Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Uruhoza

Uruhoza

Uruhoza Ivyanditswe bitanga ku bijanye n’ibintu bimwebimwe biduca intege

Amaganya

Raba «Amaganya»

Ishari; inzigo

Raba «Ishari»

Ishavu; umwikomo

Hari abagira ishavu kubera ibintu bigoye canke ivyago bagiye baracamwo

Ums 9:​11, 12

Raba kandi Zb 142:4; Ums 4:1; 7:7

Hari abagira ishavu kubera ibibi abandi bakora

Ums 4:​1, 2

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 1:​6, 7, 10, 13-16—Hana yarababajwe cane n’ukuntu Penina yamufata nabi be n’ukuntu umuherezi mukuru Eli yamwiyumviriye ukutari kwo

    • Yb 8:​3-6; 16:​1-5; 19:​2, 3—Ba bagenzi batatu ba Yobu bitwa ko bari baje kumuremesha baribona ubugororotsi kandi baramutoye amahinyu, bituma Yobu arushiriza kubabara

  • Ivyanditswe biremesha:

  • Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:

    • 1Sm 1:​9-11, 18 —Umubabaro wa Hana waragabanutse aho amariye gusukira Yehova ibiri ku mutima

    • Yb 42:​7, 8, 10, 17—Yobu amaze kubabarira abamubabaje, Yehova yaratumye asubira kugira amagara meza n’umunezero

Kuba hari ivyo tudashoboye kubera indwara canke ubusaza

Zb 71:​9, 18; Ums 12:​1-7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Bm 20:​1-3—Umwami Hezekiya yararize cane kubera indwara yari kumuhitana

    • Fp 2:​25-30—Epafurodito yaratuntujwe n’uko ishengero ryamenye yuko yarwaye. Yiyumvira yuko bobonye ko ibanga bamujeje ryamunaniye

  • Ivyanditswe biremesha:

  • Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:

    • 2Sm 17:​27-29; 19:​31-38—Wa mwizigirwa Baruzilayi yarubahwa cane na Dawidi. Dawidi yaramusavye ngo bajane i Yeruzalemu mugabo yarifashe ruto aravyanka kubera ko yari ageze mu zabukuru

    • Zb 41:​1-3, 12—Igihe umwami Dawidi yari aremvye, yarizigiye ko Yehova yomushigikiye

    • Mr 12:​41-44—Yezu yarashemagije umupfakazi w’umukene yatanze ivyo yari afise vyose

Kugira ubwoba

Raba «Ubwoba»

Kugumana umubabaro kubera ko abandi badufashe nabi

Raba «Gufatwa nabi»

Kuvunika umutima kubera abandi badukoreye amakosa, batubabaje canke mbere baduhemukiye

Raba «Kuvunika umutima»

Kuvunika umutima kubera ubugoyagoye bwacu n’ibicumuro vyacu

Raba «Kuvunika umutima»

Kwiyagiriza birenze

Ezr 9:6; Zb 38:​3, 4, 8; 40:12

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Bm 22:​8-13; 23:​1-3 —Umwami Yosiya n’abatwarwa biwe baratahuye ko bagirwa n’igicumuro gikomeye, aho bamariye kubasomera n’ijwi ryumvikana amategeko ya Musa

    • Ezr 9:​10-15; 10:​1-4—Umuherezi Ezira n’abanyagihugu bariyagirije cane kubera ko hari abari bararongoye abagore b’abanyamahangakazi kandi Yehova yari yarabibujije

    • Lk 22:​54-62—Intumwa Petero yariyagirije cane aho amariye kwihakana Yezu gatatu

  • Ivyanditswe biremesha:

  • Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:

    • 2Ng 33:​9-13, 15, 16—Manase yabaye umwe mu bami babi gusumba abandi bose batwaye Ubuyuda, ariko yarigaye Yehova aramubabarira

    • Lk 15:​11-32—Yezu yaratanze ikigereranyo c’umwana w’icangazi mu kwerekana ukuntu Yehova ababarira cane kandi abikunze

Kwiyumvira yuko ata co tumaze

Raba «Gukekeranya»

Kwumva ko tudashoboye gutorera umuti ingorane ikomeye iduhanze canke kwitwararika igikorwa kitoroshe twashinzwe

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Kv 3:11; 4:10 —Umuhanuzi Musa yabonye ko atoshobora igikorwa Imana yamushinze co guhangara Farawo no gukura abasavyi bayo mu Misiri

    • Yr 1:​4-6 —Yeremiya yabona ko akiri muto cane kandi ko ata vyinshi azi ku buryo yoba umuhanuzi wa Yehova mu bantu b’umutima udadaraye

  • Ivyanditswe biremesha:

  • Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:

    • Kv 3:12; 4:​11, 12 —Yehova yarahumurije umuhanuzi Musa akatari gake yuko yomufashije kurangura igikorwa yamushinze

    • Yr 1:​7-10—Yehova yarahumurije umuhanuzi Yeremiya ko yomufashije gutsinda intambamyi zose bohuye

Uruhamo

Raba «Uruhamo»