Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuvunika umutima

Kuvunika umutima

Kuvunika umutima igihe abandi badukoreye amakosa, batubabaje canke baduhemukiye

Zb 55:​12-14; Lk 22:​21, 48

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 8:​1-6—Umuhanuzi Samweli yarababaye yongera aravunika umutima igihe Abisirayeli basaba bashimitse ngo bahabwe umwami

    • 1Sm 20:​30-34—Yonatani yarababaye yongera yumva amaramaye igihe se wiwe umwami Sawuli yamukankamira

  • Ivyanditswe biremesha:

  • Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:

    • Zb 55:​12-14, 16-18, 22—Igihe umwami Dawidi yahemukirwa n’umugenzi wiwe somambike Ahitofeli, yaratereye umuzigo wiwe kuri Yehova aca ararema

    • 2Tm 4:​16-18—Igihe intumwa Pawulo yari mu bihe bitoroshe, abantu baramuhevye ariko yararonse ububasha buvuye kuri Yehova yongera akomezwa n’icizigiro Yehova atanga

Kuvunika umutima kubera ubugoyagoye bwacu n’ibicumuro vyacu

Yb 14:4; Rm 3:23; 5:12

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Zb 51:​1-5—Umwami Dawidi yaratuntuye cane kubera yacumuye kuri Yehova

    • Rm 7:​19-24—Intumwa Pawulo yarababazwa cane n’ingene yaguma anyinyana n’impengamiro yari afise zo gukora igicumuro

  • Ivyanditswe biremesha:

  • Inkuru zo muri Bibiliya ziremesha:

    • 1Bm 9:​2-5—Naho umwami Dawidi yakoze ibicumuro bikomeye cane, Yehova yagumye abona ko yamukoreye n’umutima wiwe wose

    • 1Tm 1:​12-16—Naho intumwa Pawulo yari yarakoze ibicumuro bikomeye muri kahise, yari yizigiye adakeka ko Imana yamubabariye