Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kunywa inzoga

Kunywa inzoga

Bibiliya yoba ibuza kunywa inzoga ku rugero?

Zb 104:​14, 15; Ums 9:7; 10:19; 1Tm 5:23

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Yoh 2:​1-11—Igitangaro ca mbere Yezu yakoze cari ico guhindura amazi umuvinyu mwinshi uryoshe cane, bituma umukwe n’umugeni batamaramara ngo babure ico batanga

Ni akaga akahe kari mu kuborerwa no mu kunywa birenze?

Abasavyi b’Imana babona gute akaborerwe?

1Kr 5:11; 6:​9, 10; Ef 5:18; 1Tm 3:​2, 3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 9:​20-25—Umwuzukuru wa Nowa yarakoze igicumuro gikomeye kubera ko sekuru yari yaborewe

    • 1Sm 25:​2, 3, 36—Nabali, umugabo akaze kandi w’imburabwenge, yarakora ibintu bibi harimwo no kuborerwa

    • Dn 5:​1-6, 22, 23, 30, 31—Umwami Belushazari yaranyoye umuvinyu urenze hanyuma atangura gutuka Yehova, maze iryo joro nyene arara apfuye

Kubera iki dukeneye kuba maso ku vyerekeye urugero rw’inzoga tunywa naho tutoba tuborerwa?

Wofasha gute umukirisu mugenzawe gutsinda impengamiro yo kunywa inzoga zirenze urugero?