Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intuntu yo kubura abacu

Intuntu yo kubura abacu

Ni uburorero ubuhe bwo muri Bibiliya bwerekana ko ari ibisanzwe gutuntura igihe ubuze uwawe?

Ni igiki cerekana ko Yehova ashashaye guhoza abagandaye?

Kumenya ingene abapfuye bamerewe bishobora gute kuturemesha?

Ums 9:​5, 10; 1Ts 4:13

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 20:​37, 38—Yezu yarerekanye neza ko izuka atari umugani, ku buryo imbere y’Imana abapfuye ari nk’aho ari bazima

    • Yoh 11:​5, 6, 11-14—Igihe Lazaro umugenzi wa Yezu yapfa, Yezu yagereranije urupfu n’itiro

    • Heb 2:​14, 15—Intumwa Pawulo yerekanye ko tudakwiye kwemera kuba abaja kubera ugutinya urupfu

Kubera iki izina umuntu asiga iyo apfuye riruta iryo aba afise akivuka?

Bibiliya idondora gute urupfu, kandi Imana izokora iki ku bijanye n’urupfu?

Twemezwa n’iki ko hazoba izuka muri kazoza?

Yes 26:19; Yoh 5:​28, 29; Ivk 24:15

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Bibiliya iratubwira abantu icenda bazutse, umunani muri bo bazukira kuba kw’isi. Imwe yose muri zo irahoza ikongera igaha icizigiro ababuze ababo

      • 1Bm 17:​17-24—Umuhanuzi Eliya yarazuye umwana w’umupfakazi w’i Zarefati, igisagara cari i Sidoni

      • 2Bm 4:​32-37—Umuhanuzi Elisha yarazuye umwana w’umuhungu mu gisagara c’i Shunemu, maze amusubiza abavyeyi biwe

      • 2Bm 13:​20, 21—Umugabo umwe yari ahejeje gupfa yarazutse igihe ikiziga ciwe cakora ku magufa y’umuhanuzi Elisha

      • Lk 7:​11-15—Hafi y’igisagara citwa Nayini, Yezu yarahagaritse abagiye guhamba maze azura umuhungu w’umupfakazi

      • Lk 8:​41, 42, 49-56—Yezu yarazuye umukobwa wa Yayiro, umukuru w’isinagogi

      • Yoh 11:​38-44—Yezu yarazuye umukunzi wiwe somambike Lazaro maze bashikiwe Marita na Mariya basubira kumubona

      • Ivk 9:​36-42—Intumwa Petero yarazuye umukirisu yakundwa yitwa Doruka yari azwi kubera ivyiza yakorera abandi

      • Ivk 20:​7-12—Intumwa Pawulo yarazuye umusore yitwa Eyutiko yakorotse avuye kw’idirisha arapfa

    • Yezu Kristu yarazutse aba ikiremwa c’impwemu kidapfa, ivyo bikaba bituma ivyo Imana yasezeranye vyose bizoranguka

    • Yezu ni we yatanguye kuzukira ubuzima bwo mw’ijuru agahabwa ukudapfa, ariko hariho n’abandi. Ba bayoboke biwe 144.000 barobanuwe bazuka muri ubwo buryo nyene

Twofasha gute ababuze ababo?