Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kugamburuka

Kugamburuka

Kubera iki kugamburuka bihambaye cane?

Kv 19:5; Gus 10:​12, 13; Ums 12:13; Yak 1:22

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 15:​17-23—Umuhanuzi Samweli yarakosoye umwami Sawuli kubera ko atagamburukiye Yehova, aca arashimika ku kamaro ko kugamburuka

    • Heb 5:​7-10—Naho Yezu yamye ari Umwana w’Imana atunganye, imibabaro yamushikiye kw’isi yaramwigishije kugamburuka

Umukirisu akwiye gukora iki igihe abategetsi bamusavye kugambararira Imana?

Ivk 5:29

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Dn 3:​13-18—Abaheburayo batatu b’intahemuka baranse kwunamira igishusho cashinzwe n’umwami Nebukadinezari, naho vyari gutuma bahasiga ubuzima

    • Mt 22:​15-22—Yezu yerekanye yuko abigishwa biwe bagamburukira abategetsi, kiretse gusa babasavye kugambararira Yehova Imana

    • Ivk 4:​18-31—Intumwa zarabandanije kwamamaza n’umutima rugabo n’igihe abategetsi bazibuza kubikora

Dukwiye gukora iki kugira tugume tugamburuka amategeko ya Yehova?

Gus 6:​1-5; Zb 112:1; 1Yh 5:​2, 3

Raba kandi Zb 119:​11, 112; Rm 6:17

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Ezr 7:​7-10—Umuherezi w’intahemuka Ezira yarateguye umutima wiwe kugira afate iya mbere mu kugamburuka amategeko y’Imana no mu kuyigisha abandi

    • Yoh 14:31—Yezu yaravuze igituma akora ivyo Se amutegeka

Ni igiki gikwiye kutuvyurira umutima wo kugamburukira Yehova na Yezu?

Kugamburuka vyerekana gute ko dufise ukwizera?

Rm 1:5; 10:​16, 17; Yak 2:​20-23

Raba kandi Gus 9:23

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 6:​9-22; Heb 11:7—Nowa yaragaragaje ukwizera mu kwubaka ubwato nk’uko Yehova yamutegetse, «akora gutyo nyene»

    • Heb 11:​8, 9, 17—Aburahamu yaragaragaje ukwizera mu kugamburuka igihe Yehova yamutegeka kuva i Uri n’igihe yamutegeka gutanga umwana wiwe nk’ikimazi

Yehova ahezagira gute abamugamburukira?

Yr 7:23; Mt 7:21; 1Yh 3:22

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

Kugambarara bigira ingaruka izihe?

Rm 5:19; 2Ts 1:​8, 9

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 2:​16, 17; 3:​17-19—Kubera ko Adamu na Eva bagambarariye Yehova Imana, baratakaje akaryo ku kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ari abantu batunganye

    • Gus 18:​18, 19; Ivk 3:​12, 18, 22, 23—Yehova yaravuze ko hoje Umuhanuzi aruta Musa, arerekana ko kumugambararira vyovuyemwo ingaruka zibabaje

    • Yud 6, 7—Ba bamarayika b’abagarariji hamwe n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora barashavuje Yehova kubera bagambaraye

Kubera iki dukwiye kugamburukira Yezu Kristu?

It 49:10; Mt 28:18

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

Kubera iki abakirisu bagamburukira abahagarikizi b’amashengero?

Kubera iki umugore mukirisu akwiye kuyobokera umugabo wiwe?

Kubera iki abana bakwiye kugamburukira abavyeyi babo?

Img 23:22; Ef 6:1; Kl 3:20

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 37:​3, 4, 8, 11-13, 18—Yozefu akiri muto yaragamburukiye se araja kuraba benewabo naho bamwanka

    • Lk 2:51—Yezu yagumye agamburukira Yozefu na Mariya, naho we yari atunganye ariko abo bavyeyi biwe bakaba batari batunganye

Kubera iki ari vyiza kugamburukira abakoresha n’igihe abandi bataba bariko baratubona?

Kubera iki abakirisu bagamburukira abategetsi?