Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imbabazi

Imbabazi

Imbabazi zigizwe n’iki?

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Zb 51:​1, 2—Igihe umwami Dawidi yasaba imbabazi Yehova, yipfuza ko yomuharira ibicumuro vyiwe, akamuhumanura

    • Lk 10:​29-37—Yezu yaratwigishije imbabazi mu kuvuga inkuru y’Umusamariya yitwararitse Umuyuda akamugirira neza

Kubera iki abantu bose bakeneye imbabazi?

Ni akarorero akahe Yehova atanga ku bijanye n’imbabazi?

Kv 34:6; Neh 9:17; Zb 103:8; 2Kr 1:3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yb 42:​1, 2, 6-10; Yak 5:11—Yehova yaragiriye imbabazi Yobu, amwigisha no kuzigirira abandi

    • Lk 15:​11-32—Yezu yarerekanye ingene Yehova agira imbabazi mu gutanga akarorero k’umuvyeyi yagiriye imbabazi umwana wiwe w’ikigaba

Kubera iki Yehova atugirira imbabazi?

Inkuka ya Kristu ifasha iki mu bijanye no guharirwa ibicumuro?

Kubera iki dukwiye gusaba imbabazi kandi tukama tuzikenguruka?

Lk 11:​2-4; Heb 4:16

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Zb 51:​1-4—Igihe umwami Dawidi yari ababajwe cane n’igicumuro yakoze, yaricishije bugufi asaba Yehova imbabazi

    • Lk 18:​9-14—Yezu yarakoresheje ikigereranyo kugira yerekane ko Yehova agirira imbabazi abicisha bugufi bakemera amakosa bakora

Kubera iki n’abakoze ibicumuro bikomeye bashobora kwizigira kubabarirwa?

Gus 4:​29-31; Yes 55:7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Ng 33:​9-13, 15—Naho Manase yari umwami mubi cane, yarigaye arasaba imbabazi. Yarasubiye ku ngoma kandi ivyo yahavuye akora vyarerekanye ko yari yarahindutse vy’ukuri

    • Yon 3:​4-10—Naho Abanyaninewe bari inkazi cane bakaba n’abicanyi, barigaye maze Imana irabaharira

Kubera iki dukwiye kwatura ibicumuro vyacu kandi tugahindura ingendo kugira Yehova atugirire imbabazi?

Imbabazi za Yehova ntizituma tudahanwa namba canke tudashikirwa n’ingaruka z’ibicumuro vyacu

Kubera iki dukwiye kugira imbabazi?

Kutagirira imbabazi abandi bishobora kugira ingaruka izihe ku bucuti dufitaniye na Yehova?

Mt 9:13; 23:23; Yak 2:13

Raba kandi Img 21:13

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 18:​23-35—Yezu yarakoresheje ikigereranyo cerekana ko uwutagirira imbabazi abandi, na we nyene Yehova atazozimugirira

    • Lk 10:​29-37—Iki kigereranyo kizwi cane kirerekana ko Yehova na Yezu badashima abantu batagirira abandi imbabazi, ariko bagashima abigana wa Musamariya w’imbabazi

Yehova afata gute abanyembabazi?