Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inabibondo

Inabibondo

Ni amabanga ayahe inabibondo ajejwe?

Img 31:​17, 21, 26, 27; Tt 2:4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 21:​8-12—Igihe Sara yabona Ishimayeli ariko arafata nabi Izahaki, yaciye asaba Aburahamu gukingira uwo muhungu wabo

    • 1Bm 1:​11-21—Batisheba amaze kumenya ko ubwami hamwe n’ubuzima bw’umuhungu wiwe Salomo bigeramiwe, yaciye atakambira umwami Dawidi ngo agire ico akoze

Kubera iki abana bakwiye kwumvira no kwubaha ba nyina babo?

Kv 20:12; Gus 5:16; 27:16; Img 1:8; 6:​20-22; 23:22

Raba kandi 1Tm 5:​9, 10

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Pt 3:​5, 6—Intumwa Petero yasiguye ko Sara abera nyina abakobwa benshi kubera ukwizera kwiwe

    • Img 31:​1, 15, 21, 28—Nyina w’umwami Lemuweli yaramuhaye impanuro zihambaye zerekeye umubano w’abubatse n’uruhara ruhambaye rw’umukenyezi na inabibondo

    • 2Tm 1:5; 3:15—Intumwa Pawulo ahumekewe n’Imana, yaravuze neza Enise nyina wa Timoteyo kubera ko yigishije Timoteyo Ivyanditswe kuva mu buhinja naho umugabo wiwe atasenga Yehova