Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukwihangana

Ukwihangana

Abasavyi ba Yehova boba bakeneye ukwihangana?

Kubera iki dukwiye kwitega ko abantu bamwebamwe batitaho inkuru nziza canke mbere bakaturwanya?

Mt 10:22; Yoh 15:​18, 19; 2Kr 6:​4, 5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Pt 2:5; It 7:23; Mt 24:​37-39—Naho Nowa «yamamaza ubugororotsi» benshi ntibamwumviriza, kandi we n’umuryango wiwe ni bo bonyene barokotse wa mwuzure

    • 2Tm 3:​10-14—Intumwa Pawulo yararemesheje Timoteyo afatiye ku vyo ubwiwe yihanganiye

Kubera iki twokwitega guhamwa n’incuti zacu?

Mt 10:​22, 36-38; Lk 21:​16-19

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 4:​3-11; 1Yh 3:​11, 12—Kayini yarishe mwenewabo kubera ko ibikorwa vyiwe vyari bibi ariko ivya Abeli bikaba vyari vyiza

    • It 37:​5-8, 18-28—Benewabo na Yozefu baramutereye mu kinogo hanyuma bamugurisha nk’umushumba. Imvo imwe yabitumye ni uko yabiganiye indoto yaronse ivuye kuri Yehova

Igihe turi mu ruhamo, kubera iki tudakwiye gutinya urupfu?

Mt 10:28; 2Tm 4:​6, 7

Raba kandi Ivy 2:10

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

Ni igiki kizodufasha kudahemukira Yehova naho twoba twatojwe indero?

Img 3:​11, 12; Heb 12:​5-7

Kubera iki bishobora kutugora kwihangana igihe abandi bahemukiye Yehova?

Yr 1:​16-19; Hab 1:​2-4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Zb 73:​2-24—Umwanditsi w’amazaburi amaze kuzirikana amahoro ababisha bifitiye n’ingene bimererewe neza, yaribajije akamaro ko kubandanya akorera Yehova

    • Yoh 6:​60-62, 66-68—Intumwa Pawulo yari yiyemeje kubandanya agendera mu kwizera, naho benshi bari bahevye gukurikira Yezu

Ni ibiki bizodufasha kwihangana?

Kwumira kuri Yehova

Kwiga Ijambo ry’Imana no kurizirikana

Kwama dusenga Yehova bivuye ku mutima

Rm 12:12; Kl 4:2; 1Pt 4:7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Dn 6:​4-11—Umuhanuzi Daniyeli yarabandanije gusenga ku mugaragaro adahorereza naho abansi barondera kumugirira nabi

    • Mt 26:​36-46; Heb 5:7—Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze kw’isi, yaratakambiye Yehova, aremesha n’abandi kugira ukwo nyene

Kwama dusenga turi kumwe n’abo dusangiye ukwizera

Kuguma tuzirikana imihezagiro Yehova adusezeranira

Kuguma dukomeza urukundo dufitiye Yehova, abavukanyi bacu n’ubugororotsi

Gukomeza ukwizera kwacu

Kuguma tubona imibabaro mu buryo bwiza

Ni ivyiza ibihe biva ku kwihangana?

Turatera iteka Yehova Imana

Img 27:11; Yoh 15:​7, 8; 1Pt 1:​6, 7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yb 1:​6-12; 2:​3-5—Shetani yabwiye Yehova ko Yobu adashobora kuguma ari intahemuka. Ukwihangana kwa Yobu ni kwo kwonyene kwokwerekanye ko Shetani ari umubeshi

    • Rm 5:19; 1Pt 1:​20, 21—Kuba Yezu yarihanganye gushika kw’iherezo, vyarishuye iki kibazo gihambaye: Umuntu atunganye yoba ashobora gukora ivyo Adamu atashoboye gukora, akaguma ari intahemuka mu bigeragezo bigoye cane?

Turaremesha abandi kwihangana

Ukwihangana kuratuma igikorwa cacu kivamwo ivyiza

Yehova aradushima akongera akaduhezagira nk’uko yabidusezeraniye