Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuhumure

Ubuhumure

Kubera iki umukirisu akwiye kwihatira kuba uwuhumuye mu vy’impwemu?

Kumenya ivyo Bibiliya yigisha bidufasha gute kuba abahumuye mu vy’impwemu?

Abakuze mu myaka boba ari bo bonyene bashoboye kuba abahumuye mu vy’impwemu?

Yb 32:9; 1Tm 4:12

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Dn 1:​6-20—Daniyeli na ba bagenziwe batatu barerekanye ko bahumuye kandi ko ari intahemuka kuri Yehova naho bari bakiri bato

    • Ivk 16:​1-5—Timoteyo yarajejwe ibanga rihambaye naho yari agifise nk’imyaka 20 canke idashika

Abagenzi beza bo mw’ishengero bashobora gute kudufasha kuba abahumuye?

Ni ibiki vyerekana ko turi abakirisu bahumuye?

Kubera iki umukirisu ahumuye akwiye kurondera kuzezwa amabanga yiyongereye mw’ishengero?

Ni uburyo bumwe ubuhe twoba abahumuye n’abahanga mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha?

Lk 21:​14, 15; 1Kr 2:​6, 10-13

Raba kandi Lk 11:13

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Mt 10:​19, 20—Yezu yarakuye amazinda abigishwa biwe yuko impwemu nyeranda yobafashije kumenya ingene boshinga intahe baramutse bashengejwe