Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kwicisha bugufi

Kwicisha bugufi

Yehova abona gute abicisha bugufi n’abishira hejuru?

Zb 138:6; Img 15:25; 16:​18, 19; 22:4; 1Pt 5:5

Raba kandi Img 29:23; Yes 2:​11, 12

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Ng 26:​3-5, 16-21—Umwami Uziya yarishize hejuru, ararenga ku mategeko y’Imana yongera arashavura igihe yahanurwa. Ivyo vyatumye Imana imuteza imibembe

    • Lk 18:​9-14—Yezu yarakoresheje ikigereranyo mu gusigura ukuntu Yehova abona amasengesho y’abishira hejuru n’ay’abicisha bugufi

Yehova afata gute abigaya babikuye ku mutima kandi bicishije bugufi?

2Ng 7:​13, 14; Zb 51:​2-4, 17

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Ng 12:​5-7—Umwami Rehobowamu n’abatware bo mu Buyuda baricishije bugufi imbere ya Yehova maze arabakiza

    • 2Ng 32:​24-26—Wa mwami mwiza Hezekiya yarishize hejuru ariko Yehova aramubabarira aho amariye kwicisha bugufi

Kwicisha bugufi bidufasha gute kugiranira imigenderanire myiza n’abandi?

Ef 4:​1, 2; Fp 2:3; Kl 3:​12, 13

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 33:​3, 4—Yakobo yaricishije bugufi cane mu kuntu yaramukije mwenewabo Esawu yahora amufitiye urwanko, bica bigarukana amahoro hagati yabo

    • Abc 8:​1-3—Umucamanza Gideyoni yaricishije bugufi avuga ko abagabo b’i Efurayimu bamusumba, ivyo bica bihwamika ishavu bari bafise, bikinga amatati

Yezu Kristu yerekanye gute ko bihambaye ko twicisha bugufi?

Mt 18:​1-5; 23:​11, 12; Mr 10:​41-45

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yes 53:7; Fp 2:​7, 8—Nk’uko vyari vyaravuzwe, Yezu yaricishije bugufi aremera kuza ng’aha kw’isi, aremera n’urupfu rubabaje kandi rw’agateterwe

    • Lk 14:​7-11—Yezu yarakoresheje ikigereranyo c’ibibanza vyo kwicaramwo mu rubanza kugira yerekane agaciro ko kwicisha bugufi

    • Yoh 13:​3-17—Yezu yarasigiye abigishwa biwe akarorero ko kwicisha bugufi mu kwoza ibirenge intumwa ziwe, kikaba cari igikorwa kigenewe abasuku

Kwibona mu buryo bubereye no kubona abandi mu buryo bubereye, bidufasha gute kwicisha bugufi?

Kubera iki ukwicisha bugufi kw’uruhendo ata co kumaze?