Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gufatwa nabi

Gufatwa nabi

Dushobora kwiyumva gute igihe abandi badufashe nabi?

Zb 69:20; Img 18:14; Ums 4:​1-3; Ml 2:​13-16; Kl 3:21

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Sm 10:​1-5—Umwami Dawidi yaritwararitse bimwe bidasanzwe abasoda biwe bari bateterejwe cane n’abansi babo, naho ata co bari babaye ku mubiri

    • 2Sm 13:​6-19—Igihe Amunoni yafata ku nguvu Tamari akongera akamutetereza mu kumwirukana, Tamari yararize cane, yitaburirako n’impuzu

Ni igiki kitwereka ko iyo umuntu yafashwe nabi Yehova aba abizi neza, kandi azokora iki?

Yb 34:​21, 22; Zb 37:​8, 9; Yes 29:​15, 19-21; Rm 12:​17-21

Raba kandi Zb 63:​6, 7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 25:​3, 14-17, 21, 32-38—Umugabo akaze kandi atukana yitwa Nabali yaratutse Dawidi, aba ashize mu kaga urugo rwiwe. Yehova yaramuhanye arapfa

    • Yer 20:​1-6, 9, 11-13—Igihe umuherezi yitwa Pashuri yakubita Yeremiya agaca amushira mu mpatane z’ibiti, Yeremiya yabanje gucika intege, mugabo Yehova yararemesheje uwo muhanuzi wiwe yongera aramukiza