muri Bibiliya y’isi nshasha. Nukoreshe Igitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova canke ironderero ry’ibitabu vyacu (Index des publications des Témoins de Jéhovah) kugira utahure mu buryo bwimbitse insobanuro y’icanditswe kanaka canke ukuntu coshirwa mu ngiro. Nusuzume ibiheruka gusohoka vuba cane kugira uronke amakuru ahuye n’ukuntu dusigaye dutahura ukuri kwo mu Vyanditswe.

Ese iki gitabu Ivyanditswe bidufasha mu buzima cogufasha kuronka ubukerebutsi, ubumenyi n’ugutahura biri mu Vyanditswe vyeranda. Niwabandanya gukoresha iki gitabu, uzorushiriza kujijuka ko «ijambo ry’Imana ari rizima kandi rifise ububasha.»—Heb 4:12.