Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imisi mikuru

Imisi mikuru

Imisi mikuru abakirisu bahimbaza

Ni uwuhe musi mukuru wonyene abakirisu basabwa guhimbaza?

Abasavyi b’Imana barahimbarwa no guhurira hamwe kugira basenge

Gus 31:12; Heb 10:​24, 25

Imisi mikuru abakirisu birinda

Kubera iki ari bibi kugira uruhara mu misi mikuru ifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma?

1Kr 10:21; 2Kr 6:​14-18; Ef 5:​10, 11

Raba kandi «Kuja hamwe kw’amadini»

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Kv 32:​1-10—Abisirayeli barababaje cane Yehova mu kugerageza kuvanga ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma

    • Gh 25:​1-9—Yehova yarahanye abantu biwe kubera bisutse mu misi mikuru y’abapagani no mu busambanyi

Abakirisu boba bakwiye guhimbaza Noweli?

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 2:​1-5—Yezu yavutse mu gihe ca rusansuma. Iyo wumva, Abaroma ntibari gusaba Abayuda b’abagarariji gufata urwo rugendo baja kwisansumisha mu kiringo c’imvura n’imbeho nyinshi

    • Lk 2:​8, 12 —Igihe Yezu yavuka, abungere barara hanze hamwe n’ibitungwa vyabo. Ivyo ntivyari gushoboka mu mbeho yo muri Kigarama

Abakirisu boba bakwiye guhimbaza isabukuru y’amavuko?

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 40:​20-22—Umwami w’umupagani Farawo yarahimbaje isabukuru yiwe y’amavuko, hajamwo ivy’ukwica

    • Mt 14:​6-11—Herodi, umwami mubi yarwanya abayoboke ba Kristu, yarahimbaje isabukuru yiwe y’amavuko, yicisha Yohani Umubatizi

Imisi mikuru ishingiye ku mategeko ya Musa

Abakirisu boba basabwa gukurikiza amategeko ya Musa, harimwo n’imisi mikuru bijana?

Abakirisu boba basabwa kwubahiriza isabato ku ndwi ku ndwi?

Imisi mikuru y’igihugu

Abakirisu boba bakwiye guhimbaza imisi mikuru ijanye na kahise k’igihugu?

Abakirisu boba bakwiye guhimbaza amasabukuru ajanye n’intambara z’ibihugu?

Abakirisu boba bakwiye kugira uruhara mu birori vyo guha abantu icubahiro kirenze kibereye Yehova wenyene?

Kv 20:5; Rm 1:25

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Ivk 12:​21-23—Imana yarahanye umwami Herodi Agiripa wa mbere kubera yemeye gusengwa n’abantu

    • Ivk 14:​11-15—Intumwa Barunaba n’intumwa Pawulo baranse guhabwa icubahiro kirenze

    • Ivy 22:​8, 9—Umumarayika wa Yehova ntiyemeye gusengwa