Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amazina y’icubahiro

Amazina y’icubahiro

Abakirisu boba bakwiye gukoresha amazina y’icubahiro mu vy’ugusenga?

Yoh 5:41

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Lk 18:​18, 19—Yezu naho yari mwiza, yaranse guhabwa izina ry’icubahiro «Mwigisha mwiza», avuga ko Yehova ari we wenyene ari mwiza

Kubera iki abakirisu birinda guhamagara abantu amazina y’icubahiro y’ivy’idini nk’aya ngo «data» canke «indongozi»?

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 23:​9-12—Yezu yaratubujije gukoresha amazina y’icubahiro nk’aya ngo «data» canke «indongozi»

    • 1Kr 4:​14-17—Naho intumwa Pawulo yari nk’umuvyeyi kuri benshi, nta ho yigeze yitwa data Pawulo canke irindi zina nk’iryo

Kubera iki bibereye ko abakirisu bitana abavukanyi kandi bagafatana nk’abavukanyi nyene?

Mt 23:8

Raba kandi Ivk 12:17; 18:18; Rm 16:1

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Mt 12:​46-50—Yezu yaratomoye yuko abo bose basenga Yehova ari benewabo na bashikiwe

Kubera iki bibereye ko abakirisu bakoresha amazina y’icubahiro y’abategetsi, abacamanza n’abandi bakuru?

Rm 13:​1, 7; 1Pt 2:17

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Ivk 26:​1, 2, 25—Igihe intumwa Pawulo yavugana n’abategetsi, nka Agiripa na Fesito, yarakoresheje amazina yabo y’icubahiro