Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukwizera

Ukwizera

Tuzi gute ko ukwizera ari ikintu gihambaye cane kuri Yehova?

Yoh 3:​16, 18; Gl 3:​8, 9, 11; Ef 6:16; Heb 11:6

Raba kandi 2Kr 5:7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Heb 11:1–12:3—Intumwa Pawulo yarasiguye ico ari co ukwizera yongera aravuga uburorero bwinshi bw’abagaragaje ukwizera, kuva kuri Abeli gushika kuri Yezu Kristu

    • Yak 2:​18-24—Yakobo yarafatiye ku karorero ka Aburahamu mu kwerekana ko ukwizera gutegerezwa kujana n’ibikorwa

Ni ibiki bizodufasha gukomeza ukwizera kwacu?

Rm 10:​9, 10, 17; 1Kr 16:13; Yak 2:17

Raba kandi Heb 3:​12-14

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Ng 20:​1-6, 12, 13, 20-23—Igihe abasavyi b’Imana bari bageramiwe n’igitero gikomeye, umwami Yehoshafati yababwiye ko kugira bibagendere neza bategerezwa kwizera Yehova n’abahanuzi biwe

    • 1Bm 18:​41-46—Umuhanuzi Eliya yarerekanye ukwizera mu kurindira yihanganye ko Yehova ashitsa umuhango wiwe wo gukuraho uruzuba rwari rumaze igihe kirekire